bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 26
Deuteronomy 26
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 25
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 27 →
1
Ni mwamara kwinjira igihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye kw ishamvu, mukacegukira, mukakibamwo;
2
muze mwābīre ku vy’umushuzo vyo mu mirima yanyu, ivyo muzokwimburira mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye, umuntu wese abishire mu gisimbo, abijane ha hantu Uhoraho Imana yanyu azoba yātoranije ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe.
3
Az’ ashikīre umuherezi azoba ariho mur’ ico gihe, amubarire, at’ Uyu musi Uhoraho Imana yawe ndamwaturiye yuko nashitse mu gihugu yarahiye ba sogokuruza bacu kw azokiduha.
4
Uwo muherezi amwākīrire ico gisimbo, akijane agitereke imbere y’igicaniro c’ Uhoraho Imana yanyu.
5
Wa wundi akomeze kwaturira imbere y’Uhoraho Imana yiwe, ati Sogokuruza yar’ Umwaramu w’inyererezi; aramanuka, aja muri Egiputa, babayo ar’ imparūrwa; bahindukirayo ihanga rinini rihambaye, ry’isinzi.
6
At’ Abanyegiputa batugirira nabi, badutwaza ituntu, badushira mu buja bukomeye.
7
Maze dutakambira Uhoraho Imana ya ba sogokuruza, Uhoraho yumva ugutakamba kwacu, abona amarushwa yacu, n’ ubucumukure bgacu, n’agahahazo turimwo.
8
Ati Maz’ Uhoraho adukūra muri Egiputa, adukūzayo ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, n’ibimenyetso n’ibitangaza.
9
Araheza atuzana ino, aduha iki gihugu, ar’ igihugu gitemba amata n’ubūki.
10
Ati None nzanye ku vy’umushuzo vyo mu mirima wampaye, ewe Uhoraho. Ukw az’ abe ari kw abitereka imbere y’Uhoraho Imana yiwe, amusenge.
11
Aheze anezererwe ivyiza vyose Uhoraho Imana yiwe yamuhaye, anezeranwe n’abo mu rugo rwiwe, n’Umulewi n’inyambukīra baba i wabo.
12
Ni mwamara gukūra ikigiracumi ku vyo mwejeje vyose mu mwaka ugira gatatu, ari wo mwaka wo gutangamw’ ibigiracumi nyene, muze mubihe Abalewi n’inyambukīra n’impfuvyi n’abapfakazi, babirīre i wanyu, bahāge;
13
umuntu wese aheze avugire imbere y’ Uhoraho Imana yanyu, ati Nkūye ivyarobanuwe mu nzu yanje, mbihaye Umulewi n’inyambukīra n’ impfuvyi n’umupfakazi, nk’ukw ivyagezwe vyawe vyose biri, ivyo wangeze; sinaciye mu cagezwe cawe na kimwe, canke ngo ngire ico nibagira muri vyo;
14
sinatamiye kur’ ivyo vyarobanuwe ngandaye; sinabiteruye mpumanye, canke ngo ndabitange kw ibiterekerezwa imizimu; ariko numviye wewe Uhoraho Imana yanje, nitondeye ivyo wangeze vyose.
15
Tuma inyonga zawe hasi, ur’ iyo mw ijuru ah’ uba hēra, uduhe umugisha twebge abantu bawe b’Abisirayeli, twe n’igihugu waduhaye, nk’uko warahiye ba sogokuruza kuzoduha igihugu gitemba amata n’ubūki.
16
Uyu musi Uhoraho Imana yanyu ababariye kwumvira ayo mabgirizwa n’ayo matēka yashinze; nuko muze muvyitondere, mubishizekw imitima yanyu yose n’ ubugingo bganyu bgose, mubishitse.
17
Uyu musi mwātuye yuk’ Uhoraho ari we Mana yanyu, kandi ko muzogendera mu nzira ziwe, mukitondera amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe n’amatēka yashinze, mukamwumvira.
18
Kand’ Uhoraho na we uyu musi yātuye ko muzomubera ihanga yiharije, nk’uko yabasezeraniye; nuko mukwiye kwitondera ivyagezwe vyiwe vyose,
19
kugira ngw abasumbishe ayandi mahanga yose yaremye, muyarushe gushemagizwa no kwāmāmara no kwubahwa, mubere Uhoraho Imana yanyu ihanga ryera, nk’uko yavuze.
← Chapter 25
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 27 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34