bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 30
Deuteronomy 30
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 29
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 31 →
1
Igihe ivyo vyose bizoba vyabashitseko, ivy’ umugisha n’umuvumo nabashize imbere, mukavyibukira iyo muri mu mahanga yose ah’ Uhoraho Imana yanyu azoba yarabirukaniye,
2
mugahindukirira Uhoraho Imana yanyu, mukamwumvira muri vyose, nk’ uko mbibagera uyu musi, mwe n’abana banyu, mumwumvirishije imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose;
3
Uhoraho Imana yanyu azotuma muhindukira, muve mu kinyago, abagirire ikigongwe, asubire kubakoraniriza hamwe, abakūye mu mahanga yose ah’ azoba yarabasābagirije.
4
Kandi namba har’ abirukanywe bo muri mwebge bazoba bar’ iy’ ijuru riherera, Uhoraho Imana yanyu azobakūrayo, abakoranye, mber’ iyo ni ho azoja kubazana.
5
Kand’ Uhoraho Imana yanyu azobasubiza mu gihugu car’ ishamvu ya ba sogokuruza, namwe mucegukire; kand’ azobagirira neza, abagwize gusumvya ba sogokuruza.
6
Kand’ Uhoraho Imana yanyu azokūrah’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, n’ukwo mu mitima y’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukundishe imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, mubone kubaho.
7
Kand’ Uhoraho Imana yanyu azoshira iyo mivumo yose ku bansi banyu no ku bazoba babagendanira inzigo no ku babadendereza.
8
Namwe muzohindukirira Uhoraho, mumwumvire, mwitondere ivyagezwe vyiwe vyose mbagera uyu musi.
9
Kand’ Uhoraho Imana yanyu azobasesekariza ivyiza mu bikorwa vyanyu vyose, agwize uruvyaro rwo mu nda zanyu, n’urwo mu masho yanyu, n’imirima yo mu ndimiro zanyu; kuk’ Uhoraho azokwongera kunezererwa kubagirira neza, nk’uko yanezererwa ba sogokuruza,
10
namba muzoba mwumviye Uhoraho Imana yanyu, mukitondera ivyagezwe n’ amabgirizwa vyanditswe mur’ iki gitabo c’ivyagezwe, mukamuhindukirira, mukamurondeza imitima yanyu yose n’ubugingo bganyu bgose.
11
Kukw ivyo vyagezwe mbageze uyu musi atar’ ivyo kubananira, kand’ atar’ ibiri kure.
12
Ntibiri mw ijuru, ngo muvuge, muti Ni nde yotudūgira mw ijuru, kugira ngw abituzanire, ngo tuvyumvire, tuvyitondere?
13
Kandi ntibiri hakurya y’ikiyaga, ngo muvuge, muti Ni nde yotujabukira ikiyaga, ngw abituzanire, ngo tuvyumvire, tuvyitondere?
14
Arikw iryo jambo riri hafi yanyu cane, mbere riri mu kanwa kanyu no mu mitima yanyu, ngo mubone kuryitondera.
15
Ehe rāba, uyu musi mbashize imbere ubugingo n’amahirwe, bo n’urupfu n’amagorwa;
16
kuk’ uyu musi mbabariye gukunda Uhoraho Imana yanyu, no kugendera mu nzira ziwe, no kwitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe n’amatēka yashinze, kugira ngo mubone kubaho, mugasāre, Uhoraho Imana yanyu abahēre umugisha mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.
17
Ariko ni mwakikama mu mitima yanyu, mukanka kwumvira, mukemera inyosha, mugasenga izindi mana, mukazisaba,
18
uyu musi ndabamenyesha yuko mutazobura guhona; ntimuzomara igihe kinini mu gihugu mugiye kujabuka Yorodani ngo mucinjire, mucegukire.
19
Uyu musi ntanze ijuru n’isi kw ivyabona bizobāgiriza, yuko mbashize imbere ubugingo n’urupfu, umugisha n’umuvumo; nuko ni muhitemw’ ubugingo, kugira ngo mubone kubaho, mwe n’uruvyaro rwanyu,
20
mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata, kukw ari we bugingo bganyu n’ukuramba kwanyu; kugira ngo mubone kuba mu gihugu yarahiye ba sogokuruza Aburahamu na Isaka na Yakobo, kw azokibaha.
← Chapter 29
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 31 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34