bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 8
Deuteronomy 8
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 9 →
1
Ivyagezwe vyose mbagera uyu musi muze muvyitondere, mubishitse, kugira ngo mubone kubaho, mugwire, kugira ngo mwinjire igihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha.
2
Kandi muze mwibuke urugendo rwose rwo mu bugaragwa Uhoraho Imana yanyu yabarōngōyemw’ iyi myaka ukw ari mirongwine; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, amenye ibiri mu mitima yanyu, yuko muzokwitondera ivyagezwe vyiwe canke ko mutazovyitondera.
3
Nuko yabacishije bugufi, yemera ko musonza, araheza abagaburira manu mutāri muzi, na ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abamenyeshe yuk’ umuntu adatungwa n’ivyo kurya gusa, arikw atungwa n’amajambo yose ava mu kanwa k’Uhoraho.
4
Impuzu zanyu ntizabashiriyeko, cank’ ibirenge vyanyu ngo bivyimbe, iyi myaka ukw ari mirongwine.
5
Mukwiye kumenya mu mitima yanyu yuk’ Uhoraho Imana yanyu abahana nk’uk’ umuntu ahana umwana wiwe.
6
Muze mwitondere ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, mugendere mu nzira ziwe, mumwubahe.
7
Kuk’ Uhoraho Imana yanyu abajanye mu gihugu ciza, n’igihugu kirimw’ imigezi n’amariba n’amasōko, vyatobotse mu myonga no ku misozi.
8
N’igihugu kibamw’ ingano na sayiri n’imizabibu n’imisukoni n’amakomamanga; n’igihugu kibamw’ imyelayo n’ubūki;
9
n’igihugu muzokenukiramw’ ivyo kurya, ntimugire ico mugikeneramwo; n’ igihugu kirimw’ amabuye y’ubutare, n’imisozi mwoshobora kwimbamw’ imiringa.
10
Muzokwama mu gahimbo, mushimire Uhoraho Imana yanyu igihugu ciza yabahaye.
11
Muze mwirinde, mwoye kwibagira Uhoraho Imana yanyu, mukareka kwitondera ivyagezwe vyiwe, n’amatēka yiwe ashinzwe, n’amabgirizwa yiwe, ivyo mbageze uyu musi.
12
Ni mwamara kurya mugahimba, mukūbaka amazu meza mukayabamwo;
13
amasho yanyu n’imikuku yanyu bikagwira, mukagwiza amafeza n’amazahabu, mber’ ivyo mufise vyose bikagwira;
14
maze muze mwirinde, imitima yanyu yoye kwishira hejuru, ngo mwibagire Uhoraho Imana yanyu yabakūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja,
15
akabacisha muri bga bugaragwa bunini buteye ubgoba, burimw’ inzoka z’ubumara buturira na sikorupiyo, igihugu kigataye kitagira amazi; ikabakūrira amazi mu gitandara c’isare,
16
ikabagaburira manu mur’ ubgo bugaragwa, iyo ba sogokuruza banyu batigeze kumenya; kugira ngw abacishe bugufi, abagerageze, maz’ amaherezo az’ abagirire neza.
17
Kandi muze mwirinde, mwoye kwiyumvira mu mitima yanyu, mut’ Ubutōre bgacu n’inkomezi zacu ni vyo vyaturonkesheje ubu butunzi.
18
Ariko muze mwibuke Uhoraho Imana yanyu, kukw ari we azobaha ubutōre bgo kuronka ubutunzi, kugira ngw ashitse isezerano yasezeranye arahira ba sogokuruza banyu, nk’uko biri n’uyu musi.
19
Ariko ni mwibagira Uhoraho Imana yanyu, mugakurikira izindi mana, mukazisaba, mukazisenga, uyu musi ndababūriye yuko mutazobura guhona.
20
Nk’uk’ Uhoraho agenda arandura amahanga imbere yanyu, ni ko namwe muzoranduka, kuko muzoba mwanse kwumvira ijwi ry’Uhoraho Imana yanyu.
← Chapter 7
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 9 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34