bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 3
Deuteronomy 3
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 4 →
1
Turaheza turakebanuka, tujana inzira idūga i Bashani; maze Ogi umwami waho aza kudutega bo n’ingabo ziwe zose, turumanira ahitwa Edireyi.
2
Uhoraho arambarira, ati Ntimumutinye, kuko mmugabuye mu maboko yanyu, bo n’abantu biwe bose n’igihugu ciwe; namwe muze mumugirire nk’ivyo mwagiriye Sihoni umwami w’Abamori yaba i Heshiboni.
3
Nuk’ Uhoraho Imana yacu arongera agabura na Ogi umwami w’i Bashani na we mu maboko yacu, bo n’ingabo ziwe zose; turamwica, ntitwasiga n’ uwa kirazira mu bantu biwe.
4
Duca tunesha ibisagara vyiwe vyose, nta gisagara cabo na kimwe tutanesheje mu bisagara vyose ukw ari mirongwitandatu mu ntāra yose yo muri Arugobu i Bashani, mu gihugu ca Ogi.
5
Ivyo bisagara vyose vyari bikīkūjwe n’inzitiro ndende z’amabuye zirikw inzugi zugarijwe ibihindizo; hāri n’ibindi bisagara vyinshi cane bitāgira inzitiro.
6
Turabigeseza rwose, nk’uko twāgize kwa Sihoni umwami w’i Heshiboni, tugeseza igisagara cose, uhereye ku bagabo n’abagore n’ abana.
7
Arikw amasho yose ni yo twānyaze, bo n’ivyo twasahuye mur’ ivyo bisagara.
8
Mur’ ico gihe uko ni ko twegukiye ivyo bihugu vy’abo bami b’ Abamori bompi bāri hakuno ya Yorodani, uhereye ku mwonga wo kuri Arunoni ugashitsa ku musozi Herumoni.
9
(Uwo musozi Herumoni, Abasidoni bawita Siriyoni, Abamori bawita Seniri);
10
twegukira n’ibisagara vyo mu kiyaya cose, n’i Gileyadi hose, n’i Bashani hose, gushitsa i Saleka n’ahitwa Edireyi, ibisagara vy’i Bashani mu gihugu ca Ogi.
11
(Kand’ uyo Ogi, umwami w’i Bashani, ni we wenyene yar’ agasigarira k’Abarefa. Uburiri bgiwe bgar’ ubg’ icuma: mbega ntibukir’ i Raba mu Bamoni no kugeza n’ubu? Uburebure bgabgo bgar’ amatambge cenda y’ukuboko uciriye mu nkokora, ubgaguke bgar’ amatambge ane, nk’ukw itambge ry’ ukuboko risanzwe rireha.)
12
Ico gihe tumaze gushikīra ico gihugu, ngiha Abareyubeni n’ Abagadi, uhereye kuri Aroweri ho ku mwonga wo kuri Arunoni, n’ igice c’umugamba w’i Gileyadi, bo n’ibisagara vyaho;
13
igihimba c’umuryango wa Manase ndagiha ikindi gice gisigaye c’i Gileyadi, n’i Bashani hose mu gihugu ca Ogi, ari yo ntāra yose yo muri Arugobu. Aho i Bashani hose bahita igihugu c’ Abarefa.
14
(Yayiri umwuzukuruza wa Manase ni we yanesheje iyo ntāra yose yo muri Arugobu, ari ho i Bashani, gushitsa ku rubibe rw’Abageshuri n’ Abanyamayaka: ibisagara vyaho avyitiranya n’izina ryiwe, avyita Havoti‐yayiri, nk’uko bicitwa na bugingo n’ubu.)
15
Nuko mpa Abamakiri i Gileyadi.
16
Abareyubeni n’Abagadi mbaha igihugu uhereye i Gileyadi ugashitsa ku mwonga wo kuri Arunoni, urubibe rukajana uwo mwonga gushitsa ku ruzi Yaboki, ari rwo rubibe rugarukirakw Abamoni;
17
kandi mbaha n’ikiyaya Araba, urubibe rugarukira kuri Yorodani, uhereye i Kinereti, ugashitsa ku kiyaga co mur’ ico kiyaya Araba, ari co Kiyaga c’Umunyu, kiri musi y’ agahanamo ka Pisiga ahahera i burasirazuba.
18
Mur’ ico gihe ndababarira, nt’ Uhoraho Imana yanyu abahaye iki gihugu ngo mukiganze; nt’ Abahizi mwese ni mujabuke, mwitwaje ibirwanishwa, muje imbere y’Abisirayeli bagenzi banyu.
19
Nt’ Arikw abagore banyu n’ abana banyu n’inka zanyu bisigare mu bisagara vyanyu mbahaye: nti Ndazi ko mufise inka nyinshi.
20
Nti Muze mushitse aho Uhoraho azohēra bagenzi banyu gushika hasi nk’uko namwe yabibahaye, bakinjira igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye hakurya ya Yorodani; nti Maze muze mubone kugaruka, umuntu wese mw ishamvu yiwe nabahaye.
21
Mur’ ico gihe mbarira Yosuwa, nt’ Amaso yawe yiboneye ivyo vyose Uhoraho Imana yanyu yagiriye ba bami bompi: nt’ Uko ni kw azogirira abami bose b’ibihugu mugiye kujamwo hakurya.
22
Nti Ntimuze mubatinye; nti Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we azobarwanira.
23
Ico gihe ninginga Uhoraho,
24
nt’ Uhoraho Bgirukiro, jewe umusavyi wawe utanguye kunyereka ububasha bgawe n’ubushobozi bgawe buhambaye. Nti Mbega har’ iyindi mana, yaba iyo mw ijuru canke mw isi, yoshobora gukora ibikorwa n’ibihambaye bihwanye n’ivyo ukora?
25
Nti Ndakwinginze, nyemerera njabuke ndābe ico gihugu ciza co hakurya ya Yorodani, n’uriya mugamba waho mwiza, n’i Lebanoni.
26
Arik’ Uhoraho arandakira kubganyu, ntiyanyemerera; arambarira, at’ Ugeze ngaho: ntiwongere kumbarira iryo jambo.
27
At’ Uradūga ku mpinga ya Pisiga, utereze amaso, urābe i burengerazuba n’i burārūko n’i bumanuko n’i burasirazuba, uharābishe amaso, kuk’ uru Yorodani utazorujabuka.
28
Arik’ uhanūre Yosuwa, umuremēshe, umutēre gushikama, kukw ari we azorujabuka arōngōye abo bantu, akabinjiza igihugu uzoja kurāba.
29
Nuko tuguma ku mwonga aharābana n’i Beti‐peyori.
← Chapter 2
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 4 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34