bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 32
Deuteronomy 32
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 31
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 33 →
1
Tega ugutwi, wa juru we, nanje mvuge; Isi na yo ni yumve amajambo ava mu kanwa kanje.
2
Ukwigisha kwanje kugwe nk’ imvura, Amajambo yanje atonde nk’ ikime, Abe nk’ukw imvura y’akajogotera igwa ku rumerēra, Kandi nk’iy’ akavuvu iy’ igwa ku bgatsi.
3
Kuko ngira namamaze izina ry’Uhoraho. Enda ni mwaturire Imana yacu kw ifise icubahiro gikomeye.
4
Ico Gitandara, igikorwa ciwe n’agahore; Kand’ inzira ziwe zose ziragororotse. N’Imana yo kwizigirwa, itarimwo kugabitanya, Iroranya, kandi y’Inyakuri.
5
Barayihemukiye, ntibakir’ abana bayo, ariko vyabateye agasembga: N’ab’ urunganwe rw’ibidambidambi bagoramye.
6
Mbeg’ iyo ni yo ngero mushubije Uhoraho, Mwa bantu b’ibipfu b’imburabgenge? Si we Muvyeyi wanyu yabaremye, Akababumba, akabakomeza?
7
Ni mwibuke ibihe vya kera, Mwiyumvire uk’ urunganwe rwagiye rukūranwa mu myaka yashize. Bibaze ba so, barabibamenyesha, N’abo hambere, barabibabarira.
8
Igihe Īsumba Vyose yagabanganya amahanga amashamvu yayo, Igatandukanya amoko n’ayandi, Yashizeh’ imbibe z’amahanga, Nk’ukw igitigiri c’Abisirayeli kingana.
9
Kukw abantu b’Uhoraho ari bo mugabane wiwe, Aba Yakobo ni bo shamvu y’ aho yigereje ibango.
10
Yabasanze mu gihugu c’ ubugaragwa, Mu bugaragwa bg’ubgeranyange, humvikanamw’ ibihūrira; Abakikiza irya n’ino, arababungabunga, Abazigama nk’imbone y’ijisho.
11
Nk’ukw inkukuma ikangura ivyana vyayo mu cāri, Igahungiriza amababa hejuru yavyo, Igasanza amababa, ikabijana, Ikabihēka ku mababa yayo:
12
Uko ni k’Uhoraho yagenda abarōngōra wenyene, Ata mana y’inyamahanga yari kumwe na we.
13
Yabahaye kugenda bajandagira ku mpinga z’imisozi yo mu gihugu, Barya ivyeze vyo mu mirima; Abaha kuvotagira ubūki bgo mu bitandara, N’amavuta ya elayo ava mu rutare rukomeye;
14
Abaha n’amata y’urubu n’ amatāmatāma, N’ibinure vy’abana b’intama n’ivy’ amapfizi y’intama, N’amasho y’i Bashani, n’ impene, N’ingano zitengengeye nziza; Mwanyoye vino, ari yo maraso y’inzabibu.
15
Ariko Yeshuruni amaze kuvyibuha, atēra akagere: Yaravyibushe, arasenyuka, acika igisēme; Maz’ aca areka Imana yamuremye, Akēngēra ca Gitandara c’ agakiza kiwe.
16
Bayiteye kugira ifūhe kubgo gusaba imana z’inyamahanga, Bayirakishije ibizira bakoze;
17
Bahaye ibimazi abadayimoni batar’ Imana, Bahaye ibimazi imana batigeze kumenya, Imana nsha z’inzaduka, Izo ba sogokuruza batātinya.
18
Ca Gitandara mwavutseko ntimukicibuka: Mwibagiye Imana yabavyaye.
19
Uhoraho yarabibonye, karaziriringa, Ashavurira abahungu biwe n’ abakobga biwe.
20
Aravuga, ati Reka mbahishe mu nyonga hanje, Ndābe iherezo ryabo uko rizomera; Kukw ar’ urunganwe rw’ ibidambidambi, N’abana batar’ abizigirwa.
21
Ati Bantēje ifūhe ibitar’ Imana; Bandakishije ibigirwamana vyabo vy’ubusa: Nuko nanje nzobatēza ishari abatar’ ihanga ry’ukuri, Nzobarakisha ihanga ry’imburabgenge.
22
Kuk’ umuriro w’uburake bganje udometswe, Wātse, ugashika hasi i kuzimu, Ugatōngōra isi n’ivyeze kuri yo, Ukadomeka amatanguriro y’ imisozi.
23
Nzobarundakw ivyago, Nzobamarirakw imyampi yanje;
24
Bazogenda bamarwa umunywera n’inzara, bahondoberezwe n’umururumbo, N’ikiza gikaze; Nzobatērēra ibikōko, bibate mu menyo yavyo, Ndabatērēre n’ivyikwega mu mukungugu vy’ubumara.
25
Hanze inkota izohēkūra, No mu nzu habe gucika ivutu, Yice imisore n’inkumi, N’abana bonka n’abatāma bameze imvi.
26
Nari mmaramaje kubashwiragiriza kure, Nkazimanganya ukwibukwa kwabo mu bantu,
27
Iyo ntatinya ibitutsi vy’abansi, N’ukw abarwanizi babo bovyita ukundi, Bakavuga, bat’ Ubuhizi bgacu buhambaye Ni bgo bgakoze ivyo vyose, s’ Uhoraho.
28
Kukw ar’ ihanga ry’abantu ata co bībaza, Ata bgenge buri muri bo.
29
Iyo baba abanyabgenge bokwibajije ibi, Bakiyumvira ivy’ iherezo ryabo.
30
Umwe yoshoboye ate gukinagiza igihumbi, Na babiri kwirukana ibihumbi cumi, Iyo ca Gitandara cabo atabagura, Iy’ Uhoraho atabagabura?
31
Kukw igitandara ca ba bandi kidahwanye n’icacu, Mbere n’abansi bacu ubgabo barabizi.
32
Umuzabibu wabo wavuye ku w’i Sodomu, No mu mirima y’i Gomora; Inzabibu zabo n’amabamba, Imisoko yazo n’imirurazi.
33
Vino yabo ni nk’ubumara bg’ inzoka, Mbere ni nk’ubumara bgica bg’imvuvyi.
34
Mbeg’ ivyo ntibibītswe aho ndi? Ntivyugaraniwe mu bubīko bganje?
35
Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko Igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk’ umusi w’ivyago vyabo uri hafi, Kand’ ibigira bibazeko bizotebuka.
36
Kuk’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe, Azokwirīmbūra ku vyo agirira abashumba biwe, Ni yabona yuk’ ubushobozi bgabo buheze, Ata wugisigaye, n’iyo yoba imbohe cank’ uwidegemvya.
37
Azobaza, ati Mbeg’ imana zabo ziri hehe, Ca gitandara bāri bizigiye?
38
Zimwe zārya ibinure vy’ibimazi vyabo, Zikanywa vino z’ibiturire bāshikana? Ni zihaguruke zibatabare, Zibe ari zo zibakingira!
39
Nuko rero mumenye yuko jewe, jewe ubganje, ari jewe Mana, Kandi kw ata yindi mana ibangikanye nanje: Ni jewe ntuma umuntu apfa, ni jewe ntuma umuntu abaho; Ni jewe nkomeretsa, ngakiza; Kandi nta woshobora kugira ico arokora mu kuboko kwanje.
40
Mbere mmanitse ukuboko kwanje, ndagutunze mw ijuru, Nti Ndahiye ukubaho kwanje, nk’uko namah’ ibihe vyose,
41
Yukw igihe nzokarisha inkota yanje irabagirana nk’ umuravyo, Ukuboko kwanje kugafata amatēka, Nzokwihōra abarwanizi banje, Nsubirize mu nkōko abanyanka.
42
Imyampi yanje nzoyiboreza amaraso, Amaraso y’abishwe n’ay’ abafashwe mpiri; Inkota yanje izorya inyama, Ikegete imitwe y’abatware b’abansi.
43
Yemwe banyamahanga, ni munezeranwe n’abantu bayo, Kukw abāvishije amaraso y’ abasavyi bayo izoyabahōra, Kand’ izokwihōra abarwanizi bayo, Itangire impongano igihugu c’abantu bayo.
44
Nuko Mose araza, avugira amajambo yose y’iyo ndirimbo mu matwi y’abantu, afatanije na Yosuwa mwene Nuni.
45
Maze Mose arangije kubgira Abisirayeli bose ayo majambo yose,
46
arababarira, ati Mushire imitima yanyu ku majambo yose mbabariye uyu musi, muze muyatoze abana banyu kugira ngo baze bitondere amajambo yose y’ivyo vyagezwe, babishitse.
47
Ivyo ntimubigire ivyoroshe; kukw ari vyo bugingo bganyu, kandi ni mwavyitondera bizobahesha kurambira mu gihugu, ico mugiye kujabuka Yorodani ngo mucinjire.
48
Kur’ uwo musi nyene Uhoraho abarira Mose,
49
ati N’udūge mur’ iyi misozi yo muri Abarimu, urinde ushika ku musozi Nebo, uri mu gihugu c’i Mowabu, aharābana n’i Yeriko; witegereze igihugu c’i Kanani nahaye Abisirayeli kw ishamvu.
50
Kand’ uzoca utambūrira kur’ uyo musozi udūze, uhamvye abanyu, nk’uko Aroni mukurwawe yapfiriye ku musozi Hori, akabahamvya;
51
kuko mwampemukiye hagati mu Bisirayeli, igihe mwari ku mazi y’i Meriba h’i Kadeshi, mu bugaragwa bg’i Zini, ntimwerekane ukwera kwanje hagati mu Bisirayeli.
52
Ico gihugu uzogitereza amaso kiri kure yawe, ariko ntuzokigeramwo, ico gihugu mpaye Abisirayeli.
← Chapter 31
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 33 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34