bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 10
Deuteronomy 10
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 11 →
1
Mur’ ico gihe Uhoraho arambarira, ati Wibāzire ibisate vy’amabuye bibiri bisa n’ivya mbere, uheze udūge uyu musozi uze iyo ndi, kand’ ubāze n’isandugu mu giti.
2
Ati Nanje ndaheza nandike kur’ ivyo bisate amajambo yari ku vya mbere, bimwe wamena, uheze uz’ ubishire mur’ iyo sandugu.
3
Nuko mbāza isandugu mu giti citwa umushita, mbāza n’ ibisate bibiri vy’amabuye bisa n’ivya mbere, ndūga uwo musozi mfise ivyo bisate vyompi mu minwe.
4
Yandika kur’ ivyo bisate amajambo ahwanye n’ayo yanditse mbere, ari vyo vyagezwe cumi, ivyo Uhoraho yababaririye kur’ uwo musozi, abivugiye mu muriro, kuri wa musi mwari mukoranye: Uhoraho arabimpa.
5
Nuko ndahindukira, mmanuka uwo musozi, nshira ivyo bisate mw isandugu nabāje; kandi biracarimwo, nk’uk’ Uhoraho yambariye.
6
(Abisirayeli bavuduka i Beroti‐Bene‐Yakani, bashika i Mosera; ni ho Aroni yapfiriye, bamuhambayo. Eleyazari umwana wiwe asubira ku buherezi bgiwe.
7
Bavudukayo, bashika i Gudigoda; bavuduka i Gudigoda bashika i Yotibata, igihugu kirimw’ imigezi.
8
Mur’ ico gihe Uhoraho arobanura umuryango w’Abalewi kugira ngo barerure ya sandugu y’ isezerano ryiwe, kandi ngo bahagarare imbere yiwe bamuhereze, bahezagire n’abantu mw izina ryiwe, nk’uko biri na bugingo n’ ubu.
9
Ni co catumye Abalewi batagira umugabane cank’ ishamvu muri bene wabo; Uhoraho ni we shamvu yabo, nk’uko yababgiye, ari we Uhoraho Imana yanyu.)
10
Nuko namaze kur’ uwo musozi imisi mirongwine n’amajoro mirongwine, nk’ubga mbere: Uhoraho no mur’ ico gihe na co aranyumvira, ntiyabarandura.
11
Maz’ Uhoraho arambarira, ati Va hasi, ufate urugendo, uje aba bantu imbere, kugira ngo binjire igihugu narahiye ba sekuruza ko nzokibaha, bacegukire.
12
None rero, yemwe Bisirayeli, mbega har’ ikindi Uhoraho Imana yanyu abagombako, atar’ ukumwubaha, no kugendera mu nzira ziwe zose, no kumukunda, no kumukorera n’imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose,
13
no kwitondera ivyagezwe vyiwe n’ amabgirizwa yiwe, ivyo mbageze uyu musi kugira ngo mumererwe neza?
14
Ereg’ Uhoraho Imana yanyu ni we Nyen’ ijuru, mbere ni Nyen’ ijuru risumba ayandi, bo n’isi n’ibirimwo vyose.
15
Ariko rero, Uhoraho yarangirije umutima kuri ba sogokuruza, arabakunda, atoranya n’uruvyaro rwabo ruzoza hanyuma, ni rwo mwebge, abasumbisha ayandi mahanga yose, nk’uko biri na bugingo n’ubu.
16
Nuko mukūreh’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, kandi ntimukomeze kugamika amazosi.
17
Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana isumba izindi, n’Umwami asumba abandi, n’ Imana ihambaye, n’Inyabushobozi iteye ubgoba, idatinya abantu ku kigohe, itarya ingurire.
18
Icira imanza impfuvyi n’abapfakazi, ikunda inyambukīra, ikayigaburira, ikayambika.
19
Nuko rero mukunde inyambukīra, kuko namwe mwar’ inyambukīra mu gihugu ca Egiputa.
20
Mwubahe Uhoraho Imana yanyu, abe ari we musaba, mwifatanye na we akaramata, izina ryiwe ribe ari ryo murahira.
21
Ni we shimwe ryanyu, ni we Mana yanyu, yabakoreye vya bihambaye biteye ubgoba, ivyo amaso yanyu yiboneye.
22
Ba sogokuruza banyu bamanutse muri Egiputa ar’ abantu mirongwirindwi: non’ Uhoraho Imana yanyu yabahinduye nk’inyenyeri zo kw ijuru mu kuba benshi.
← Chapter 9
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 11 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34