bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 32
Genesis 32
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 31
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 33 →
1
Nuko Yakobo akomeza urugendo, maz’ abamarayika b’ Imana bahūra na we.
2
Yakobo ababonye, aravuga, at’ Aha ni ho ingabo z’Imana zishagaje: yita aho hantu Mahanayimu.
3
Yakobo atuma intumwa ngo zimwītangire imbere zije kwa Esau mukuru we mu gihugu c’i Seyiri, mu ntāra ya Edomu.
4
Arababarira, at’ Uku abe ari ko muzobgira nyakwubahwa Esau, mut’ Umusavyi wawe Yakobo, muti Yabana na Labani kugeza ubu;
5
muti Kand’ afise inka n’indogoba n’imikuku n’abatungano b’abahungu n’abakobga: muti Non’ adutumye kubikumenyesha, mugenzi, kugira ngw agirirwe akagongwe imbere yawe.
6
Izo ntumwa zigaruka kuri Yakobo, ziti Twarashitse kwa mukurwawe Esau, non’ araje kugusanganira, kand’ azananye n’ingabo amajana ane.
7
Yakobo aca aranduka umutima, arihebūra; maz’ agabanyamwo kubiri abantu bāri kumwe na we, n’imikuku n’amasho n’ingamiya;
8
ati Esau ni yaramuka aserukiye ku muce umwe akawunyaga, ūsigaye wokira.
9
Maze Yakobo aratakamba, ati Mana ya sogokuru Aburahamu, Mana ya data Isaka, ewe Uhoraho, si wewe wambariye, uti Subira mu gihugu canyu, no muri bene wanyu, uti Nanje nzokugirira neza?
10
Izo mbabazi zose wagiriye umusavyi wawe, n’ukuntu utampemukiye, sinari mbereye kugirirwa na bikeya; kuko najabutse Yorodani uru nitwaje akoho gusa, none nahindutse imice ibiri.
11
Ndakwinginze, n’unkize, unkūre mu maboko ya mukurwanje Esau: kuko ndamutinya, yoye kuza akanyicana n’abana na ba nyina.
12
Kand’ ari wewe wambariye, uti Sinzobura kukugirira neza, uti Nzohindura uruvyaro rwawe, rungane n’umusenyi wo ku kiyaga, w’isinzi utōharūrika.
13
Arāra ngaho iryo joro; yābīra ku vyo yar’ afise, ngw abihe Esau mukuru we kw indamukanyo:
14
impene zivyara amajana abiri, n’iz’ amasuguru mirongwibiri, n’ intama zivyara amajana abiri, n’iz’ amasuguru mirongwibiri,
15
n’ ingamiya zonsa mirongwitatu n’ ivyana vyazo, n’inka mirongwine n’amapfizi cumi, n’indogoba zivyara mirongwibiri n’ivyana cumi.
16
Abiha abantu biwe, ubusho bgose ukwabgo; arababarira, ati Ni munyītangire imbere mujabuke, kandi mugende muhānye inta hagati y’ubusho n’ubundi.
17
Abgira uwa mbere, ati Mukurwanje Esau ni mwahūra, akakubaza, at’ Ur’ uwa nde, kand’ uja hehe? n’ ivyo ushoreye n’ivya nde?
18
uheze umwishure, uti N’ivy’ umusavyi wawe Yakobo, n’indamukanyo akurungikiye, databuja Esau; uti Kandi na we nyene ar’ inyuma yacu.
19
Maz’ abarira n’ uwa kabiri n’uwa gatatu kuno nyene, n’abashoreye ayo masho bose, at’ Ukw abe ari ko mubarira Esau, ni mwamubona:
20
kandi muvuge, muti Mbere n’umusavyi wawe Yakobo ar’ inyuma yacu. Kuko yiyumviriye, ati Reka ndamuhōyahōyeshe indamukanyo zinyītangiye imbere, mpeze mbone guseruka imbere yiwe: kumbure yondeka akampangaza.
21
Nukw izo ndamukanyo zimwītangira imbere, ziragenda; ariko we arāra ngaho iryo joro ah’ abiwe bashagaje.
22
Avyuka mur’ iryo joro, ahitana abagore biwe bompi n’incoreke ziwe zompi n’abana biwe ukw ar’ icumi n’umwe, ajabuka icambu ca Yaboki.
23
Arabajana, abajabutsa uwo mugezi, ajabutsa n’ivyo yar’ afise vyose.
24
Maze Yakobo asigarayo wenyene. Haza umugabo, baranigana, bashitsa mu mutwenzi.
25
Uwo mugabo abonye yukw atamushoboye, akora ku mutsi wo ku nyonga y’itako ryiwe, umutsi wo ku nyonga y’itako rya Yakobo urahinyagara bakiriko baranigana.
26
Uwo mugabo aramubarira, ati Ndekura, kuk’ umutwenzi utambitse. Aramwishura, ati Sinkurekura, utampezagiye.
27
Na we aramubaza, ati Witwa nde? Ati Ndi Yakobo.
28
Aramubarira, ati Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha.
29
Yakobo aramubgira, ati Ndakwinginze, nyibarira. Aramubaza, at’ Umbariza iki izina ryanje? Amuhezagirira aho hantu.
30
Yakobo yita aho hantu Peniyeli: ati Mbonye Imana imbonankubone, non’ ehe ndacariho!
31
Izuba rirasa akirenga Peniyeli, agenda acumbagira itako ryiwe.
32
Ico ni co gituma Abisirayeli batarya umutsi w’ifyinga uri ku nyonga y’itako, na bugingo n’ubu; kuko wa mugabo yakoze ku mutsi wo ku nyonga y’itako rya Yakobo.
← Chapter 31
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 33 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50