bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 11
Deuteronomy 11
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 12 →
1
Nuko mukunde Uhoraho Imana yanyu, muze mwame mwitondera ivyo yabajeje, n’amabgirizwa yiwe, n’amatēka yashinze, n’ivyagezwe vyiwe.
2
Abana banyu batigeze kubimenya canke kubibona si bo mbarira; ariko mwebge uyu musi mumenye indero Uhoraho Imana yanyu yabatōje iy’ ari yo, n’ingen’ ar’ ūhambaye, mumenye n’ukuboko kwiwe kw’inkomezi kandi kwama kubanguye,
3
n’ibimenyetso vyiwe, n’ ibihambaye yakoreye muri Egiputa abigiriye Farawo umwami waho n’igihugu ciwe cose;
4
mumenye n’ivyo yagiriye ingabo z’Abanyegiputa n’amafarasi yabo n’imikogote yabo, ingene yatumye amazi y’Ikiyaga Gitukura abarenga hejuru igihe bābakurikira, n’ingen’ Uhoraho yabahoneje akagirire;
5
n’ivyo yabakoreye muri bga bugaragwa, gushitsa aho mwaziye aha hantu;
6
bo n’ivyo yagiriye Datani na Abiramu, bene Eliyabu Umureyubeni; uburyo isi yāsamye, ikabamirana n’ababo n’ amahema yabo n’abābakondōreye inyuma bose, bibera hagati muri mwebge Abisirayeli mwese.
7
Amaso yanyu yiboneye ivyo vyose bihambaye Uhoraho yakoze.
8
Ni co gituma mukwiye kwitondera ivyagezwe vyose mbagera uyu musi, kugira ngo mubone kugira inkomezi, mwinjire igihugu mugiye kujabukiramwo ngo mucegukire;
9
mubone kurambira mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha, bo n’ uruvyaro rwabo, igihugu gitemba amata n’ubūki.
10
Kukw igihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire kitameze nk’igihugu ca Egiputa mwavuyemwo, mwabibamw’ imbuto zanyu, mukazivomera munyongesheje ibirenge vyanyu, nk’uk’ umuntu avomera umurima w’imboga.
11
Arikw igihugu mugiye kujabukiramwo ngo mucinjire, n’igihugu kirimw’ imirambi n’imyonga, kinyoshwa n’ amazi y’imvura iva mw ijuru;
12
n’igihugu Uhoraho Imana yanyu yāmizak’ umutima, kand’ agihozakw ijisho, uhereye ku ntango y’umwaka ugashitsa kw iherezo ryawo.
13
Maze ni mwagira umwete wo kwumvira ivyagezwe mbagera uyu musi, mugakunda Uhoraho Imana yanyu, mukamukorera mubiherejekw imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose,
14
igihugu canyu azokirekurira imvura mu bihe vyayo, imvura y’agatāsi n’iy’ urushana, kugira ngo mubone kwimbura amasaka yanyu n’inzabibu zanyu za vino n’imyelayo yanyu y’amavuta.
15
N’amasho yanyu azoyamereza ubgatsi mu matongo yanyu, kandi muzokwama mu gahimbo.
16
Ariko mwirinde, imitima yanyu yoye gusukwa, mugakikama, mugasaba izindi mana, mukazisenga,
17
uburake bg’Uhoraho bukabaziriringira, agakinga ijuru kugira ngw imvura ntigwe, isi ntibe ikimerakw ibintu, mukazohava muhona bidatevye, mugashira mu gihugu ciza Uhoraho abahaye.
18
Nuko mubīke ayo majambo mvuze mu mitima yanyu no mu bugingo bganyu; muze muyahambīre ku maboko yanyu, ababere ikimenyetso, muyashire mu ruhanga nk’amambe, abe hagati y’amaso yanyu.
19
Muze muyigishe abana banyu, muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.
20
Muze muyandike ku bishimaryango vy’amazu yanyu no ku bikingi vy’amarembo,
21
kugira ngo mwe n’abana banyu muze mwame mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha, nk’ukw ijuru ryama rihagaze hejuru y’isi.
22
Ni mwagira umwete wo kwitondera ivyo vyagezwe vyose mbagera, mukabishitsa, mugakunda Uhoraho Imana yanyu, mukagendera mu nzira ziwe zose, mukifatanya na we akaramata;
23
Uhoraho na we azokwirukana ayo mahanga yose imbere yanyu, namwe muzokwinjira igihugu c’ amahanga abarusha ubginshi n’ inkomezi.
24
Ahantu hose muzokandagiza ibirenge hazoba ahanyu; urugabano rwanyu ruzohēra ku bugaragwa rushike i Lebanoni, ruhēre no kuri rwa ruzi, ari rwo Efurate, rushike ku kiyaga c’i burengerazuba.
25
Nta muntu n’ umwe azoshobora kubahagarara imbere; igihugu cose muzokandagiramwo, Uhoraho Imana yanyu azogitera ubgoba kubganyu, babatinye, nk’uko yababariye.
26
Rāba, uyu musi mbashize imbere umugisha n’umuvumo:
27
uwo mugisha muzowuhabga ni mwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, ivyo mbagera uyu musi;
28
uwo muvumo muzowuvumwa ni mutumvira ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, mugakikama mugata inzira mbagera uyu musi, mukagendanira izindi mana mutigeze kumenya.
29
Maz’ Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubashikana mu gihugu mugiye kwinjira, muze muvugire uwo mugisha ku musozi Gerizimu, kand’ uwo muvumo muze muwuvugire ku musozi Ebalu.
30
Mbega ntimuzi iyo misozi kw iri hakurya ya Yorodani, hirya y’inzira itumbereye i burengerazuba, mu gihugu c’ Abanyakanani baba mu kiyaya citwa Araba, aharābana n’i Gilugali, i ruhande y’ibiti vy’imyeloni vya More?
31
Kuko mugiye kujabuka Yorodani, mukinjira igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye; nuko ni mwamara kucegukira, mukakibamwo,
32
muze mwitondere amabgirizwa yose n’ ivyashinzwe nshize imbere yanyu uyu musi, mubishitse.
← Chapter 10
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 12 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34