bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 37
Genesis 37
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 36
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 38 →
1
Yakobo aba mu gihugu se yabayemw’ ar’ inyambukīra, ni co gihugu c’i Kanani.
2
Ivy’ uruvyaro rwa Yakobo n’ibi. Yosefu, amaze imyaka cumi n’ indwi, yaragirana umukuku na bene se; kandi yar’ akir’ umwana kuri bene Biluha na bene Zilupa baka se: kandi yama abarira se inkuru z’ibibi bakora.
3
Isirayeli yafyinisha Yosefu kuruta abana biwe bose, kuko yamuvyaye ashaje: amubarīriza umwambaro muremure w’amaboko.
4
Bene se babona yuko se amukunda kumubarutisha bose; baramwanka, ntibaba bakimubarira neza atar’ ukumuhirika.
5
Yosefu arota inzozi, azirotorera bene se, barushiriza kumwanka.
6
Arababarira, at’ Enda ni mwumve inzozi narose:
7
narose dutekera imikama y’ingano, uwanje mukama uriyegura, urēma; maz’ iyanyu mikama iraza, ikikiza uwanje, irawunamira.
8
Bene se baramubaza, bat’ Aho ni wewe uzotuganza? ni wewe uzodutwara? Izo nzozi ziwe n’ayo majambo yiwe bituma barushiriza kumwanka.
9
Yongera kurota izindi nzozi, azirotorera bene se, ati Nongeye kurota izindi nzozi; narose izuba n’ ukwezi n’inyenyeri cumi n’imwe binyunamira.
10
Azirotorera se na bene se. Se aramukankamira, at’ Izo nzozi n’inzozi ki? Aho jewe na nyoko na bakuru bawe tuzoza dukubite inkoro hasi imbere yawe?
11
Bene se bamugirira ishari, ariko se azigama ayo majambo mu mutima wiwe.
12
Maze bene se baja kuragira umukuku wa se i Shekemu.
13
Isirayeli abarira Yosefu, ati Harya bakuru bawe ntibaragiye umukuku i Shekemu? Enda ngwino ngutume kuri bo. Aramwishura, ati Ntuma.
14
Aramubarira, ati Genda urābe ko bakuru bawe bar’ amahoro, n’umukuku k’ur’ amahoro, uheze ugaruke umbarire. Nukw aramutuma, ava mu kiyaya c’i Heburoni, ashika i Shekemu.
15
Arikw arazimagirika ku misozi, bahūra bukwi na bukwi n’umugabo. Uwo mugabo aramubaza, at’ Urondera iki?
16
Aramwishura, ati Ndondera abo tuvukana: ntabara undangire aho baragiye.
17
Uwo mugabo aramwishura, ati Baravuye ino, kuko numvise bavugana, bati Tuje i Dotani. Nuko Yosefu akurikira bene se, abasanga i Dotani.
18
Bamubona akiri kure, maz’ atarabashikīra, bamugīra inama yo kumwica.
19
Baravugana, bati Nguriya karosi araje!
20
Ni muze tumwice, tumuterere mu rwobo rumwe mur’ ibi, duheze tuvuge, tut’ Igikōko c’inkazi caramuriye: tuze turābe inzozi ziwe uko zizoba!
21
Reyubeni avyumvise, arondera uburyo bgo kumubakiza, arababgira, at’ Enda tureke kumwica.
22
Kand’ ati Ntimuvishe amaraso, ariko mumuterere mur’ uru rwobo rur’ aha mu bugaragwa, ariko ntimumukozekw amaboko. Kwar’ ukugira ngw amurokore, amukūre mu maboko yabo, amusubize se.
23
Maze Yosefu ashikiriye bene se, bamukiza wa mwambaro wiwe muremure w’amaboko yari yambaye,
24
baramukwega, bamuterera muri rwa rwobo rwimbiwe kubikamw’ amazi; ariko rwari gusa, nta mazi yarimwo.
25
Baraheza baricara ngo barye; bunamuye amaso babona igugu ry’Abishimayeli bavuye i Gileyadi, bari n’ingamiya zīremētse imibavu n’imiti yo gusomōra n’isenga, babimanukana muri Egiputa.
26
Yuda abarira abo bavukana, ati Vyotumarira iki kwica mwene data, no kumuzimanganya?
27
Enda ni muze tumugure na barya Bishimayeli, amaboko yacu yoye kumukorako, kukw ari mwene data, tukaba akara kamwe. Baca baramwumvira.
28
Hahita Abamidiyani b’abadandaza; bakwega Yosefu, bamukūra muri rwa rwobo, bamugura na ba Bishimayeli amahera y’ifeza mirongwibiri. Bashōra Yosefu muri Egiputa.
29
Reyubeni agaruka kuri rwa rwobe, asanga Yosefu atarimwo; yitantamurirakw impuzu ziwe.
30
Asubira kuri barumuna be, at’ Umwana ntakiriyo; none jeho ndakwirwa hehe?
31
Bābīra wa mwambaro wa Yosefu, babāga isuguru y’impene, bawujobeka mu maraso yayo;
32
barungikira se wa mwambaro muremure w’amaboko, bamutumako, bat’ Uwo mwambaro twarawutoye: rāba ko woba uw’ umwana wawe, canke kw atari wo.
33
Arawumenya, aravuga, ati N’umwambaro w’umwana wanje! Igikōko c’inkazi caramuriye! Yosefu yaratabaguwe, nta kindi!
34
Yakobo yitantamurirakw impuzu ziwe, akenyera amagunira, amara imisi myinshi agandariye umwana wiwe.
35
Abahungu biwe bose n’abakobga biwe bose baza kumwirura; ariko yanka kwirurwa; ati Nzorinda mpamvya umwana wanje i kuzimu nkirira. Nuko se amuririra artyo.
36
Ba Bamidiyani, bashikanye Yosefu muri Egiputa, bamugura na Potifari, umugendanyi wa Farawo, yaganza abamushibamira.
← Chapter 36
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 38 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50