bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 27
Deuteronomy 27
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 26
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 28 →
1
Mose n’abakuru b’Abisirayeli babarira abantu, bati Muze mwitondere ivyagezwe vyose mbagera uyu musi.
2
Umusi muzojabuka Yorodani, mugashika muri ca gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye, muze mushinge amabuye manini‐manini, muyahome ingwa;
3
muheze muyandikekw amajambo yose y’ivyo vyagezwe, mugiheza kujabuka, kugira ngo mubone kwinjira ico gihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye, igihugu gitemba amata n’ubūki, nk’ uk’ Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabasezeraniye.
4
Nuko ni mwamara kujabuka Yorodani muze mushinge ayo mabuye mbageze uyu musi ku musozi Ebalu, muyahome ingwa.
5
Kandi muze muhubakire Uhoraho Imana yanyu igicaniro c’amabuye, mutayakojejekw icitwa icuma.
6
Igicaniro c’Uhoraho Imana yanyu muze mucubakishe amabuye atabājwe; muheze mucoserezekw ibimazi muhaye Uhoraho Imana yanyu,
7
mutange n’ibimazi vy’ishimwe, mubirīre aho nyene, munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu.
8
Kandi muze mwandike kuri ya mabuye amajambo yose y’ivyo vyagezwe uburyo busomeka neza.
9
Maze Mose n’abaherezi ari bo Balewi babarira Abisirayeli bose, bati Yemwe Bisirayeli, ni muhore, mwumve: uyu musi muhindutse ihanga ry’Uhoraho Imana yanyu.
10
Ni co gituma mukwiye kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mukitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe, ivyo mbagera uyu musi.
11
Maze Mose agera abantu kur’ uwo musi,
12
at’ Aba az’ abe ari bo bahagarara ku musozi Gerizimu mu guhezagira abantu, mumaze kujabuka Yorodani: Abasimeyoni, n’Abalewi, n’Abayuda, n’Abisakari, n’Abayosefu, n’Ababenyamini;
13
aba na bo az’ abe ari bo bahagarara ku musozi Ebalu mu kuvuma: Abareyubeni, n’Abagadi, n’Abasheri, n’Abazebuloni, n’Abadani, n’Abanafutali.
14
Maz’ Abalewi baze babarire abantu b’Abisirayeli bose, bababarire mw ijwi rirenga,
15
bat’ Azoba avumwe, umuntu abāza igishushanyo cank’ akakivugutira mu nkero, ar’ igikorwa c’umuhinga, akagishinga mu mpisho, kand’ ar’ ubuyobe k’ Uhoraho. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
16
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūkēngēra se canke nyina. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
17
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūshingūra akarimbi k’urubibe rw’ umubanyi wiwe. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
18
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūhuvya impumyi ngw ite inzira yayo. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
19
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūgoreka urubanza rw’inyambukīra, canke rw’impfuvyi canke rw’umupfakazi. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
20
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana na muka se, kukw aba yorosoye impuzu ya se. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
21
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana n’igitungano ic’ ari co cose. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
22
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana na mushiki we, ar’ uwo basangiye se canke nyina. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
23
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana na inabukwe. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
24
Abalewi bat’ Azoba avumwe, uwica mugenzi we mu mpisho. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
25
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūhērewe ngw aje kwica umuntu ata co yakoze. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
26
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūdashitsa amajambo y’ibi vyagezwe ngw ayitondere. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
← Chapter 26
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 28 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34