bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 13
Deuteronomy 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 14 →
1
Muri mwebge ni hāduka umuvugishwa cank’ umurōsi, akabaha ikimenyamenya cank’ akababarira igitangaza,
2
ico kimenyamenya cank’ ico gitangaza kigashika, ico yababariye, ati Ni cashika tuze tugendanire izindi mana, tuzisabe; kand’ ar’ imana mutigeze kumenya;
3
ntimuze mwemere amagambo y’uwo muvugishwa canke y’uwo murōsi, kuk’ Uhoraho Imana yanyu azoba abagerageza, ngw amenye yuko mumukundisha imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose.
4
Ariko muze mugendanire Uhoraho Imana yanyu, mumwubahe, mwitondere ivyagezwe vyiwe, mumwumvire, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata.
5
Kand’ uwo muvugishwa cank’ uwo murōsi baze bamwice, kukw azoba avuze ibibatera kugarariza Uhoraho Imana yanyu, n’ivyo kubakūra mu nzira Uhoraho Imana yanyu yabarangiye ngo muyicemwo, kand’ ari we yabakūye mu gihugu ca Egiputa, akabagobōtora, akabakūra mu nzu y’ ubuja. Uko az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.
6
Mu bo muvukana canke muri bene nyoko, canke mu bahungu banyu canke mu bakobga banyu, canke mu bagore banyu mupfumbatirana, canke mu bakunzi banyu b’amagara, muri ben’ abo ni hagira uwo yosha muri mwebge mu mpisho, ati Tugende dusabe izindi mana; (kand’ ar’ izo mutigeze kumenya, mwe na ba sogokuruza;
7
ar’ imana zo mu mahanga abakīkije, namb’ ar’ ayoba hafi yanyu canke ya kure, uhēreye ku mpera y’isi, ugashitsa ku yindi);
8
wewe wohejwe ntuz’ umwemerere, ntuz’ umwumvire; ntuz’ umugirire akagongwe, canke ng’umugirire ikibabarwe, canke ng’ umuhishīre;
9
ariko ntuz’ ubure kumwica: ukuboko kwawe az’ abe ari kwo gutangura kumwica, maze habone gukurikirako n’ abandi bantu bose.
10
Mu kumwica, uz’ umwicishe amabuye, kuko yagerageje kugukwegakwega ng’ uve k’Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.
11
Abisirayeli bose bazovyumva, batinye, boye kwongera gukorera ikibi kingana girtyo hagati muri mwebge.
12
Ni mwaramuka mwumvise inkuru mu gisagara kimwe mu vyo Uhoraho Imana yanyu agiye kuzobaha ngo mubibemwo, bavuga,
13
bati Hādutse abagesera muri mwebge bariko barakwegakwega abo mu gisagara cabo, bat’ Ingo tugende, dusabe izindi mana, kand’ ar’ izo mutigeze kumenya;
14
muze mubibariritse, mubicishe agace, mubihwēbūtse mushirutse umwete. Maze ni mwasanga ar’ ivy’ ukuri, ata mazinda, yuk’ ubuyobe bungana burtyo bukorerwa hagati muri mwebge;
15
ntimuze mubure kuririkisha inkota ababa mur’ ico gisagara, mugitikizanye n’ ibirimwo vyose, muririkishe inkota amasho yaho.
16
Kandi mukoranye amasahu yose yo muri co, muyarunde mu kibuga caho, muturire ico gisagara n’amasahu yaco yose, bibe nk’ikimazi co kwoswa ciramvuriye, gishikaniwe Uhoraho Imana yanyu; ico gisagara kize gihinduke ikigūngūzi c’amasakamburira ibihe vyose: ntikize gisubire kwubakwa ukundi.
17
Muhīrahīre ntihaze hagire ikintu na kimwe mur’ ivyo bijiririjwe muzokozak’ ukuboko, kugira ng’ Uhoraho abone kwigarura, areke uburake bgiwe bg’inkazi, abagirire imbabazi n’ikigongwe, abagwize nk’uko yarahiye ba sogokuruza banyu kw azobikora,
18
ni mwamara kwumvira ijwi ryiwe, Uhoraho Imana yanyu, mukitondera ivyagezwe vyiwe vyose mbagera uyu musi, mugakora ivyo Uhoraho Imana yanyu abona kw ari vyiza.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34