bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 1
Deuteronomy 1
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 2 →
1
Aya ni yo majambo Mose yabaririye Abisirayeli bose hakuno ya Yorodani mu bugaragwa, mu kiyaya citwa Araba, aharābana n’i Sufu, hagati y’i Parani n’i Tofeli n’i Labani n’i Haseroti n’i Di‐zahabu.
2
Uvuye i Horebu, ukaja ī Kadeshi‐baruneya, uciye ku musozi Seyiri, n’urugendo rw’ imisi cumi n’umwe.
3
Mu mwaka wa mirongwine, mu kwezi kw’icumi na rimwe, ku musi wakwo wa mbere, ni ho Mose yabaririye Abisirayeli ivyo Uhoraho yamugeze kubabgira vyose;
4
amaze gutsinda Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni, na Ogi umwami w’i Bashani yaba ahitwa Ashitaroti n’ahitwa Edireyi.
5
Hakuno ya Yorodani, mu gihugu c’i Mowabu, ni ho Mose yatanguriye gusobanura ibi vyagezwe,
6
at’ Uhoraho Imana yacu yatubaririye i Horebu, at’ Igihe mumaze kur’ uyu musozi kirahāgīje:
7
ni mukebanuke, mufate inzira, muje mu mugamba w’Abamori n’ahandi hose hahereranye na ho mu kiyaya citwa Araba, hose mu mugamba n’ahaciye bugufi, n’i Negebu, no mu kiyaya c’ikiyaga mu gihugu c’Abanyakanani, n’i Lebanoni, muze murinde mushitsa ku ruzi runini Efurate.
8
Ati Nuko rāba, igihugu ndakibashize imbere, ni mucinjire, mucegukire, igihugu jewe Uhoraho narahiye ba sogokuruza banyu, Aburahamu na Isaka na Yakobo, ko nzobaha, bo n’uruvyaro rwabo ruzobakurikira.
9
Maze nanje ico gihe narababgiye, nti Sinshobora kubaterura jenyene.
10
Nt’ Uhoraho Imana yanyu yarabagwije, non’ ehe rāba munganya ubginshi n’inyenyeri zo kw ijuru.
11
Nt’ Uhoraho, Imana ya ba sogokuruza, arakabagwiza gushitsa ibihetangabo igihumbi, abahezagire, nk’uko yabasezeraniye!
12
Nti None noshobora nte guterura jenyene ukugorana kwanyu n’uburemerezi bganyu n’ ugutongana kwanyu?
13
Nti Ni mutoranye mu miryango yanyu abantu b’ubgenge, bazi gusobanukirwa, bamenyekana, ndabagire abakuru bo kubaganza.
14
Namwe muranyishura, mut’ Inama yawe ni nziza.
15
Nuko rero ntoranya abakuru mu miryango yanyu, abantu b’ubgenge bamenyekana, mbagira abakuru bo kubaganza, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi, ngo babarōngōre nk’ukw imiryango yanyu ingana.
16
Kandi mur’ ico gihe nihanikirije abacamanza banyu, nti Ni mwumvirize imanza za bene wanyu, mucire urw’ ukuri umuntu na mugenzi we, cank’ umuntu avuganye n’umunyamahanga aba i we.
17
Nti Ntimuze muce urwa nkunzi, nt’ Ariko muze mwumvirize aboroshe n’abahambaye, mubanganye: nti Ntimuze mutinye umuntu ku kigohe, kukw imanza ar’ iz’ Imana. Nti Kand’ urubanza ruzobananira, muze murunzanire, ndarwumvirize, ndaruce.
18
Nukw ico gihe nabageze ivyo mukwiye gukora vyose.
19
Nuko tuvuduka i Horebu, duca muri bga bugaragwa bunini buteye ubgoba, turaburangiza, nk’ uko mwabibonye; tujana inzira irora mu mugamba w’Abamori, nk’uk’ Uhoraho Imana yacu yatugeze; dushika i Kadeshi‐baruneya.
20
Maze ndababarira, nt’ Aha mushitse ni mu mugamba w’Abamori, igihugu Uhoraho Imana yacu aduhaye.
21
Nti Rāba, Uhoraho Imana yanyu ico gihugu akibashize imbere; nti Dūga mucinjire, nk’uk’ Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yababariye; nti Ntimutinye, ntimuranduke imitima.
22
Maze muraheza mwese muza kuri jewe, mut’ Enda dutume abatasi, babanze kudutatira ico gihugu, bagaruke batubarire inzira twodūgana, n’ibisagara tuzoshikirak’ uko bimeze.
23
Iyo nama nca ndayishima, mbatoranyamw’ abantu cumi na babiri, umwe‐umwe ukw imiryango yanyu ingana.
24
Bafata inzira, badūga uwo mugamba, bashika mu gihogoro citwa Eshikoli, barahatata.
25
Bamura ku vyo ico gihugu cama, barabituzanira, batubarira inkuru, bat’ Igihugu Uhoraho Imana yacu aduhaye ni ciza.
26
Yamara mweho ntimwemera kudūga, muragarariza, mwanka icagezwe c’Uhoraho Imana yanyu.
27
Mwidodombera mu mahema yanyu, mut’ Uhoraho kukw atwanka, ni co catumye adukūra mu gihugu ca Egiputa, ngw adutange mu maboko y’Abamori, baturandure.
28
Muti None tudūga tuja hehe? Muti Bagenzi bacu ko baturanduye imitima, ngw Abantu baho ni banini, kandi baradusumba; ngw Ibisagara vyabo ni binini, bizitijwe inzitiro z’ amabuye zigera mw ijuru; ngo Mbere babonyeyo n’Abanaki.
29
Maze nca ndababarira, nti Ntimuranduke imitima, kandi ntimubagirire ubgoba.
30
Nt’ Uhoraho Imana yanyu, umwe ahora abaja imbere, ni we azobarwanira, nk’uko mwabonye ivyo yabakoreye vyose muri Egiputa,
31
no mu bugaragwa, aho Uhoraho Imana yanyu yagenda abaterura nk’ uko mubizi, nk’uk’ umugabo aterura umwana wiwe, mu rugendo mwagenze rwose, nti Gushitsa aho mwashikiye aha hantu.
32
Ariko naho vyabaye birtyo, ntimwizeye Uhoraho Imana yanyu,
33
yahora abaja imbere mu nzira, kugira ngw abaronderere aho mushinga amahema, mw ijoro akagendera mu muriro, kugira ngw abereke inzira mukwiye gucamwo, ku murango akagendera mu gicu.
34
Maz’ Uhoraho yumvise amagambo yanyu, araraka, ararahira,
35
ati N’ukuri hakazogira n’umwe wo mur’ aba bantu b’uru runganwe rw’ abanyakibi, azobona igihugu ciza narahiye ko nzoha ba sekuruza;
36
Ati Shiti Kalebu mwene Yefune, uyo we azokibona, ati Kandi nzomuha igihugu yaciyemwo, ndagihe n’uruvyaro rwiwe, ati Kuko yankurikiye muri vyose jewe Uhoraho.
37
Nanje, Uhoraho yandakiye kubganyu, ati Nawe ntuzokijamwo;
38
ati Yosuwa mwene Nuni, wa mutumwa wawe, ni we azokijamwo, ati Nuk’ umuremeshe, kukw ari we azocinjiza Abisirayeli.
39
Ati Kand’ ibibondo vyanyu, ivyo muvuze ko bizoba abanyagano, n’abana banyu bataraca ubgenge ngo batandukanye ikibi n’iciza, ni bo bazokijamwo, ni bo nzogiha, bacegukire.
40
At’ Ariko mwebge ni muhindukire, muje mu bugaragwa, mujane inzira ija ku Kiyaga Gitukura.
41
Maze murambarira, muti Koko twacumuye k’Uhoraho: turadūze, turwane, nk’uk’ Uhoraho Imana yacu yatubariye nyene. Nuko mwese muhagatira ibirwanishwa vyanyu, mupfa kugāgaza ngo mudūge uwo mugamba.
42
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Babgire uti Ntimudūge, kandi ntimurwane, kuko ntari muri mwebge, mwoye gutsindwa n’abansi banyu.
43
Nuko ndabibabarira, ntimwavyumvira, ariko mugarariza ijambo ry’Uhoraho, mupfa guhāngāra, mudūga uwo mugamba.
44
Abamori babayo barabatega, barabarwanya, barabakinagiza, nk’ukw inzuki zikinagiza umuntu, babīca urugenda, kuva i Seyiri gushitsa i Horuma.
45
Maze mugarutse, muririra imbere y’Uhoraho, ariko we ntiyashira umutima ku vyanyu, canke ngw abatege amatwi.
46
Nuko mumara igihe kirekire i Kadeshi, nk’uko mubizi.
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 2 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34