bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 19
Deuteronomy 19
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 20 →
1
Uhoraho Imana yanyu ni yamara kurandura ben’ igihugu agira ngw abahe, ari bo ya mahanga, namwe mukegukira ico gihugu cabo, mukinjira ibisagara vyabo n’amazu yabo;
2
muze mwirobanurire ibisagara bitatu hagati mu gihugu canyu, ico Uhoraho Imana yanyu abahaye ngo mucegukire.
3
Muze muharure amabarabara ajayo, kand’ ico gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye kw ishamvu, muze mukigabanye mu bihimba bitatu, kugira ng’ umukoracumu abone guhungira mu gisagara kimwe mur’ ivyo.
4
Uku ni ko bikwiye kugenda ku vy’umukoracumu azohungirayo, ngw abone gukira: ūzokwica umuntu atabigize ibigirankana, atar’ asanzwe amwanka;
5
nk’iy’ umuntu ajanye na mugenzi we mu kibira kwicira ibiti, akihanukīra n’incabiti guca igiti, incabiti ikaroka, ikamījūkira kuri mugenzi we, ikamwica; ben’ uyo az’ ahungire mu gisagara kimwe mur’ ivyo, abone gukira;
6
bibe birtyo kugira ng’ umuhōzi amukurikiye ntaz’ amuhamvye mu nzira akiratse, bitewe n’uko habaye kure, akamwica; kand’ atar’ akwiye gupfa, kukw atar’ asanzwe amwanka.
7
Ni co gitumye mbagera, ngo mwirobanurire ibisagara bitatu.
8
Uhoraho Imana yanyu ni yasunika hirya imbibe zanyu, nk’uko yasezeraniye ba sogokuruza banyu arahira, akabaha igihugu cose yabasezeraniye;
9
ni mwitondera ibi vyagezwe vyose mbagera uyu musi, mukabishitsa, mugakunda Uhoraho Imana yanyu, mukāma mugendera mu nzira ziwe, azokibaha; maze muze muheze mwironderere ibindi bisagara bitatu, mubigereke kuri vya bindi bitatu vyari bisanzwe;
10
kugira ngw amaraso y’abatācumuye ntaz’ avishirizwe mu gihugu canyu, ico Uhoraho Imana yanyu abahaye kw ishamvu, ayo maraso akazohava abakora.
11
Arik’ umuntu ni yanka uwundi, akamuryamira, agaheza akamuvumbukira, akamwica, maz’ agahungira muri kimwe mur’ ivyo bisagara;
12
abakuru bo mu gisagara c’i wabo baze batume kumukūrayo, bamushikirize umuhōzi, amwice.
13
Ntimuze mumugirire akagongwe, arikw amaraso y’ūtācumuye muze muyīkūreko mwebge Abisirayeli, kugira ngo mubone kuba mu vyiza.
14
Ni mwamara kwegukira amashamvu mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye ngo mucinjire, ntihaze hagire ūshingūra akarimbi k’urubibe rw’umubanyi wiwe, kāshinzwe n’aba mbere.
15
Icabona kimwe gusa ntikirangije kwagiriza umuntu ico yagabitanije cank’ ikindi caha ic’ ari co cose; amajambo az’ aringanizwe, bivuye mu kanwa k’ ivyabona bibiri canke bitatu.
16
Umuntu ni yaja kurega uwundi ibinyoma, akamurega ngo yakoze ikibi;
17
abo bompi bāgiranya, baze bahagarare imbere y’ Uhoraho, imbere y’abaherezi n’ abacamanza bazoba bariho mur’ ico gihe;
18
abo bacamanza baze babibariritse neza; maze ni basanga uwo muntu avuga ibinyoma, kw abeshera mugenzi we,
19
muze mumushire aho yagira ashire mugenzi we. Ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.
20
Abasigaye bazovyumva batinye, boye kwongera gukorera muri mwebge ikibi kingana girtyo.
21
Ntimuze mugirire akagongwe ūmeze artyo; ubugingo buze buhōrwe ubundi, ijisho rihōrwe irindi, iryinyo rihōrwe irindi, igikonjo gihōrwe ikindi, ikirenge gihōrwe ikindi.
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 20 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34