bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 6
Deuteronomy 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 7 →
1
Ibi ni vyo vyagezwe n’amatēka ashinzwe, Uhoraho Imana yanyu yangeze kubigisha, kugira ngo muze muvyitondere mushitse mu gihugu mugiye kujabukiramwo ngo mucegukire;
2
ngo mwubahe Uhoraho Imana yanyu, mwitondere amabgirizwa yiwe yose n’ ivyagezwe vyiwe vyose, ivyo mbagera, mwe n’abana banyu n’ abuzukuru banyu, imisi yose y’ ukubaho kwanyu, kugira ngo mubone kuramba.
3
None rero, yemwe Bisirayeli, ni muvyumve, muvyitondere; kugira ngo mumererwe neza, mugwire cane, muri mu gihugu gitemba amata n’ ubūki, nk’uk’ Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabasezeraniye.
4
Ni mwumve, yemwe Bisirayeli: Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene;
5
kandi mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n’ ubugingo bganyu bgose, n’inkomezi zanyu zose.
6
Ayo mabgirizwa mbageze uyu musi, az’ ahore ku mitima yanyu:
7
muze mugire umwete wo kuyigisha abana banyu; muze muyahoze mu kanwa iyo mwicaye mu nzu, n’iyo muriko muragenda mu nzira, n’iyo muryamye, n’iyo muvyutse.
8
Muze muyahambire ku maboko yanyu, ababere ikimenyetso, muyashire mu ruhanga nk’amambe, abe hagati y’amaso yanyu.
9
Muze muyandike ku bishimaryango vy’ amazu yanyu no ku bikingi vy’ amarembo.
10
Uhoraho Imana yanyu, ni yamara kubashikana mu gihugu yarahiye ba sogokuruza banyu kw azokibaha, Aburahamu na Isaka na Yakobo, kirimw’ ibisagara binini‐binini vyiza mutubatse,
11
n’amazu yuzuye ivyiza vy’uburyo bgose mutāshizemwo, n’ivyobo vyimbiwe kubīka amazi mutimvye, n’imirima y’imizabibu n’imyelayo mutāteye, mukarya, mukāma mu gahimbo;
12
muze muheze mwirinde, ntimwibagire Uhoraho, yabakūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.
13
Muze mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, izina ryiwe abe ari ryo murahira.
14
Ntimuze mugendanire izindi mana, zo mu mana z’amahanga abakikije:
15
kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari hagati muri mwebge ar’ Imana ifūha; kugira ng’ uburake bg’Uhoraho Imana yanyu bgoye kubaziriringira, akabarandura, akabakūra kw isi.
16
Ntimukagerageze Uhoraho Imana yanyu, nk’uko mwamugeragereje i Masa.
17
Muze mugire umwete wo kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu, n’ivyo yababariye, n’amabgirizwa yiwe yabagezeko.
18
Kandi muze mukore ivyo Uhoraho abona ko bitunganye kandi kw ari vyiza, kugira ngo mumererwe neza, mubone kwinjira ca gihugu ciza Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha, mucegukire,
19
ni yaheza kwirukana abansi banyu imbere yanyu, nk’uko yavuze.
20
Mu gihe kizoza, ni hagira uwo mu bana banyu abaza se, at’ Ibi vyagezwe n’aya mabgirizwa n’aya matēka ashinzwe, Uhoraho Imana yacu yabageze, vyavuye ku ki?
21
aze yishure uwo mwana, ati Twari muri Egiputa tur’ abaja ba Farawo, maz’ Uhoraho adukūzay’ ukuboko kw’ inkomezi kandi kubanguye,
22
yerekanira imbere yacu ibimenyetso n’ibitangaza bikomeye vy’ivyago, abiteje Egiputa na Farawo n’urugo rwiwe rwose;
23
adukūrayo kugira ngw atujane mu gihugu yarahiye ba sogokuruza kw azoduha.
24
Kand’ Uhoraho atubarira kwitondera ayo mabgirizwa yose, no kumwubaha we ubgiwe, Uhoraho Imana yacu, kugira ngo twame mu mahirwe imisi yose, atuzigame atubesheho, nk’uko biri n’uyu musi.
25
Kandi ni twitondera ivyo vyagezwe vyose imbere y’Uhoraho Imana yacu, nk’uko yabitugeze, bizoduharūrwako nk’ukugororoka.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34