bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 9
Deuteronomy 9
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 10 →
1
Ni mwumve, yemwe Bisirayeli, mur’ iki gihe mugiye kuzojabuka Yorodani, mwinjire igihugu c’amahanga abarusha ubginshi n’inkomezi, kirimw’ ibisagara binini, bizitijwe inzitiro z’amabuye zigera mw ijuru,
2
n’ abantu banini barebare, ni bo Banaki, nk’uko mubazi, kandi mwarumvise babavuga, ngo Ni nde yohagarara Abanaki imbere?
3
Nuko rero, uhēreye ubu mumenye yuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we azojabuka abagiye imbere, ari nk’umuriro utōngōra; ni we azobahonnya, abamare igabo imbere yanyu; uko ni ko muzobona kubirukana no kubatikiza vuba, nk’ uk’ Uhoraho yababariye.
4
Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubirukana imbere yanyu, ntimuze mwiyumvire mu mitima yanyu, mut’ Ukugororoka kwacu ni kwo kwatumye Uhoraho atwinjiza iki gihugu ngo tucegukire; ereg’ ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho ayirukana imbere yanyu.
5
Ukugororoka kwanyu canke gutungana kw imitima yanyu si vyo bizoba bitumye mwinjira igihugu cabo ngo mucegukire; arik’ ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho Imana yanyu abirukana imbere yanyu, kugira ngw ashitse ijambo yarahiye ba sogokuruza banyu, Aburahamu na Isaka na Yakobo.
6
Nuko rero mumenye yuk’ ukugororoka kwanyu atari kwo kuzotuma Uhoraho Imana yanyu abaha ico gihugu ciza ngo mucegukire; kuko mur’ abantu batagonda izosi.
7
Muze mwibuke ingene mwarakije Uhoraho Imana yanyu muri mu bugaragwa, ntimuze muvyibagire; uhereye umusi mwaviriye mu gihugu ca Egiputa, kugeza aho mwashikiye aha hantu, mwagiye mugarariza Uhoraho.
8
No kuri Horebu mwarakije Uhoraho, arabashavurira, bimutera kugomba kubarandura.
9
Nari nadūganywe uwo musozi no guhabga vya bisate vy’amabuye, ari vyo vyarikw isezerano Uhoraho yasezeranye namwe, nca mmara kur’ uwo musozi imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ata co ntamira, ata n’amazi nnywa.
10
Uhoraho araheza ampa ivyo bisate vy’amabuye, vyanditsweko n’urutoke rw’ Imana amajambo yose Uhoraho yababaririye kuri wa musozi, ayavugiye mu muriro, kuri wa musi mwari mukoranye.
11
Iyo misi mirongwine n’amajoro mirongwine bishize, ni ho Uhoraho yampaye ivyo bisate vy’amabuye, ari vyo vyarikw iryo sezerano.
12
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Va hasi, uve hano, umanuke vuba, kuko ba bantu bawe wakūye muri Egiputa bamaze kwononekara; inzira nabageze bayitaye ata n’akanya, bironkeye igishushanyo bakivugutiye mu nkero.
13
Uhoraho arongera arambarira, at’ Abo bantu ndababonye ico barimwo: n’ abantu batagonda izosi;
14
pfa kundeka gusa, nzimirize izina ryabo musi y’ijuru, nawe ndaguhindure ihanga rizobarusha inkomezi n’ubginshi.
15
Nuko ndahindukira, mmanuka uwo musozi; kand’ uwo musozi warik’ urāka umuriro, mfise vya bisate vyompi mu minwe birikw isezerano.
16
Ngize ngo ndarāba, mbona mwamaze gucumura k’Uhoraho Imana yanyu, mwironkeye igishushanyo c’imasa mukivugutiye mu nkero. Inzira Uhoraho yabageze mwari mwayitaye ata n’akanya.
17
Nca mfata vya bisate vyompi nari mfise mu ntoke, mbikubita hasi, mbimenera imbere yanyu.
18
Nikubita hasi imbere y’Uhoraho nk’ubga mbere, mmara imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, ata co ntamira, ata n’amazi nnywa, mbitewe n’ico caha gikomeye mwakoze, co gukora ico Uhoraho abona kw ari kibi, mukamuratsa.
19
Kuko natinya uburake n’ubushangashirwe Uhoraho yar’ abafitiye, vyatuma agomba kubarandura. Arik’ Uhoraho aranyumvira no mur’ ico gihe na co.
20
Kand’ Uhoraho arakira Aroni cane, bituma agomba kumwica; ariko na we n’uko nca ndamusabira mur’ ico gihe nyene.
21
Ndaheza nābīra bga buyobe bganyu, ya masa mwacuze, ndayiturira, ndayisekura ndayinoza, kugeza icitse ifu; mmēmēra ifu yayo mu kagezi kamanuka kava kuri wa musozi.
22
Kandi n’i Tabera, n’i Masa, n’i Kiburoti‐hatava, mwaharakirije Uhoraho.
23
Kandi na ca gihe Uhoraho yabarungika ngo muve i Kadeshi‐baruneya, ati Ni mudūge, mwinjire igihugu mbahaye; na ho nyene mwagararije ico Uhoraho Imana yanyu yabagezeko, ntimwamwizera canke ngo mwumvire ijwi ryiwe.
24
Mbere mwagiye mugarariza Uhoraho, uhereye ku musi natanguriyeko kubamenya.
25
Nuko mmara iyo misi ukw ari mirongwine n’amajoro mirongwine nubamye imbere y’Uhoraho, kuk’ Uhoraho yar’ avuze kw azobarandura.
26
Nsaba Uhoraho, nti Mwami Uhoraho, nturandure abantu bawe, ari bo cibare cawe, abo warokoje ububasha bgawe, ukabakūza muri Egiputa ukuboko kw’inkomezi kandi kuramvuye.
27
Ni wibuke abasavyi bawe, Aburahamu na Isaka na Yakobo; nturābe ukutagondwa kw’aba bantu, cank’ ukugabitanya kwabo, cank’ icaha cabo;
28
kugira ngw abo mu gihugu wadukūyemwo boye kuvuga, bat’ Uhoraho vyaramunaniye kubashikana mu gihugu yabasezeraniye, kand’ arabanka; bati Ni co catumye abakūra ino, ngw abatsinde mu bugaragwa.
29
Yamara, abo n’abantu bawe, ni bo cibare cawe, abo wakūjey’ ububasha bgawe buhambaye n’ukuboko kubanguye.
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34