bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 2
Deuteronomy 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 3 →
1
Maze turakevya, tujana inzira ica mu bugaragwa irāba ku Kiyaga Gitukura, nk’uk’ Uhoraho yambariye: tuzenguka umusozi Seyiri igihe kirekire.
2
Uhoraho arambarira,
3
at’ Igihe mumaze muzenguka iyi misozi kirahāgije; ni mukevye, mugende mwerekeje i burārūko.
4
Ati Kand’ ubarire abantu, uti Mugiye guca mu gihugu c’ab’i wanyu ari bo bandurutse kuri Esau, baba i Seyiri; abo bo bazobatinya. Uti Nuko muze mwirinde cane,
5
ntimubandurutse, uti Kukw atazobaha ku gihugu cabo, naho hoba aho gukandagiza ikirenge; uti Kukw imisozi y’i Seyiri yayihaye Esau kuba ishamvu yiwe.
6
Uti Muze mubagurekw ivyo kurya mutanze amahera, n’amazi na yo nyene muyagure, kugira ngo muronke ico kurya n’ico kunywa.
7
Uti Kuko we, Uhoraho Imana yanyu, yama abaha umugisha mu bikorwa vyanyu vyose; uti Kukw azi ivy’ urugendo rwanyu rwo mur’ ubu bugaragwa buhambaye; uti Kand’ ubgiwe, Uhoraho Imana yanyu, yabanye namwe iyi myaka ukw ari mirongwine, nta kintu mwakennye.
8
Nuko duca mu b’i wacu, ari bo bandurutse kuri Esau, baba i Seyiri, tujanye inzira ica muri Araba, tuvuye muri Elati no muri Esiyoni‐geberi. Turakevya, tujana inzira ica mu bugaragwa bg’i Mowabu.
9
Uhoraho arambarira, ati Ntimutere Abanyamowabu, ntimubandurutse, kuko ntazobaha ishamvu ku gihugu cabo; ati Kukw ahitwa Ari nahahaye Abaloti kw ishamvu yabo.
10
(Kera Abemi ni bo bāba aho hantu; bār’ ihanga rikomeye, ry’abantu benshi kandi barebare, nk’ukw Abanaki bameze;
11
bāvuga kw ar’ Abarefa nk’uko bāvuga Abanaki; arikw Abanyamowabu babita Abemi.
12
Kandi kera Abahori ni bo bāba i Seyiri, maz’ abandurutse kuri Esau binjira igihugu cabo, barabatikiza, begukira ahantu habo; nk’ukw Abisirayeli bākoze mu gihugu cabo, ico Uhoraho yabahaye kw ishamvu.)
13
Uhoraho arambarira, ati Ni muhaguruke, mujabuke umugezi Zeredi. Nuko duca tujabuka uwo mugezi nyene.
14
Uhereye igihe twaviriye i Kadeshi‐baruneya, ugashitsa igihe twajabukiye uwo mugezi Zeredi, n’imyaka mirongwitatu n’umunani: urunganwe rwose rw’abari bageze kurwana, gushitsa aho rwakunkumukiye, rugaherengetera aho dushagaje, nk’uk’ Uhoraho yari yarabarahiye.
15
Mber’ Uhoraho yagenda ababanguriye ukuboko, ngw abarandure abakūre muri twebge aho dushagaje, gushitsa aho bakunkumukiye.
16
Maz’ abāri bageze kurwana bose bamaze guherengetera, bashize mu bantu,
17
Uhoraho arambarira,
18
at’ Uyu musi mugiye kurengana urubibe rw’i Mowabu, ahitwa Ari;
19
kandi ni mwashika ahēgereye urubibe rw’Abamoni, ntimubatere canke ngo mubandurutse; kuko ntazobaha ishamvu ku gihugu c’Abamoni, kuko nagihaye Abaloti kw ishamvu yabo.
20
(Ico gihugu na co cāvugwa kw ar’ ic’ Abarefa, kukw Abarefa bākibamw’ ubga mbere; arikw Abamoni bābita Abazamuzumi;
21
bar’ ihanga rikomeye, ry’abantu benshi kandi barebare, nk’ukw Abanaki bameze; arik’ Uhoraho arabatikiza, Abamoni binjira igihugu cabo, begukira ahantu habo;
22
nk’uko yatabaye abandurutse kuri Esau baba i Seyiri, hamwe yatikiriza Abahori imbere yabo, bagaheza bakinjira igihugu cabo, bakegukira ahantu habo kugeza n’ ubu.
23
N’Abawi, imihana yabo yasagaza ikarinda ishika i Gaza, na bo nyene Abakafutori bavuye i Kafutori, bārabatikije, begukira ahantu habo.)
24
Uhoraho arambarira, ati Ni muhaguruke, mufate urugendo, mujabuke umwonga wo kuri Arunoni: ehe Sihoni Umwamori, umwami w’i Heshiboni, ndamugabuye mu maboko yanyu, bo n’igihugu ciwe: mutangure kucinjira, mumutēre.
25
At’ Uyu musi ngira ntangure gutēra ubgoba amahanga yose yo musi y’ ijuru kubganyu, babatinye; bazokwumva inkuru zanyu, bahinde agashitsi, bacike ivutu kubganyu.
26
Nuko ndi mu bugaragwa bg’i Kedemoti, ntuma intumwa kuri Sihoni, umwami w’i Heshiboni, ngo zimugishe inama y’amahoro,
27
uti Ni mubareke bace mu gihugu cawe, uti Bazogumya inzira y’ iroro, uti Ntibazokevya ngo baje i buryo cank’ i bumoso.
28
Ut’ Uz’ ubagurire ivyo kurya amahera, n’amazi na yo nyene uyabagurire, kugira ngo baronke ico kurya n’ico kunywa; ut’ Urabareka bīhitire gusa;
29
ut’ Ubagirire nk’ukw aba Esau baba i Seyiri bābagiriye, bo n’Abanyamowabu baba ahitwa Ari; uti Gushitsa aho bazojabukira Yorodani, bakaja mu gihugu Uhoraho Imana yabo yabahaye.
30
Ariko Sihoni, umwami w’i Heshiboni, aratwankira ngo ntiduce mu gihugu ciwe, kuk’ Uhoraho Imana yanyu yamukomantaje umutima, akawugira nk’ ibuye, kugira ngw amugabure mu maboko yanyu, nk’uko n’ubu vyābaye.
31
Maz’ Uhoraho arambarira, at’ Ehe kuva ubu ngabuye Sihoni n’igihugu ciwe mu maboko yanyu; ni mutangure kugitēra kugira ngo mubone kucegukira.
32
Maze Sihoni aza kudutega bo n’ingabo ziwe zose, turumanira i Yahasi.
33
Uhoraho Imana yacu amugabura mu maboko yacu, tumwicana n’abahungu biwe n’ingabo ziwe zose;
34
duca tunesha ibisagara vyiwe vyose, tugeseza igisagara cose, uhereye ku bagabo n’abagore n’abana, ntitwasiga n’uwa kirazira;
35
shit’ amasho yonyene ni yo twanyaze, hamwe n’ivyo twasahuye mur’ ivyo bisagara twanesheje.
36
Uhereye kuri Aroweri ho ku mucāmo hejuru y’umwonga wo kuri Arunoni, no ku gisagara kiri kur’ uwo mwonga nyene, ugashitsa i Gileyadi, nta gisagara na kimwe catunaniye kubg’ uburebure bg’inzitiro zaco z’amabuye: vyose Uhoraho Imana yacu yabitanze mu maboko yacu.
37
Mugabo, igihugu c’Abamoni co ntimwācēgereye, uhereye no ku mwonga wo kuri Yaboki no ku bisagara vyo mu mugamba waho, n’ahandi hose ah’ Uhoraho Imana yacu yatubujije gutēra.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34