bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 12
Deuteronomy 12
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 13 →
1
Aya ni yo mabgirizwa n’ ivyashinzwe mukwiye kuzokwitondera, mukabishitsa, imisi yose muzoba muriho mw isi, muri mu gihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza banyu yabahaye ngo mucegukire.
2
Ntimuze mubure gusangangura ahantu hose aho ayo mahanga mugiye kwirukana yahora asengera ibigirwamana vyabo, ari ku misozi miremire, ari ku mirambi, ari musi y’igiti cose gitōtahaye.
3
Muze musangangure ibicaniro vyabo, mumenagure amabuye bāshinze, muturire inkingi bāshingiye Ashera, mutemagure n’ ibishushanyo bibājwe vy’ibigirwamana vyabo, muzimirize amazina yavyo aho hantu vyahora.
4
Ntimuze musenge Uhoraho Imana yanyu ubgo buryo bgabo,
5
arikw ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya mu miryango yanyu yose ngw ahashire izina ryiwe, aho hantu nyene azogerēra az’ abe ari ho muzohora mumubariza, abe ari ho muja gushengerera.
6
Kand’ az’ abe ari ho mujana ibimazi vyanyu vyo kwoswa n’ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ayo gushitsa amasezerano, n’ayo mutanga muvyigombeye, n’iz’ uburiza zo mu masho yanyu no mu mikuku yanyu;
7
az’ abe ari ho murīra imbere y’Uhoraho Imana yanyu, abe ari ho munezeranwa n’ abo mu ngo zanyu, munezererwa ibikorwa vyose mwakoze, ivyo Uhoraho Imana yanyu yabahēreyemw’ umugisha.
8
Ntimuze mugenze nk’uko twagenza tukir’ ino mur’ iki gihe, aho umuntu wese akora ico yigombeye,
9
kuko mutarashika mu buruhukiro no mw ishamvu Uhoraho Imana yanyu yabahaye.
10
Ni mwajabuka Yorodani, mukamara gushika hasi mur’ ico gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye kw ishamvu, akabaha kuruhuka, mumaze gukira abansi banyu bose babakikije, bigatuma mwibēra amahoro ata nkomanzi;
11
maz’ ahantu Uhoraho Imana yanyu azotoranya ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, az’ abe ari ho mujana ivyo mbagera vyose; ibimazi vyanyu vyo kwoswa, n’ ibimazi vyanyu bindi, n’ibigiracumi vyanyu mutanga, n’amashikanwa yanyu mumugereye, n’ ivy’ indobanurwa vyo gushitsa amasezerano mwasezeraniye Uhoraho;
12
muheze munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge, kukw Abalewi ata mugabane cank’ ishamvu bafise muri mwebge.
13
Muze mwirinde, mwoye kuzopfa gutangira ibimazi vyanyu vyo kwoswa ahantu hose mubonye;
14
arikw ahantu Uhoraho azotoranya mw ishamvu y’umwe mu miryango yanyu, az’ abe ari ho mutangira ibimazi vyanyu vyo kwoswa, az’ abe ari ho mukorera ivyo mbagera vyose.
15
Mugabo, mushobora kuzobāga izo mwīrīra mu ngo zanyu zose uko mugomba kwose, nk’uk’ Uhoraho Imana yanyu azoba abahaye umugisha: abazoba basanzwe bahumanye n’ abadahumanye bashobora kuziryako, nk’iz’ ingeregere n’impongo.
16
Mugabo ntimuze murye ubuseri: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.
17
Arikw ibigiracumi vyo mu masaka yanyu n’ivya vino zanyu n’ivy’ amavuta yanyu ya elayo, n’iz’ uburiza bgo mu masho yanyu no mu mikuku yanyu, n’ico muzanye gushitsa isezerano ic’ ari co cose, n’ivyo muzotanga muvyigombeye, n’amashikanwa muzoba mumugereye, ivyo vyose ntimuze mubirīre i muhira.
18
Ariko muze mubirīre imbere y’Uhoraho Imana yanyu aho hantu azoba yātoranije, mubisangire n’abahungu banyu n’abakobga banyu n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge; muze munezererwe ibikorwa vyose mwakoze, ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu.
19
Igihe cose muzomara mukiriho mu gihugu canyu muze mwirinde ntimupfe uko mufashe Umulewi.
20
Uhoraho Imana yanyu ni yamara gusunika hirya imbibe zanyu, nk’uko yabasezeraniye, umuntu akumva agomba kurya inyama, ati Ngomba inyama; mushobora kuzirya uko mugomba kwose.
21
Ahantu Uhoraho Imana yanyu azoba yaratoranije ngw ahashire izina ryiwe, ni hagira uwo habera kure muri mwebge, ashobora kubāga mu busho bgiwe canke mu mukuku wiwe, mu vyo Uhoraho yamuhaye, nk’uko nabageze, azirīre i we nk’ukw agomba kwose.
22
Azirye nk’uko barya iz’ ingeregere n’impongo: abazoba bahumanye n’abadahumanye bashobora kuzirya ata tandukaniro.
23
Mugabo, muze mwirinde ntimurye ubuseri, kukw amaraso ari yo bugingo: ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo.
24
Nuk’ ubuseri ntimukaburye: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.
25
Ntimukaburye, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho abona ko bitunganye.
26
Mugabo, ivyera mushikana, bo n’ivyo mushikisha amasezerano, muze mubijane ha hantu Uhoraho azoba yātoranije;
27
mu bimazi vyo kwoswa, inyama zavyo bo n’ amaraso muze mubitangire ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu; mu bindi bimazi vyanyu, amaraso az’ abe ari yo avyagizwa ku gicaniro c’Uhoraho Imana yanyu, namwe murye inyama zavyo.
28
Aya majambo yose mbageze muze muyitondere, muyumvire, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma gushitsa ibihe bidashira, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho Imana yanyu abona kw ari vyiza kandi bitunganye.
29
Uhoraho Imana yanyu ni yamara kurandura ya mahanga imbere yanyu, ayo mugiye kwinjira igihugu cayo, mukacegukira, mukakibamwo;
30
ni baherengetera imbere yanyu, muze mwirinde kugwa mu mutego ngo mubīgāne, mukabariritsa ivy’ imana zabo, muti Ya mahanga yagenza ate mu gusaba imana zabo? kugira ngo natwe tugire durtyo.
31
Ntimuze musenge Uhoraho Imana yanyu ubgo buryo bgabo: kukw ikintu cose c’ubuyobe imbere y’Uhoraho, ico yanka urunuka, ari co basabisha imana zabo; mbere n’abahungu babo n’abakobga babo babosereza izo mana zabo kw ibimazi.
32
Ico mbageze cose muze mucitondere, mugishitse; ntimuze mucungurireko, canke ngo mukigabanye.
← Chapter 11
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 13 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34