bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 13
Genesis 13
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 14 →
1
Aburamu aradūga ava muri Egiputa, bo n’umugore wiwe n’ivyiwe vyose, na Loti ajana na we, baja i Negebu.
2
Kandi Aburamu yar’ umutunzi cane w’amasho n’imikuku n’amafeza n’amazahabu.
3
Nukw agenda aratāhīra, ava i Negebu arinda ashika i Beteli, ha hantu yashinze ihema ryiwe ubga mbere, hagati y’i Beteli n’i Hayi,
4
hamwe hahora igicaniro yubatse ubga mbere: Aburamu yambarizay’ izina ry’Uhoraho.
5
Kandi na Loti yagendana na Aburamu na we yar’ afise imikuku n’amasho n’amahema.
6
Ico gihugu nticabakwira ngo babangikane, kukw itunga ryabo ryari ryinshi, bituma badashobora kubangikana.
7
Haba intonganya hagati y’abungere ba Aburamu n’abungere ba Loti; kand’ ico gihe Abanyakanani n’Abaferizi ni bo bāba mur’ ico gihugu.
8
Aburamu abarira Loti, ati Ndakwinginze, hoye kuba intonganya hagati yanje nawe, no hagati y’abungere banje n’abawe, kuko tuvukana.
9
Ereg’ igihugu cose kir’ imbere yawe! Ndakwinginze ngo duhāne inta: ni wahitamwo kuja i bumoso nanje ndaja i buryo; ni waja i buryo ndaja i bumoso.
10
Loti yunamura amaso, yitegereza ikiyaya cose co kuri Yorodani, abona ko har’ibigera vy’amazi hose. Uhoraho atararandura Sodomu na Gomora, ico kiyaya cari kimeze nka rya tongo ry’ Uhoraho, canke nk’ igihugu ca Egiputa ugiye werekeye i Sowari.
11
Nuko Loti ahitamw’ ico kiyaya cose co kuri Yorodani; aragenda aja i burasirazuba, bahāna inta.
12
Aburamu aba mu gihugu c’i Kanani, Loti aba mu bisagara vyo muri ca kiyaya, agenda arunguruza amahema arinda ashika i Sodomu.
13
Kand’ Abanyesodomu bār’ abanyavyaha, bacumura k’Uhoraho birengeje urugero.
14
Loti amaze gutandukana na Aburamu, Uhoraho abarira Aburamu, at’ Unamura amaso yawe, uhēre ah’ uhagaze aho, witegereze i burārūko n’i bumanuko n’i burasirazuba n’i burengerazuba:
15
iki gihugu cose ubonye ni wewe nzogiha, n’uruvyaro rwawe, gushitsa ibihe vyose.
16
Kandi nzogwiza uruvyaro rwawe rungane n’umukungugu wo hasi: namb’ umuntu yoshobora guharūra umukungugu wo hasi, n’uruvyaro rwawe na rwo rwoharūrwa.
17
Va hasi, ugēndūre iki gihugu iyo kiva kikagera, kukw ari wewe nzogiha.
18
Aburamu yunguruza amahema, aragenda, aba i ruhande y’ibiti vya Mamure vyitwa imyeloni, bir’ i Heburoni, ahubakira Uhoraho igicaniro.
← Chapter 12
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 14 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50