bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 4
Deuteronomy 4
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 5 →
1
None rero, yemwe Bisirayeli, ni mwumvirize amabgirizwa n’ amatēka ashinzwe mbigisha, muvyitondere; kugira ngo mubone kubaho, mwinjire igihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabahaye, mucegukire.
2
Ntimuze mwungurire ku vyagezwe mbagera, canke ngo mubigabanye, kugira ngo mubone kwitondera ivyagezwe vy’Uhoraho Imana yanyu mbagera.
3
Amaso yanyu yiboneye ivyo Uhoraho yakoze kubga Bayali y’i Peyori; kuk’ Uhoraho Imana yanyu yaranduye abantu bose bākurikiye Bayali y’i Peyori, akabakūra hagati muri mwebge.
4
Ariko mweho abīfatanije n’Uhoraho Imana yanyu muracariho mwese no kugeza uyu musi.
5
Rāba ndabigishije amabgirizwa n’amatēka ashinzwe, nk’uk’ Uhoraho Imana yanje yangeze, kugira ngw abe ari ko muzogenza mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.
6
Nuko muze muvyitondere, mubishitse, kukw ivyo ari vyo bizogaragariza ayandi mahanga ubgenge bganyu n’ubunyarutsi bganyu, igihe azokwumva ayo mabgirizwa yose, akavuga, ati N’ukuri iri hanga rihambaye n’ abantu b’abanyabgenge bafise ubunyarutsi.
7
Mbega har’ ihanga rihambaye rifise imana iri hafi yaryo nk’uk’ Uhoraho Imana yacu aba hafi yacu, iyo tumwambaje?
8
Canke har’ ihanga rihambaye rifise amabgirizwa n’amatēka ashinzwe aroranye, nk’ukw ibi vyagezwe vyose biri, nshize imbere yanyu uyu musi?
9
Ariko kimwe gusa, mwiyubare, mugire umwete wo kwirinda mu mitima, mwoye kwibagira ivyo amaso yanyu yiboneye, vyoye kuva mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho; ariko muze mubimenyeshe abana banyu n’abuzukuru banyu.
10
Kandi ntimwibagire wa musi mwari muhagaze imbere y’Uhoraho Imana yanyu kuri Horebu, igihe Uhoraho yambarira, ati Nkoraniriza abantu, mbacūrire amajambo, kugira ngo bige kunyubaha imisi yose bazomara bakiriho mw isi, bavyigishe n’abana babo;
11
namwe mukaza, mugahagarara musi ya wa musozi warik’ urāka umuriro w’imbeya zishika mw ijuru, wubikijek’ umwiza n’igicu c’igipfungu n’umuzimagiza.
12
Uhoraho yavugiye mur’ uwo muriro ababarira, namwe mwumva ijwi rivuga, ariko ntimwagira ishusho yiwe mubona, mwumvise ijwi gusa.
13
Abamenyesha isezerano ryiwe, ababarira ngo murishitse, ni vyo vya vyagezwe cumi; avyandika ku bisate vy’amabuye bibiri.
14
Nanje ico gihe Uhoraho ambarira kubigisha amabgirizwa n’amatēka ashinzwe, kugira ngo muze muvyitondere mushitse mu gihugu mugiye kujabukiramwo ngo mucegukire.
15
Nuko mwiyubare cane, kuko mutāgize ishusho mubona na mba, kuri wa musi Uhoraho yababarira ar’ i Horebu, ari hagati mu muriro,
16
kugira ngo mwoye kwihumanya, mukībāzira igishushanyo, mugishushanije n’ ishusho iy’ ari yo yose, ar’ igishushanijwe mu kigabo canke mu kigore,
17
canke mu gikōko canke mu gitunzwe kiri kw isi ic’ ari co cose, canke mu kiguruka mu kirere ic’ ari co cose,
18
ar’ igishushanyo c’ikinyonyera kigendera hasi ic’ ari co cose, canke c’ifi iy’ ari yo yose yo mu mazi yo mu biyaga;
19
kandi mwiyubare kugira ngo ni mwararama mukarāba mw ijuru, mukabona izuba n’ukwezi n’inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, bize vyoye kubakwega ngo mubisenge, mubisabe, kand’ ari vyo Uhoraho Imana yanyu yashiriyeh’ amahanga yose yo musi y’ijuru.
20
Ariko mweho, Uhoraho yarabashīngūye, abakūra muri rya tanure rivugutira ivyuma, ari ryo Egiputa, kugira ngo mumubere abantu yiharije, nk’uko biri n’ ubu.
21
Kand’ Uhoraho yandakiye kubganyu, andahira yuko ntazojabuka Yorodani, ngo nshike mu gihugu ciza Uhoraho Imana yanyu yabahaye kw ishamvu;
22
ariko ko nkwiye kuzopfira mur’ iki gihugu, sinjabuke Yorodani: ariko mweho muzorujabuka, mwinjire ico gihugu ciza.
23
Nuko mwiyubare, mwoye kwibagira isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu yasezeranye namwe, mukībāzira igishushanyo, mugishushanije n’ ishusho y’ikintu ic’ ari co cose, Uhoraho Imana yanyu yababujije.
24
Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ umuriro utōngōra, ar’ Imana ifūha.
25
Ni mwamara kuvyara abana, mukagira n’abuzukuru, mumaze igihe kirekire mur’ ico gihugu, hanyuma mukihumanya, mukībāzira igishushanyo, mugishushanije n’ikintu ic’ ari co cose, mugakora ico Uhoraho Imana yanyu ibona kw ari kibi, mukayiratsa;
26
uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona yuko mutazobura guhona bidatevye, mugaherengetera mu gihugu mujabuka Yorodani muja kwinjira; ntimuzokirambiramwo, ariko muzorandurwa rwose.
27
Kand’ Uhoraho azobasābagiriza mu mahanga, kandi muzosigara mur’ inkehwa mur’ ayo mahanga, iyo Uhoraho azoba yarabajanye.
28
Muzohasabira imana zābājwe n’intoke z’abantu mu biti no mu mabuye, zitaruha zibona canke ngo zumve canke ngo zirye canke ngo zimoterwe.
29
Arikw iyo ni mwaharonderera Uhoraho Imana yanyu, mukamurondeza imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose, muzomubona.
30
Ni mwaramuka mugiye mu vyago, ivyo vyose bikabashikako, amaherezo muzohindukirira Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire;
31
kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana y’inyembabazi, ntizobaheba, ntizobarandura, canke ngo yibagire isezerano yasezeranye na ba sogokuruza, ikabarahira.
32
Enda bariritsa ivyo mu misi yahise, mutarabaho, muhēreye ku musi Imana yaremeyek’ umuntu mw isi, muhēreye no ku mpera y’ ijuru mukageza ku yindi, yuko higeze kubah’ igihwanye n’iki kintu gikomeye, canke ko humvikanye igihwanye na co.
33
Mbega har’ aho abantu bīgeze kwumva ijwi ry’Imana iri hagati mu muriro, nk’uko mwebge mwaryumvise, bagaheza bakabaho?
34
Canke hīgeze kuba imana yagerageje gushingūra ihanga, ikarikūra hagati mu rindi, irikūjeyo kurekura ibigerageza, n’ibimenyetso n’ibitangaza, n’intambara, irikūjeyo n’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye, n’ibiteye ubgoba bihambaye, nk’ivyo Uhoraho Imana yanyu yabakoreye muri Egiputa muvyibonera?
35
Ni mwebge mweretswe ivyo kugira ngo mumenye yuk’ Uhoraho ari we Mana, ata yindi iriho atari we.
36
Yabumvishije ijwi ryiwe ari mw ijuru, kugira ngw abigishe, kandi yaberekeye kw isi umuriro wiwe uhambaye: mwumva amajambo yiwe ava hagati mur’ uwo muriro.
37
Kandi kuko yakunda ba sogokuruza banyu, ni co catumye atoranya uruvyaro rwabo, we ubgiwe akabakūra muri Egiputa, abakūjey’ ubushobozi bgiwe buhambaye,
38
akirukana amahanga imbere yanyu abarusha ubginshi n’inkomezi, ngo mwebge abinjize mu gihugu cabo, akibahe kibe ishamvu yanyu, nk’uko biri n’uyu musi.
39
Nuk’ uyu musi mubimenye, mubishirekw imitima, yuk’ Uhoraho ari we Mana mw ijuru no mw isi, ata yindi.
40
Kandi muze mwitondere amabgirizwa yiwe n’ ivyagezwe vyiwe, ivyo mbagera uyu musi, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma, kugira ngo mwame mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye kugeza ibihe bidashira.
41
Maze Mose arobanura ibisagara bitatu hakuno ya Yorodani ahahera i burasirazuba,
42
kugira ng’ uwishe umuntu ahungireyo, amwishe atabigize ibigirankana, adasanzwe amwanka; az’ ahungire muri kimwe mur’ ivyo bisagara, abone gukira.
43
Kimwe n’i Beseri mu bugaragwa bgo mu kiyaya, c’ubuhungiro bg’Abareyubeni; n’i Ramoti i Gileyadi, c’ubuhungiro bg’Abagadi; n’i Golani i Bashani, c’ ubuhungiro bg’Abamanase.
44
Ibi ni vyo vyagezwe Mose yashize imbere y’Abisirayeli,
45
ari vyo vyashinzwe bo n’amabgirizwa n’amatēka Mose yabashikirije igihe bari bavuye muri Egiputa,
46
bakiri hakuno ya Yorodani, ku mwonga aharābana n’i Beti‐Peyori, mu gihugu car’ ica Sihoni umwami w’Abamori, yaba i Heshiboni, uwo Mose n’Abisirayeli banesheje, igihe bari baravuye muri Egiputa;
47
bakegukira igihugu ciwe n’ica Ogi, umwami w’i Bashani; abo bompi bar’ abami b’Abamori, baganza hakuno ya Yorodani ahahera i burasirazuba,
48
uhēreye kuri Aroweri ho ku mucāmo hejuru y’umwonga wo kuri Arunoni, ugashitsa ku musozi Siriyoni, ari wo Herumoni,
49
n’ikiyaya Araba cose co hakuno ya Yorodani ahahera i burasirazuba, ugashitsa no ku kiyaga co mur’ ico kiyaya Araba, kiri musi y’agahanamo ka Pisiga.
← Chapter 3
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 5 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34