bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 17
Deuteronomy 17
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 18 →
1
Ntimuze mugire imasa cank’ intama muzanira Uhoraho Imana yanyu kw ikimazi birikw agasembga cank’ igitosekaye cose, kukw ico ar’ umuziro k’Uhoraho Imana yanyu.
2
Muri mwebge, mu bisagara vyanyu vyose Uhoraho Imana yanyu azoba yābahaye, ni haboneka umugabo cank’ umugore akora ico Uhoraho Imana yanyu abona kw ari kibi, co kuva mw isezerano ryiwe,
3
akagenda agasaba izindi mana, akazisenga, ari nk’izuba, cank’ ukwezi, cank’ inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru, kand’ ar’ ivyo ntabageze;
4
mukabibarirwa; mumaze kuvyumva muheze mugire umwete wo kubibariritsa; maze ni mwasanga ar’ ivy’ ukuri bidakekeranywa, yuk’ ubuyobe bungana burtyo bukorerwa mu Bisirayeli,
5
muce muzana uwo mugabo cank’ uwo mugore, yakoze ico kintu kibi, mumushikane kw irembo ry’igisagara canyu, mumwicishe amabuye.
6
Umuntu mu kw apfa, aze yicishwe n’ ivyabona bibiri canke bitatu bimwagirije; arikw icabona kimwe ntikize cagirize umuntu ngo yicwe.
7
Amaboko y’abamwagīrīje az’ abe ari yo atangura kumwica, maze habone gukurikirako n’ abandi bantu bose. Ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.
8
Ni haramuka habaye urubanza runaniranye, ari mu vy’ abīcanye, canke mu vyo abantu bapfa, canke mu vy’abakomerekanije, cank’ imibūrano yindi ivyutse mu bisagara vyanyu; mwebge abazica muze muhaguruke, muje ha hantu Uhoraho Imana yanyu azoba yātoranije,
9
mushikīre abaherezi, ari bo Balewi, n’ umucamanza azoba ariho mur’ iyo misi, mubibashikirize, na bo bazobamenyesha uko baciye urwo rubanza.
10
Namwe, ni bamara kurubashikiririza aho hantu Uhoraho azoba yātoranije, muze mukore nk’uko baruciye nyene; muze mwitondere kubigenza nk’uko bababariye kwose,
11
mukurikire uko barushinze n’uko baruciye; ntimuze mutirimuke ngo muve kur’ urwo rubanza babashikirije, ngo murucishe ahandi.
12
Arik’ umuntu ni yibona ku muherezi, ntamwumvire, kand’ ari we ahagarara ngaho nyene imbere y’Uhoraho Imana yanyu ngw amuhereze, canke ntiyumvire uwo mucamanza, uwo muntu baze bamwice; ukw abe ari ko mukūra ikibi muri mwebge Abisirayeli.
13
Maz’ abantu bose bazovyumva, bace batinya, ntibongere kwibona ben’ ukwo.
14
Ni mwamara gushika mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abaha, mukacegukira mukakibamwo; mukiyumvira, muti Reka twishirireh’ umwami wo kutuganza, nk’uko bimeze mu yandi mahanga yose adukikije;
15
umwami muzoshiraho ntaz’ abure kuba uwo Uhoraho Imana yanyu azotoranya; uwo mwami muzoshiraho wo kubaganza az’ abe uwo mu b’i wanyu; ntimuze mushireh’ umunyamahanga ngw abe ari we abaganza, atar’ uwo mu b’i wanyu.
16
Ikibujijwe, ntaze yironderere amafarasi menshi, canke ngw agire abantu atuma muri Egiputa kugira ngo yironkere umukimba w’amafarasi; kuk’ Uhoraho yababariye, ati Ntimuze musubire kujana iyo nzira ukundi.
17
Kandi ntaz’ agire umukimba w’abagore, kugira ngo ntibize bihindure umutima wiwe; kandi ntaze yirundanirize amafeza n’ amazahabu ngo bibe isinzi.
18
Maze ni yamara kuja ku ngoma, aze yiyandikishirize ibi vyagezwe mu gitabo, abikūye mu gitabo gifiswe n’abaherezi ari bo Balewi.
19
Ico gitabo az’ acamane, agisome imisi yose y’ukubaho kwiwe: kugira ngo yige kwubaha Uhoraho Imana yiwe, yitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe n’aya mabgirizwa, abishitse;
20
kugira ngw abone guhangama ku ngoma yiwe mu Bisirayeli, bo n’uruvyaro rwiwe; kand’ umutima wiwe woye kuzokwishira hejuru ngw akēngēre ab’i wabo, ntaz’ atirimuke ngw ave mur’ aya mabgirizwa, ngw akikamire i buryo cank’ i bumoso.
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34