bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 29
Deuteronomy 29
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 28
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 30 →
1
Aya ni yo majambo y’isezerano, Uhoraho yabariye Mose gusezeranira n’Abisirayeli mu gihugu c’i Mowabu, yongewe kw isezerano yasezeraniye na bo kuri Horebu.
2
Mose ahamagara Abisirayeli bose, arababgira, ati Mwiboneye ivy’ Uhoraho yakoze vyose mu maso yanyu mu gihugu ca Egiputa, abigiriye Farawo n’abamenyekana biwe bose, n’igihugu ciwe cose;
3
n’ibigerageza bikomeye, n’ibimenyetso, na vya bitangaza bihambaye, amaso yanyu yiboneye.
4
Arik’ Uhoraho ntiyabaha umutima wo kubitahura, n’amaso yo kuvyitegereza, n’amatwi yo kuvyumva, gushitsa kur’ uyu musi.
5
Kand’ Uhoraho ati Namaze imyaka mirongwine mbarōngōra mu bugaragwa; imyambaro yanyu ntiyabashiriyeko, n’ inkweto zo mu birenge vyanyu ntizabashiriyeko.
6
Ntimwagenda murya umutsima, canke ngo munywe vino cank’ inzoga, kugira ngo mumenye yuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.
7
Dushitse aha hantu, Sihoni umwami w’i Heshiboni na Ogi umwami w’i Bashani baza kudutega ngo baturwanye, turabanesha;
8
dushikīra ibihugu vyabo, tubiha Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase, kuba ishamvu yabo.
9
None rero ni mwitondere amajambo y’iri sezerano, muyashitse, kugira ngo mugire ukuboko kwiza mu vyo mukora vyose.
10
Rāba uyu musi muhagaze imbere y’Uhoraho Imana yanyu mwese: abakuru b’imiryango, n’ abashingantahe banyu, n’abagabisha banyu, n’abagabo mwese bo mu Bisirayeli,
11
n’abana banyu, n’abagore banyu, n’abanyamahanga baba mu nsago zanyu, uhereye ku mushenyi wanyu ukageza ku muvomyi;
12
muzanywe no kuja mw isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu, isezerano rishingishijwe indahiro, iryo Uhoraho Imana yanyu asezerana namwe uyu musi,
13
kugira ngw abahagarikire, mumubere ihanga, na we ababere Imana, nk’uko yababgiye, kandi nk’uko yarahiye ba sogokuruza banyu, Aburahamu na Isaka na Yakobo.
14
Kandi si mwebge mwenyene nsezeranishiriza iri sezerano n’iyi ndahiro;
15
ariko ndarisezeranishiriza abahagararanye natwe uyu musi imbere y’Uhoraho Imana yacu, bo n’abatari hano uyu musi.
16
Murazi ko twaba mu gihugu ca Egiputa, n’ingene twaciye hagati mu mahanga;
17
kandi mwabonye ibizira bākunda, n’ibigirwamana vyabo vy’ ibiti n’amabuye n’ifeza n’izahabu vyari muri bo.
18
Muri mwebge ntihaze hagire ūkūra umutima k’Uhoraho Imana yacu, ngw aje gusaba imana z’ayo mahanga, ar’ umugabo cank’ umugore cank’ inzu cank’ umuryango; kugira ngo muri mwebge hoye kuba umuzi uzana ibamba n’umururazi.
19
Ntihaze hagire uwumva amajambo y’uyu muvumo, ngo yihende mu mutima wiwe, ati Nzoba amahoro, naho mpfa uko ngenze; ivyo vyoba ar’ ukurandurana ibitotahaye n’ivyumye.
20
Uhoraho ntazokwemera kumuharira, arik’ uburake bgiwe n’ifūhe ryiwe bizopfūndūka nk’umwotsi kur’ uyo muntu, imivumo yose yanditswe mur’ iki gitabo imurundaneko, kand’ Uhoraho azozimiriza izina ryiwe musi y’ijuru.
21
Uhoraho azomutandukanya n’ imiryango yose y’Abisirayeli, ngw amutērēre ivyago bihwanye n’ imivumo yose yo mw isezerano ryanditswe mur’ iki gitabo c’ ivyagezwe.
22
Kand’ urunganwe ruzoza hanyuma, ari bo bana banyu bazokura babakurikiye, bo n’ umunyamahanga azova mu gihugu ca kure, ni babona ivyago vyabaye mur’ ico gihugu n’indwara Uhoraho yagiteje,
23
bakabona yukw ico gihugu cose cabaye amazuku n’umunyu, cahiye uburimbi, ko kitakirimwa, canke ngo kimere, canke ngo kibemwo n’akātsi, ko gisigaye kimeze nk’ukw i Sodomu hākomvomvowe, bo n’i Gomora n’i Adima n’i Seboyimu, ibisagara Uhoraho yakomvomvoje uburake bgiwe n’ubushangashirwe bgiwe;
24
bazobaza, mbere n’amahanga yose azobaza, bati Mbega n’iki cateye Uhoraho kugirira ico gihugu artyo? ubgo burake bg’inkazi bururumba bgavuye ku ki?
25
Abantu bazobishura, bati N’uko bāretse isezerano ry’Uhoraho, Imana ya ba sekuruza, iryo yari yasezeranye na bo, igihe yabakūra mu gihugu ca Egiputa;
26
bakagenda bagasaba izindi mana, bakazisenga, ar’ imana batari bigeze kumenya, izo Uhoraho atābashingiye.
27
Bati Ni co catumye uburake bgiwe buziriringira ico gihugu, bukakizanira imivumo yose yanditswe mur’ iki gitabo,
28
Uhoraho akabarandura, akabakūra mu gihugu cabo, bivuye kw ishavu abafitiye, n’uburake n’ubushangashirwe bginshi, akabashiburira mu kindi gihugu, nk’uko biri uyu musi.
29
Ibikir’ amabanga n’ivy’ Uhoraho Imana yacu, arikw ibimaze guhishurwa n’ivyacu n’uruvyaro rwacu ibihe vyose, kugira ngo twitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe.
← Chapter 28
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 30 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34