bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 25
Deuteronomy 25
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 24
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 26 →
1
Ni hagira abantu bari n’ico bapfa, bakaja kubūrana, bakabacira urubanza, haze hatsinde ūrufise, hatsindwe uwakoze nabi;
2
kandi namb’ uyo yakoze nabi yakoze ibikwiye kumukubitisha, umucamanza avuge kw aryama, bamukubitire imbere yiwe igitigiri c’inkoni zihwanye n’ikibi yakoze.
3
Ashobora gushitsa ku nkoni mirongwine, ariko ntaz’ azirenze; kugira ng’ uyo w’i wanyu yoye gukēngēreka kuri mwebge, ni yazirenza, akamukubita izindi nyinshi.
4
Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw irasekura ingano.
5
Abavukana babana, umwe ni yapfa adasize umuhungu, umugore w’uyo apfuye ntaz’ acūrwe n’ uw’ ahandi, ariko muramu we az’ abe ari we amwābīra, amucūre, amugirire ibikwiye muramu w’ umuntu.
6
Maz’ uw’ imfura azotangura kuvyara az’ abe ari we asubira mu gishingo c’uwapfuye, kugira ngw izina ryiwe ryoye kuzimangana mu Bisirayeli.
7
Arik’ uwo mugabo n’atākunda gucūra umugorabo, uwo mugorabo az’ aje kw irembo ry’igisagara, abarire abashingantahe, ati Muramwanje yanse guhonōra uwabo ngw izina ryiwe ntirizimangane mu Bisirayeli, ntakunze kungirira ibikwiye muramu w’umuntu.
8
Abo bashingantahe bo mur’ ico gisagara cabo baheze bamuhamagaze, bamuhanūre; n’atemera gukūrwa kw ijambo, akavuga ati Singomba kumucūra;
9
uwo mugorabo agende amushikīre imbere y’abo bashingantahe, amukūre inkweto mu kirenge, amucire amate mu maso, avuge, at’ Uku ni kw agirirwa, uwanse guhonōra uwo bavukana!
10
Ab’ inzu yiwe baze bahore bavugwa bartya mu Bisirayeli, ngw Inzu y’uwakūwe inkweto.
11
Abagabo ni birwanira, umugore w’umwe muri bo akaza gutabara umugabo wiwe ūrikw aramukubita, agatuma ukuboko, agafata uwo mugabo epfo;
12
nya mugore muze mumuce igikonjo, ata kagongwe.
13
Muri mwebge ntihaze hagire ūgira mw isaho yiwe amabuye ageresha ikilo kimwe, kand’ aciye ukubiri, rimwe ari rinini, irindi ari ritoya.
14
Kandi ntihaze hagire ūgira mu nzu yiwe ingero ziciye ukubiri avuga ngo ni efa, imwe ari nini, iyindi ari ntoya.
15
Arikw amabuye ashitse, y’ukuri, az’ abe ari yo mugeresha; n’ingero zitwa efa zishitse, z’ ukuri, az’ abe ari zo mugeresha; kugira ngo muze murambire mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye.
16
Kukw abakora ben’ ivyo bose, abakora ibidatunganye bose, baba babaye ikizira k’ Uhoraho Imana yanyu.
17
Muze mwibuke ivyo Abamaleki babagiriye muri mu nzira, igihe mwava muri Egiputa;
18
uko babategeye mu nzira, bakica abasigaye inyuma bo muri mwebge, abanyantegenke bose, hamwe mwari munaniwe murushe; ntibatinye Imana.
19
Ni co gituma Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubakiza abansi banyu bose impande zose, akabaha kuruhukira mu gihugu abahaye kw ishamvu ngo mucegukire, muzoba mukwiye kuzimanganya ukumenyekana kw’Abamaleki, bibagirane mu bo musi y’ijuru bose: ntimuze muvyibagire.
← Chapter 24
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 26 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34