bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 15
Deuteronomy 15
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 16 →
1
Uk’ umwaka ugira indwi wose utashe, muze mwame muheberanira.
2
Uburyo bgo guheberanira buze bugende burtya: ūzoba yarīriwe umwenda wese az’ awuhebere mugenzi we yawumurīriye; ntaz’ awishuze mugenzi we cank’ uw’i wabo, kuk’ ukwo guheberanira Uhoraho yashinze kuzoba kwatangajwe.
3
Mushobora kwishuza umunyamahanga, arikw ico umuntu yoba afitiwe n’uw’ i wabo az’ akimuhebere.
4
Ariko nta bakene bazoba muri mwebge, kuk’ Uhoraho Imana yanyu atazobura kubahēra umugisha mu gihugu yabahaye kuba ishamvu yanyu ngo mucegukire,
5
ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, ngo mwitondere ibi vyagezwe vyose mbagera uyu musi, mubishitse.
6
Uhoraho Imana yanyu azobaha umugisha nk’uko yabasezeraniye; amahanga menshi azoza kubagurāna, ariko mweho ntimuzoja kuyagurāna; kandi muzotwara amahanga menshi, ariko yo ntazobatwara.
7
Muri mwebge ni hagira ahazoba umukene mu b’i wanyu, mu gisagara canyu cose co mu gihugu Uhoraho Imana yanyu agiye kubaha, ntimuze mugire imitima yiyumanganya uwo mukene w’i wanyu, canke ngo mupfunye amaboko ku co mumuha;
8
ariko ntimuze mubure kumuramvurira ukuboko ngo mumugurāne ibimumara ubukene bg’ico akeneye.
9
Muze mwirinde, mu mitima yanyu ntihaze haze iciyumviro kibi, ngo muvuge muti Wa mwaka ugira indwi wo guheberanira uri hafi; bigatuma mwirengagiza kubg’ uwo mukene w’i wanyu, mukanka kugira ico mumuha; na we akazohava atakambira Uhoraho abarega, mukagībgako n’icaha.
10
Ntimuze mubure kumuha, kandi ni mwamuha ntibize bibababaze; kukw ivyo bizotuma Uhoraho Imana yanyu abaha umugisha mu bikorwa vyanyu vyose no ku co muzoba mukoze cose.
11
Kukw abakene ata ho bazobura kubaho mu gihugu; ni co gitumye mbabarira, nti Ntimuze mubure kuramvurira ukuboko umukene w’ umworo wo mu b’i wanyu muri mu gihugu canyu.
12
Uw’i wanyu w’Umuheburayo canke w’Umuheburayokazi, ni hagira uwo yibunzako ngw amugure, wewe umuguze az’ akujakarire imyaka itandatu; maze mu w’ugira indwi uz’ umurekure, yībēre mu mwidegemvyo.
13
Kandi ni wamurekura ngw agire umwidegemvyo, ntuz’ umurekure imbokoboko;
14
arik’ uz’ umuvōtorere ku mukuku wawe no ku vyo mu kigega cawe no ku vyengūwe mu bgato bgawe: uk’ Uhoraho Imana yawe azoba yaraguhaye umugisha, az’ abe ari k’umuha.
15
Kand’ uze wibuke yuko nawe wari mu buja mu gihugu ca Egiputa, Uhoraho Imana yawe akakugobōtora: ni co gitumye uyu musi ndakugera ivyo.
16
Ariko ni yakubarira, ati Singomba kukuvako; kukw agukunda, agakunda n’urugo rwawe, kuko mumeraniye neza;
17
uze wābīre umugera, uwumutoboze ugutwi urume mu rugi, aze yame ar’ umugurano wawe ibihe vyose. No ku muguranokazi wawe na we az’ abe ari k’ubigenza.
18
Na ho ni wamurekura ngw agire umwidegemvyo, ntibize bikubabaze, kukw azoba yagukoreye imyaka itandatu; kand’ iy’ aba umucangero, yari gutwara ibingana kabiri n’ivyo wakoresheje kubgiwe: maz’ Uhoraho Imana yawe azoguha umugisha mu vy’ ukora vyose.
19
Muze murobanurire Uhoraho Imana yanyu uburiza bgose bg’icitwa ishuri buvuka mu masho yanyu no mu mikuku yanyu: ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukoresha ic’ uburiza bgo mu masho yanyu, canke ngo mukēmūre ic’ uburiza bgo mu mikuku yanyu.
20
Uk’ umwaka utashe, muze mubirīre ahantu Uhoraho azotoranya, mur’ imbere yiwe nyene, Uhoraho Imana yanyu, mwe n’ abo mu ngo zanyu.
21
Ariko ni hagira ikigira agasembga, ari nko gucumbagira canke guhuma, cank’ akandi gasembga kabi ak’ ari ko kose, ntimuze mugishikanire Uhoraho Imana yanyu kw ikimazi.
22
Muze mubirīre i wanyu; abazoba bahumanye n’abadahumanye bashobora kubirya ata tandukaniro, nk’uko barya ingeregere n’impongo.
23
Mugabo ntimuze murye ubuseri bgavyo: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34