bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 21
Deuteronomy 21
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 22 →
1
Ni mwasanga umuntu yishwe, arambaraye mu gahinga, muri mu gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye ngo mucegukire, uwamwishe ntamenyekane;
2
abakuru n’abacamanza bo muri mwebge baze bagende, bahēre ah’ uwo muvyimba uri, batambuke intambge bashike ku bisagara biri hafi y’ah’ uwo muntu yiciwe;
3
maz’ igisagara kizorusha ibindi kuba hafi yaho, abakuru bo mur’ ico gisagara baze bazane inka y’ishashi bakūye mu busho, itigeze gukoreshwa igikorwa, canke ngw isangire ingōgo n’iyindi, zikwega ikintu;
4
bayimanukane mu mwonga ahar’ amazi atemba, hatagira indimiro cank’ imbibe, bayivunire izosi aho nyene mur’ uyo mwonga.
5
Maz’ abaherezi bo mu ruvyaro rwa Lewi bīgire hafi, kukw abo ari bo Uhoraho Imana yanyu yatoranije ngo bamuhereze, ngo bahezagire n’abantu mw izina ryiwe, kandi ni bo basanzwe baca imanza zose z’imiburano n’iz’ inguma.
6
Abakuru bose bo mu gisagara kirusha ibindi kuba hafi y’ah’ uwo muntu yiciwe, baze bakarabire kur’ iyo nka yavuniwe izosi mur’ uwo mwonga,
7
bavuge, bat’ Amaboko yacu si yo yavishije ayo maraso, kandi n’ amaso yacu ntiyabibonye.
8
Bat’ Uhoraho, harira abantu bawe Abisirayeli, abo wacunguye, kandi ntubahōre amaraso y’uwazize ubusa. Uko ni ko bazoharirwa ayo maraso,
9
kandi ni ko muzokūra amaraso y’uwazize ubusa hagati muri mwebge, ni mwakora ivyo Uhoraho abona kw ari vyiza.
10
Ni mwagenda gutera abansi banyu, Uhoraho Imana yanyu akabagabura mu maboko yanyu, mukabajana ar’ inyagano;
11
ni hagira ūbona mu banyagano umwigeme mwiza cank’ umugore, akamugomwa, akagomba kumwābīra;
12
az’ amujane i we, yimoshe, ace inzāra,
13
akūre impuzu yanyaganywe, agume mu rugo rwiwe, amare ukwezi kwose agandariye se na nyina; hanyuma abone kumwābīra, babane.
14
Hanyuma ni yabona atakimuhimbaye, az’ amureke agende iy’ agomba; ariko ntaz’ amugure amahera, canke ngw amucuranguze ukw agomba, kukw azoba yamaze kumwonona.
15
Umugabo ni yagira abagore babiri, umwe akaba inkundwakazi, uwundi akaba intabga, kandi bompi yabavyayeko, umuhungu w’imfura akaba uw’ intabga;
16
ni yagera kuraga, ntaz’ ahindure umwana w’inkundwakazi kuba uw’ imfura, mu gishingo c’uw’ intabga, kand’ ari we mfura koko.
17
Arikw akwiye kwerekana umwana w’ intabga kw ari we mfura, avyerekanishe kumuha imigabane ibiri y’ivy’ atunze vyose: kukw ari we buzibūra bgiwe; ibigerewe imfura n’ivyiwe.
18
Umuntu ni yagira umwana w’ intabarirwa w’ikigāba, atumvira se na nyina, naho bomukubita agakomeza kutumva;
19
se na nyina baze bamufate, bamushīre abakuru bo mu gisagara cabo kw irembo;
20
baheze babarire abo bakuru bo mu gisagara, bat’ Uyu mwana wacu n’intabarirwa kandi n’ikigāba, ntakunda kutwumvira; n’umunyangeso mbi kandi yama aborerwa.
21
Abagabo bose bo mu gisagara cabo baze bamwicishe amabuye: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge; Abisirayeli bose bazovyumva batinye.
22
Umuntu ni yakora icaha gikwiye kumwicisha, bakamwica, mukamumanika ku giti;
23
umuvyimba wiwe ntuz’ urāre kur’ ico giti, ariko ntimuze mubure kumuhamba kur’ uwo musi nyene: kuk’ ūmanitswe ku giti arik’ umuvumo w’Imana; nuko mumuhambe, kugira ngo ntimwanduze igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye kw ishamvu.
← Chapter 20
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 22 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34