bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 33
Deuteronomy 33
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 32
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 34 →
1
Iyi ni yo mihezagiro Mose umuntu w’Imana yahezagiye Abisirayeli, atarapfa:
2
at’ Uhoraho yaturutse kuri Sinayi, Yabarasiye aserutse kuri Seyiri, Yakayanganye aserutse ku musozi Parani, Avuye hagati mu masinzi y’ abera; I buryo bgiwe har’ umuriro waka.
3
N’ivy’ ukuri arakunda amahanga, Abera biwe bose bari mu kuboko kwiwe, Bicaye hambavu y’ibirenge vyiwe, Umuntu wese yumva amajambo yiwe.
4
Mose yadushingiye ivyagezwe, Ni vyo shamvu y’ikoraniro ry’ aba Yakobo.
5
Kand’ Uhoraho yar’ Umwami mu ba Yeshuruni, Igihe abakuru bāgaba abantu bākorana, Imiryango yose y’Abisirayeli igakoranira hamwe.
6
Aba Reyubeni baragahoraho, ntibagapfe, Abantu bo muri bo ntibabe bake.
7
Ibi ni vyo yavuze ku ba Yuda: At’ Uhoraho, ni wumve ijwi rya Yuda, Umusubize mu bgoko bgabo. Amaboko yiwe yaramurwaniye, Nawe uz’ umubere umutabazi wo kumutabara abansi biwe.
8
Aba Lewi abavugako, Ati Tumimu zawe na Urimu zawe zifiswe n’umukunzi wawe, Uwo wageragereje i Masa, Ugahārīrira na we ku mazi y’i Meriba.
9
Lewi yavuze ku vya se na nyina, ati Sinkibamenya; N’abo bavukana ntabemera, Canke ngw anamenye n’ivy’ abana biwe ubgiwe; Kukw Abalewi bakomeje ijambo ryawe, Bakitondera isezerano ryawe.
10
Bazokwigisha aba Yakobo amatēka washinze, Bigishe Abisirayeli ivyagezwe vyawe. Bazokumotereza imibavu, Bakwosereze ibimazi bidasonōye ku gicaniro cawe.
11
Ewe Uhoraho, hezagira inkomezi za Lewi, Wemere igikorwa c’amaboko yiwe. Uze wame uvunagura urukenyerero rw’abamukūriye hasi, Bo n’abamwanka, kugira ngo ntibongere kuvyuka.
12
Aba Benyamini abavugako, Ati N’umutoni w’Uhoraho, kand’ azobana na we amahoro; Yama amukingiriye bukarinda bgīra, Aba mu bitugu vyiwe.
13
Aba Yosefu abavugako, At’ Igihugu ciwe kiragahezagirwa n’Uhoraho, Kironke umuhezagiro w’ibirenze ibindi biva mw ijuru, n’uw’ ikime, N’uw’ amazi aryamye hasi i kuzimu.
14
Umuhezagiro w’ibirenze ibindi vyezwa n’izuba, N’uw’ ibirenze ibindi vyera uk’ ukwezi gutashe;
15
N’uw’ ivy’ agahebuza vyera ku misozi yahozeho kera, N’uw’ ibirenze ibindi vyera ku mirambi yamaho;
16
N’uw’ ibirenze ibindi vyo mw isi n’ibiyuzuye, N’uw’ ubuntu bg’Imwe yari muri ca gisaka c’amahwa: Umugisha ube ku mutwe wa Yosefu, Mu gitwariro c’uwagizwe mukuru muri bene se.
17
Impfizi yiwe y’uburiza, icubahiro n’icayo, Amahembe yayo ni nk’ay’ imbogo: Izoyicisha amahanga yose, gushitsa ku mpera y’isi. Ni kw amasinzi y’aba Efurayimu ameze, Bo n’ibihumbi vy’aba Manase.
18
Aba Zebuloni abavugako, At’ Ewe Zebuloni, nezererwa gutēra ururengo kwawe, Nawe Isakari, nezererwa kwigumira mu mahema yawe!
19
Amahanga bazoyatumako ngw aze ku musozi wabo, Aho ni ho bazotangira ibimazi vy’ukugororcka. Kuko bazovotagira ibibōgabōga mu biyaga, N’ubutunzi buhishijwe mu musenyi.
20
Aba Gadi abavugako, At’ Aragahezagirwa uwāgurira Gadi: Abunda nk’intambge y’ingore, Atabagura amaboko no mu gitwariro.
21
Yikubitiye umugabane usumba iyindi mu gihugu, Kukw ari ho icibare c’umugabisha w’ingabo cari kibītswe; Yaje arōngōye abantu; Yashikije amatēka y’Uhoraho, N’ivyo yashinze ku Bisirayeli.
22
Aba Dani abavugako, Ati Dani n’ikibuguru c’intambge, Asimba ava i Bashani.
23
Aba Nafutali abavugako, At’ Ewe Nafutali, uhāze ivyo wahawe ku buntu, Wuzuye imigisha y’Uhoraho: Ni wegukire igihugu c’i burengerazuba n’ic’i bumanuko.
24
Aba Asheri abavugako, Ati Asheri aragahezagirwa kuruta abandi bana, Ashirwe imbere na bene se; Ajobeke ikirenge mu mavuta ya elayo.
25
Ibihindizo vyawe bizoba ivyuma n’imiringa, Kand’ ukw imisi yawe ingana, ni kw inkomezi zawe zizongana.
26
Nta gihwanye n’Imana yawe, ewe Yeshuruni, Iza ireruwe n’ijuru, izanywe no kugutabara, Iza ireruwe n’ibicu, iri n’ igitinyiro.
27
Imana ihoraho ni yo buhungiro bgawe, Kand’ amaboko y’ibihe vyose yama akuramira. Yirukanye abansi imbere yawe, Iravuga, iti Genda urandure!
28
Uko ni kw Abisirayeli bahavuye baba amahoro, Iriba rya Yakobo rikībēra ukwaryo Mu gihugu kibamw’ ingano na vino, Ijuru ryaco rigatonyanga ikime.
29
Yemwe Bisirayeli, murahiriwe! N’ihanga ki rihwanye namwe kuba ihanga ryarokowe n’Uhoraho, Ari we nkinzo ibakingira, ikabakiza, Ari we nkota ibubahiriza? Abansi banyu bazoza babakomere ibōbo, Namwe muzosiribanga ibitabo vyabo batavye ku mpinga z’imisozi.
← Chapter 32
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 34 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34