bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Deuteronomy 5
Deuteronomy 5
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 6 →
1
Mose ahamagara Abisirayeli bose, arababarira, ati Yemwe Bisirayeli, ni mwumve amabgirizwa n’ivyagezwe mvugira mu matwi yanyu uyu musi, kugira ngo muvyige, muvyitondere, mubishitse.
2
Uhoraho Imana yacu yasezeranye natwe isezerano kuri Horebu.
3
Ba sogokuruza si bo Uhoraho yasezeranye na bo iryo sezerano, ariko ni twebge abakiriho, turi hano uyu musi.
4
Uhoraho yavugiye mu muriro, yivuganira namwe imbonankubone kuri wa musozi.
5
Nanje nahagaze hagati y’Uhoraho namwe ico gihe, kugira ngo mbashikirize ijambo ryiwe, kuko mwari mutinye uwo muriro, ntimudūge kur’ uwo musozi. Aravuga,
6
ati Nd’Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.
7
Ntukagire izindi mana umbangikanya.
8
Ntukībāzire igishushanyo, cank’ igisa n’ishusho y’ikintu na kimwe kiri hejuru mw ijuru, canke hasi kw isi, canke mu mazi yo mu biyaga;
9
ntuz’ uvyikubite imbere, ntuz’ ubisabe, kuko jewe Uhoraho Imana yawe nd’Imana ifūha, mpōra abana ibigabitanyo vya ba se, nkageza ku runganwe rugira gatatu no ku rugira kane rw’abanyanka,
10
nkagirira īkigongwe abankunda, bakitondera ivyagezwe vyanje, nkageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.
11
Ntugapfe kuvuga izina ryanje, jewe Uhoraho Imana yawe, ku vy’ubusābusa, kuk’ uworivuga ku vy’ubusābusa, jewe Uhoraho ntobura kubimuhōra.
12
Uze witondere umusi w’isabato, kugira ng’ uwuziririze, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze.
13
Mu misi itandatu az’ abe ari yo ukoreramw’ ibikorwa vyawe vyose:
14
arik’ umusi ugira indwi ni wo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubgawe, cank’ umuhungu wawe, cank’ umukobga wawe, cank’ umugurano wawe, cank’ umuguranokazi wawe, cank’ inka yawe, cank’ indogoba yawe, cank’ ibitungano vyawe ivy’ ari vyo vyose, cank’ uw’ inyambukīra aba i wawe; kugira ng’ umugurano wawe n’umuguranokazi wawe babone kuruhūka nkawe.
15
Kand’ uze wibuke yuko nawe wari mu buja mu gihugu ca Egiputa, jewe Uhoraho Imana yawe nagukūjey’ ukuboko kw’inkomezi kandi kubanguye; ni co catumye jewe Uhoraho mbikugera kuziririza umusi w’isabato.
16
Wubahe so na nyoko, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze, kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamererwe neza.
17
Ntukice.
18
Kandi ntugasambane.
19
Kandi ntukibe.
20
Kandi ntukāgirize ibinyoma mugenzawe.
21
Kandi ntukifuze umugore wa mugenzawe, ntukifuze inzu ya mugenzawe, cank’ itongo ryiwe, cank’ umugurano wiwe, cank’ umuguranokazi wiwe, cank’ inka yiwe, cank’ indogoba yiwe, cank’ ikintu na kimwe ca mugenzawe.
22
Ayo majambo Uhoraho yayababgiye mukoraniye hamwe mwese kuri wa musozi, ntiyagira ikindi yongera kuri yo; ayavugisha ijwi rirenga, ayavugiye mu muriro, no muri ca gicu c’igipfungu, no mu mwiza w’ umuzimagiza. Araheza ayandika ku bisate bibiri vy’ amabuye, arabimpa.
23
Maze mwumvise ijwi rivuye mur’ uwo mwiza, n’umusozi urik’ urāka umuriro, muza kuri jewe, abakuru mwese bo mu miryango yanyu n’ abashingantahe bo muri mwebge,
24
muravuga, mut’ Uhoraho Imana yacu kw atweretse ubgiza bgiwe n’ububasha bgiwe, tukumva ijwi ryiwe rivuye hagati mu muriro, uyu musi tubonye yukw Imana ivugana n’umuntu, akabaho ntapfe.
25
None turinda gupfira iki kandi? kuk’ urya muriro uhambaye uhava utuyogeza, kandi ni twakomeza kwumva ijwi ry’Uhoraho Imana yacu, turapfa.
26
Muti Ni nde mu baremwe bose yigeze kwumva ijwi ry’Imana nzima rivugira hagati mu muriro, nk’uko twebge turyumvise, agaheza akabaho ntapfe?
27
Muti Ba ari wewe wēgēra, wumve ivyo Uhoraho Imana yacu avuga vyose; uheze utubarire ivyo Uhoraho Imana yacu akubarira vyose, natwe tuzovyumvira, tuvyitondere.
28
Maz’ Uhoraho yumva amajambo yanyu mumbariye; nukw arambarira, ati Numvise amajambo y’abo bantu bakubariye; ivyo bavuze vyose babivuze ko.
29
At’ Icompa bagahorana ben’ uwo mutima, ubatera kunyubaha no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose, kugira ngo bamererwe neza, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose!
30
Ati Genda ubabgire, uti Ni mwisubirire mu mahema yanyu.
31
At’ Ariko weho, ugume hano aho ndi, nkubarire ivyagezwe vyose n’amabgirizwa n’ibishinzwe ukwiye kubigisha, kugira ngo baze bavyitondere bashitse mu gihugu nabahaye kuzokwegukira.
32
Nuko rero muze mwitondere ivyo Uhoraho Imana yanyu yababariye; ntimuze mutambamire i buryo cank’ i bumoso.
33
Muze mujane inzira yose Uhoraho Imana yanyu yabarangiye, kugira ngo mubone kubaho, mumererwe neza, muze muhore muba mur’ ico gihugu mugiye kwegukira.
← Chapter 4
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 6 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34