bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 2
Genesis 2
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 3 →
1
Ijuru n’isi binonosorwa kuremwa, bo n’ibirimwo vyose vy’ isinzi.
2
Ku musi ugira indwi Imana inonosora ibikorwa vyayo yakoze; iruhuka ku musi ugira indwi ibikorwa vyayo vyose yakoze.
3
Nukw Imana ihezagira uwo musi w’indwi, iraweza: kukw ari wo Imana yaruhukiyekw ibikorwa vyayo vyose, ivyo yaremye kandi yakoze.
4
Aya ni yo mamo y’ijuru n’isi igihe vyaremwa, umusi Uhoraho Imana yaremeyekw isi n’ijuru.
5
Kandi nta gati ko ku misozi karibgabeho kw isi, nta n’akatsi ko ku misozi karibgamere, kuk’ Uhoraho Imana ataribgarekurire imvura kw isi, kandi nta muntu yariho wo kuyirima;
6
arikw igipfungu cadūga kiva kw isi kigatosa isi yose.
7
Uhoraho Imana abumba umuntu mu mukungugu wo hasi, amuhumekera mu mazuru impwemu y’ubugingo; umuntu aca aba ūfise ubugingo.
8
Uhoraho Imana atunganya itongo muri Edeni, mu ruhande rw’i burasirazuba: arishiramw’ uwo muntu yabumvye.
9
Uhoraho Imana ahameza igiti cose c’igikundiro kibereye kuribga, ameza n’igiti c’ubugingo hagati mur’ iryo tongo, ameza n’igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi.
10
Kand’ uruzi ruturuka muri Edeni rwo kunywesha iryo tongo; ruharenganye, rwigabanyamwo kune.
11
Urwa mbere rwitwa Pishoni: ni rwo rukīkūje igihugu cose c’i Havila, kirimw’ izahabu:
12
kand’ izahabu yo mur’ ico gihugu ni nziza; aho ni ho haba ivyitwa budola n’utubuyenge twitwa shohamu.
13
Uruzi rwa kabiri rwitwa Gihoni: ni rwo rukīkūje igihugu cose c’i Kushi.
14
Uruzi rwa gatatu rwitwa Hidekeli, ni rwo ruca hino y’igihugu citwa Ashuri. Uruzi rwa kane rwitwa Efurate.
15
Uhoraho Imana ajana wa muntu, amushira mur’ iryo tongo ryo muri Edeni, ngw aririme, arizigame.
16
Uhoraho Imana abarira uwo muntu, at’ Igiti cose co mur’ iryo tongo ukiryek’ uk’ ugomba;
17
arikw igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi ntuz’ ukiryeko: kuk’ umusi wakiriyeko, uzopfa nta kabuza.
18
Uhoraho Imana aravuga, ati Si vyiza k’uyu muntu yibana wenyene; hinge ndamuronderere umufasha bikwiranye.
19
Nukw ibikōko vyose vyo ku misozi n’ibiguruka mu kirere vyose, ivyo Uhoraho Imana yari yabumvye mw ivu, abizanira uwo muntu ngw arābe ingen’ avyita amazina: kand’ uwo muntu uko yise ikiri n’ubugingo cose, rica riba izina ryaco.
20
Uwo muntu avyita amazina uhereye ku bitungano vyose no ku biguruka mu kirere no ku bikōko vyo mw ishamba vyose: ariko ntihabonekamw’ umufasha akwiranye n’umuntu.
21
Maz’ Uhoraho Imana asinziriza uwo muntu ubutikoma, arasinzira: amukūramw’ urubavu rumwe, ahōmeka inyama mu gishingo carwo.
22
Urwo rubavu Uhoraho Imana akūye mur’ uwo muntu, arukūramw’ umugore, amuzanira uwo muntu.
23
Maz’ uwo muntu aravuga, at’ Uyu n’ igufa ryo mu magufa yanje, n’akara ko mu mara yanje: azokwitwa Umugore kuko yakūwe mu Mugabo.
24
Ni co gituma umuntu azosiga se na nyina, akabana n’ umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe.
25
Kand’ uwo mugabo n’umugore wiwe bompi bāgenda amēnya, ariko ntivyabatera isoni.
← Chapter 1
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 3 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50