bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 18
Deuteronomy 18
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 19 →
1
Abaherezi, ari bo Balewi, mber’ umuryango wa Lewi wose, ntibaze bagire umugabane cank’ ishamvu mu Bisirayeli: ariko baze batungwe n’ibimazi bizanirwa Uhoraho vyo gutōngōrwa n’umuriro, n’ibindi yagerewe.
2
Ntibaze bagire ishamvu mu b’i wabo: Uhoraho ni we shamvu yabo, nk’uko yababariye.
3
Uyu az’ abe ari wo uba umwanya w’abaherezi abantu bakwiye kuzohora babakūrira: ūtanze ikimazi, ar’ inka cank’ intama, az’ ahore akūrira umuherezi igikenye c’ukuboko, n’imisaya yompi, n’ umushīshīto.
4
Kandi muze muhore mubaha ku vy’umushuzo, ku mpeke zanyu no kuri vino yanyu no ku mavuta yanyu ya elayo, n’ubgoya bg’ītanguye gukemurwa mu ntama zanyu.
5
Kukw ari bo Uhoraho Imana yanyu yatoranije mu miryango yanyu yose, kugira ngo baze bahore bakora igikorwa c’ubuherezi mw izina ryiwe, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose.
6
Kand’ Umulewi ni yava i wanyu ah’ aba, ah’ ari ho hose muri mwebge Abisirayeli, akaja ahantu Uhoraho azoba yātoranije, ashobora kuza ah’ agombeye hose,
7
akore igikorwa c’ubuherezi mw izina ry’Uhoraho Imana yiwe, nk’ ukw ab’i wabo bose b’Abalewi basanzwe bakora, bahagarara ngaho nyene imbere y’Uhoraho.
8
Az’ agire umugabane ungana n’uw’ abandi ku vyo kurya, ukūye ivyo yaguze itongo yarazwe na se.
9
Ni mwamara gushika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abaha, ntimuze mwige gukora ivy’ ibizira ayo mahanga akora.
10
Muri mwebge ntihaze haboneke umuntu atanga umwana wiwe kw ikimazi, ar’ uw’ umuhungu canke w’umukobga, ngo yoswe mu muriro, canke ngo haboneke ūragura, cank’ ūtera amabara, cank’ umupfumu, cank’ umurozi,
11
cank’ umwābūzi, cank’ ūja guhamagara imizimu, cank’ umumenyi, cank’ ūraguza imizimu.
12
Kuk’ ūkora ben’ ivyo wese aba abaye umuyobe k’Uhoraho; kand’ ubgo buyobe ari bgo butumye Uhoraho Imana yanyu agira yirukane ayo mahanga imbere yanyu.
13
Ariko mweho muze mube abaroranye k’Uhoraho Imana yanyu.
14
Kukw ayo mahanga mugiye gusohora ar’ abantu bemera abatera amabara n’ abapfumu; ariko mweho, Uhoraho Imana yanyu ntiyemera ko mugenza murtyo.
15
Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza ūvugishwa na we ameze nkanje, ava muri mwebge, mu b’i wanyu: az’ abe ari we mwumvira.
16
Bizoba nk’uko mwabisavye Uhoraho Imana yanyu mur’ i Horebu, kuri wa musi mwari mukoranye, aho mwavuga, muti Ntidusubire kwumva ijwi ry’Uhoraho Imana yacu, no kubona urya muriro uhambaye, ntiduhave dupfa.
17
Uhoraho akambarira, at’ Ivyo bavuze babivuze ko.
18
Ati Nzobahagurukiriza ūvugishwa nanje ava mu b’i wabo, ameze nkawe; ati Nzoshira amajambo yanje mu kanwa kiwe, na we azobabarira ivyo ndamugeze vyose.
19
Ati Kand’ ūtazokwumvira amajambo yanje uyo azovuga mw izina ryanje, nzobimuhōra.
20
At’ Arik’ umuvugishwa azohāngāra kwigenera ijambo ntamugeze kuvuga, akarivuga mw izina ryanje, cank’ akagira ico avuga mw izina ry’izindi mana, uwo muvugishwa azobizira apfe.
21
Ariko ni mwivuganya mu mitima yanyu, mut’ Ijambo Uhoraho atāvuze tuzorimenya dute?
22
Umuvugishwa azogira ico avuga mw izina ry’Uhoraho, hanyuma ntikibe, ntigishike; ico kizoba kitāvuzwe n’Uhoraho: uwo muvugishwa azoba yahāngāye kucigenera: ntimuze mumutinye.
← Chapter 17
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 19 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34