bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 31
Deuteronomy 31
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 32 →
1
Maze Mose arakomeza, abgira Abisirayeli bose aya majambo.
2
Arababarira, at’ Ubu mmaze imyaka ijana na mirongwibiri, singishobora gutēra ururengo, kand’ Uhoraho yarambariye, ati Ntuzojabuka uru ruzi Yorodani.
3
Uhoraho Imana yanyu ni we azojabuka abagiye imbere, kand’ azorandura ayo mahanga ar’ imbere yanyu, namwe mwegukire igihugu cabo: kandi Yosuwa ni we azojabuka abagiye imbere, nk’uk’ Uhoraho yavuze.
4
Kand’ ayo mahanga Uhoraho azoyagirira nk’ uko yagiriye Sihoni na Ogi, abami b’Abamori, n’igihugu cabo, abo yaranduye.
5
Uhoraho azobagabura mu maboko yanyu, namwe muze mubagirire nk’uko nabageze kwose.
6
Mushikame, mushire amanga, ntimutinye, ntimubacikire ivutu: kuk’ Uhoraho Imana yanyu ari we azojana namwe; ntazobaheba, ntazobata.
7
Maze Mose ahamagara Yosuwa, amubaririra imbere y’Abisirayeli bose, at’ Ushikame, ushire amanga, kukw ari wewe uzojana aba bantu mu gihugu Uhoraho yarahiye ba sogokuruza kw azokibaha: ni wewe uzokibashikiriza.
8
Uhoraho ni we azokuja imbere; azobana nawe, ntazoguheba, ntazoguta; ntutinye, nturanduke umutima.
9
Mose yandika ivyo vyagezwe, abishikiriza abaherezi, ari bo Balewi, abareruzi b’isandugu y’ isezerano ry’Uhoraho, abishikiriza n’abakuru bose b’Abisirayeli.
10
Arabagera, at’ Uk’ umwaka wose ugira indwi utashe, mu gihe cashinzwe c’umwaka wo guheberanira, mu misi mikuru y’insago,
11
igihe Abisirayeli bose baje gushengerera Uhoraho Imana yanyu ha hantu azoba yaratoranije, muze muhore musomera ibi vyagezwe Abisirayeli bose.
12
Muze mukoranye abantu, abagabo n’abagore n’abana, n’abanyamahanga baba muri mwebge, kugira ngo bavyumve, bavyige, bubahe Uhoraho Imana yanyu, bitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe, babishitse;
13
no kugira ngw abana babo bataribgabimenye, bavyumve, bige kwubaha Uhoraho Imana yanyu, igihe cose muzoba mur’ ico gihugu, ico mugiye kujabuka Yorodani ngo mucinjire.
14
Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, igihe cawe co gupfa kiri hafi: enda hamagara Yosuwa, murenguke mw ihema ry’ibonaniro, kugira ngo ndamushikirize igikorwa. Nuko Mose na Yosuwa baragenda, bararenguka mw ihema ry’ibonaniro.
15
Maz’ Uhoraho aserukira mur’ iryo hema, ari mu nkingi y’igicu: iyo nkingi ihagarara mu muryango w’iryo hema.
16
Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe; kand’ iri hanga rizohaguruka, bahurumbire izindi mana nk’ibimaka, ari vyo bigirwamana vy’ico gihugu, aho bagiye kuja kuba muri bene co, bamveko, bice isezerano ryanje nasezeranye na bo.
17
Maz’ ico gihe uburake bganje buzobaziriringira, nanje ndabahebe, ndabahishe mu nyonga hanje, bamarwe n’ivyago vyinshi n’imibabaro bizobazako; bitume bavuga, bat’ Icateye ibi vyago kutuzako s’ukw Imana yacu itari muri twebge?
18
Ico gihe ni koko nzobahisha mu nyonga hanje, mbahōye ibibi vyose bazoba bakoze vyo guhindukirira izindi mana.
19
None rero ni mwandike iyi ndirimbo, uyigishe Abisirayeli, uyibatoze, kugira ngw iyi ndirimbo imbēre icabona ku Bisirayeli kizobāgiriza.
20
Kuko ni namara kubashikana mu gihugu narahiye ba sekuruza babo, igihugu gitemba amata n’ubūki, bakarya, bagahāga, bakadibama; bazohērako bahindukirire izindi mana, bazisabe, bankēngēre, bice isezerano ryanje.
21
Kand’ ivyo vyago vyinshi n’imibabaro ni vyamara kubazako, iyi ndirimbo izobāgiriza nk’icabona, kukw itazokwibagirana ngw ive mu kanwa k’uruvyaro rwabo. N’ubu nzi ivyo bīgereye mu vyiyumviro vyabo, ntarabashikana mu gihugu narahiye ko nzobaha.
22
Nuko kur’ uwo musi nyene Mose yandika iyo ndirimbo, ayigisha Abisirayeli.
23
Kand’ Uhoraho abarira Yosuwa mwene Nuni, at’ Ushikame, ushire amanga; kukw ari wewe uzoshikana Abisirayeli mu gihugu narahiye ko nzobaha: kandi nzobana nawe.
24
Maze Mose, ahejeje kwandika amajambo y’ivyo vyagezwe mu gitabo, ayarangije,
25
abarira Abalewi, ari bo bareruzi b’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho,
26
ati Ni mujane iki gitabo c’ivyagezwe, mugishire i ruhande y’isandugu y’isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu, kigumeho kugira ngo kibe icabona co kubāgiriza.
27
Kuko nzi ubugarariji bganyu, n’ukuntu mutagonda izosi; ko mukunda kugarariza Uhoraho nkiriho, nkiri kumwe namwe mur’ iki gihe, ntimuzorushiriza ni namara gupfa?
28
Ni munkoranirize abakuru bose b’imiryango yanyu, n’abashingantahe banyu, kugira ngo mvugire aya majambo mu matwi yabo, ntange ijuru n’isi kw ivyabona bizobāgiriza.
29
Kuko nzi yuko, ni namara gupfa, muzokwononekara rwose, mugakikama mugata inzira mbagera uyu musi; kand’ amaherezo, ivyago bizobatera, kuko muzoba mukoze ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, mukamurakisha ibikorwa vy’intoke zanyu.
30
Nuko Mose avugira mu matwi y’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli amajambo y’iyi ndirimbo, gushitsa ah’ ayarangirije.
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 32 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34