bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 23
Deuteronomy 23
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 24 →
1
Umenetse amavya, cank’ ūshāhūwe, ntaz’ agere mw ikoraniro ry’Uhoraho.
2
Umuntu w’ikivyarwa ntaz’ agere mw ikoraniro ry’Uhoraho; haba n’uwo mu ruvyaro rwiwe azorigeramwo, eka mber’ uko bazogenda bavyarana gushitsa no ku bihe cumi.
3
Ntihaze hagire Umwamoni cank’ Umunyamowabu agera mw ikoraniro ry’Uhoraho; haba n’ uwo mu runganwe rwabo azorigeramwo, eka mber’ uko ruzogenda rukurikirana gushitsa icumi;
4
kuko batābashanganije ivyo kurya n’amazi, igihe mwava muri Egiputa; kandi kuko bāhēreye Balamu mwene Beyori w’i Petori ho muri Aramu‐Naharayimu ngw abavume.
5
Yamar’ Uhoraho Imana yanyu yanka kwumvira Balamu, arik’ uwo muvumo Uhoraho Imana yanyu awubahindurira umugisha, kuko yabakunda.
6
Muze murinde mupfa mutabendeje ivy’ amahoro cank’ ivyiza ukw ibihe bizoha ibindi.
7
Ntimuze mugirire akazīka Abanyedomu, kuko mur’ akara kamwe, kandi ntimugirire akazīka Abanyegiputa, kuko mwar’ inyambukīra mu gihugu cabo.
8
Abuzukuru babo bazovuka hanyuma bazoshobora kuja mw ikoraniro ry’Uhoraho.
9
Ni mwagenda gutera abansi banyu, mukagira aho mushagaje, muze mwirinde ikintu kitabereye cose.
10
Muri mwebge ni hagira umugabo yagize ivyamubayeko mw ijoro, bikamuhumanya, az’ agende ave aho mushagaje, ntaz’ ahagaruke uwo musi;
11
maze bugira bugorobe, yiyuhagire; izuba rirenze, abone kugaruka aho mushagaje.
12
Kandi muze mugire ahantu hirya y’aho mushagaje, h’ukwihagarika;
13
kand’ umuntu wese muri mwebge az’ agire ikimīto agendana; maz’ iy’ agiye ku gahinga, akicara, az’ acimbishe ikinogo, aheze arenzekw ivu ibimuvuyemwo:
14
kuk’ Uhoraho Imana yanyu agendagenda hagati y’aho mushagaje, kugira ngw abakize, agabure abansi banyu mu maboko yanyu; ni co gituma aho mushagaje hakwiye kuba ahantu hera, kugira ngo ntaz’ ababonemw’ ikintu na kimwe giteye ishishi, akarora irya, akabata.
15
Ni hagira umugurano acika, ahunze shebuja, agahungira muri mwebge, ntimuze mumumuhe;
16
az’ abane namwe, abe hagati muri mwebge, ah’ azokwihitiramwo kuba mu bisagara vyanyu, ah’ ashima: ntimuze mumugirire nabi.
17
Ntihaze habemwo ba maraya mu Bisirayelikazi, canke ngo hagire abagabo bendana mu Bisirayeli.
18
Ntihaze hagire ūjana mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu ibihērewe maraya, cank’ ibihērewe umugabo yendwa, ngw abishikishe isezerano iry’ ari ryo ryose: kukw ivyo vyompi ar’ ubuyobe k’Uhoraho Imana yanyu.
19
Muri mwebge ntihaze hagire ūgurāna mugenzi we ngw amucire ivy’ inyungu, ar’ amahera, ar’ ivyo kurya, ar’ ikindi kintu cose cotanzwekw inyungu.
20
Umunyamahanga we murashobora kumucira ivy’ inyungu iyo mumugurānye, arik’ uw’ i wanyu ntimuze mumucire inyungu: kugira ng’ Uhoraho Imana yanyu ibahe umugisha ku co muzoba mukoze cose muri mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.
21
Muri mwebge ni hagira ūsezeranira isezerano Uhoraho Imana yiwe, ntaz’ atebe kurishitsa; kuk’ Uhoraho Imana yiwe itazobura kubimubaza, agasanga vyamuhindukiye icaha.
22
Ariko ni yareka kugira ico asezerana, ntibizomubera icaha.
23
Ibimwiviriye mu kanwa az’ avyitondere, abishitse, kukw ari vyo yasezeraniye Uhoraho Imana yiwe bivuye mu mutima, akabivugisha akanwa.
24
Muri mwebge ni hagira ūshika mu ruzabibu rw’uwundi, inzabibu ashobora kuzirīra aho nyene ukw agomba, agahāga; ariko ntagire izo atēkera mu co afise.
25
Kandi ni hagira ūca mu mahonda y’uwundi, ashobora kumyoza utwo ahekenya, ariko ntashobora gushira umuhoro muri yo.
← Chapter 22
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 24 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34