bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 15
Genesis 15
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 16 →
1
Hanyuma y’ivyo, ijambo ry’ Uhoraho riza kuri Aburamu nko mu nzozi, riti Aburamu, nta co utinya: ni jewe nkinzo yawe, uzohabga impēra ikomeye cane.
2
Aburamu aramubaza, ati Mwami Uhoraho, uzompa iki, ko ngiye gupfa ata kana nsize, kand’ ūzotorana urugo rwanje akaba ari Eliyezeri Umunyadamasiko?
3
Arongera, at’ Erega nta ruvyaro wampaye, kand’ umunyarugo yavukiye i wanje ni we azotora ivyanje.
4
Maz’ ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza kuri we, rit’ Uyo si we azotora ivyawe, arik’ ūzova mu kara kawe ni we azobitora.
5
Amusohokana hanze, aramubgira, ati Rangamiza, urābe mw ijuru, uharūre inyenyeri, namba woshobora kuziharūra. At’ Uruvyaro rwawe ni ko ruzongana.
6
Yizera Uhoraho, Uhoraho abimuharūrako nk’ ukugororoka.
7
Aramubarira, ati Ni jewe Uhoraho nagukūye muri Uri i Bukaludaya kugira ngo nze nguhe iki gihugu ucegukire.
8
Aramubaza, ati Mwami Uhoraho, icommenyesha yuko nzocegukira n’iki?
9
Aramwishura, at’ Abīra inka y’ishashi imaze imyaka itatu, n’impene ivyara imaze imyaka itatu, n’impfizi y’intama imaze imyaka itatu nyene, n’intunguru imwe n’icana c’inuma.
10
Yābīra ivyo vyose, abihimburamwo kubiri‐kubiri, igihimba cose agitumberanya na kigenzi caco: arikw inyoni zo ntiyazihimbagura.
11
Ibisīga vy’amērwe ngo bigwe kur’ iyo mivyimba, Aburamu akabigurura.
12
Ku kirengazuba, Aburamu itiro riramuhwikira, asinzira ubutikoma; maz’ ubgoba butewe n’ umwiza w’umuzitanya buramufata.
13
Uhoraho abarira Aburamu, at’ Umenye neza yuk’ uruvyaro rwawe ruzoba inyambukīra mu gihugu kitar’ icabo, kandi bazokorera bene co, na bo bazobagirira nabi imyaka amajana ane;
14
maz’ iryo hanga bazokorera nzoricirakw iteka: arikw amaherezo bazorivamwo, bakūyey’ ubutunzi bginshi.
15
Ariko weho uzohamvya ba sogokuruza amahoro, uzohambga wisāziye neza.
16
Kand’ abuzukururuza b’abazojayo ni bo bazogaruka ino: kuko kugabitanya kw’ Abamori kutaruzura.
17
Maz’ izuba rirenze, bumaze gukorana, haboneka ikibengebenge c’umuriro gipfūndūka umwotsi n’ urumuri rwaka, bica hagati y’ivyo bihimba.
18
Kur’ uwo musi nyene Uhoraho asezeranira Aburamu isezerano, at’ Uhereye ku ruzi rwo muri Egiputa, ugashitsa ku ruzi runini ari rwo Efurate, uruvyaro rwawe ndaruhaye iki gihugu,
19
ari co c’Abanyakeni n’ic’ Abakenizi n’ic’ Abakadimoni,
20
n’ic’ Abaheti n’ic’ Abaferizi n’ic’ Abarefa,
21
n’ic’ Abamori n’ic’ Abanyakanani n’ic’ Abagirugashi n’ic’ Abayebusi.
← Chapter 14
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 16 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50