bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 6
Genesis 6
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 7 →
1
Maz’ abantu batanguye kugwira kw isi, bavyara abakobga,
2
abana b’Imana bitegereje abakobga b’abantu babona ari beza; barongora muri bo abo bitoranirije bose.
3
Uhoraho aravuga, ati Mpwemu wanje ntazokwama aranyinyūrana n’umuntu ibihe vyose, kukw ar’ uw’ inyama gusa: nuko rer’ imisi yiwe izoba imyaka ijana na mirongwibiri.
4
Mur’ ico gihe hār’ibigatanya mw isi, no mu gihe co hanyuma, abana b’Imana bamaze kurongora abakobga b’abantu, bakavyarana na bo abana: ni bo ba bahizi ba kera bābaye ba rurangiranwa.
5
Nuk’ Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo.
6
Uhoraho yicuza ico yaremeye abantu mw isi, bimutera intuntu mu mutima.
7
Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye.
8
Ariko Nowa we Uhoraho aramushima.
9
Uru ni rwo ruvyaro rwa Nowa. Nowa yar’ umugororotsi, ntiyagira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe: kandi Nowa yagendana n’ Imana.
10
Yavyaye abahungu batatu, Shemu na Hamu na Yafeti.
11
Kand’ isi yari yononekaye imbere y’Imana, yuzuye umuryano.
12
Imana yitegereza isi, ibona ko yononekaye, kukw abari n’umubiri bose bo mw isi bāri bononye ingeso zabo.
13
Imana ibarira Nowa, iti Ndamaramaje guherengeteza abari n’ umubiri bose, kukw isi yuzuye umuryano kubgabo; nuko nzobarandurana n’isi.
14
Wibāzire ubgato mu biti vyitwa goferu, ubucemw’ utwumba, ubuhome ishīshi imbere n’inyuma.
15
Uz’ ububāze urtya: uburebure bg’umurambararo bg’ubgo bgato buze bube amatambge amajana atatu y’ukuboko uciriye mu nkokora, amakika na yo az’ abe amatambge mirongwitanu, uburebure bg’igihagararo buze bube amatambge mirongwitatu.
16
Kand’ ubgo bgato uz’ ubuce amadirisha, az’ asigaze itambge rimwe kuva ku musozo ahahera hejuru; umuryango w’ubgo bgato na wo uz’ uwushire mu rubavu rwabgo; kand’ uz’ ugerekeranye utwo twumba gatatu: utwo hasi n’utwo hagati n’utwo hejuru.
17
Maze nanje nzozana umwuzure w’amazi mw isi, ngo mperengeteze musi y’ijuru ibifise umubiri vyose, biri n’ubugingo bihumeka; ibiri mw isi vyose bizopfa.
18
Ariko nzoshinga isezerano nzogusezeranira: uzokwinjirana mur’ubgo bgato n’ abana bawe n’umugore n’abakazana bawe.
19
Kandi mu bgoko bgose bg’ibiri n’ubugingo bifise umubiri, uze winjize mur’ ubgo bgato bibiri‐bibiri, kugira ngo birokokane nawe; ivyo bibe ikigabo n’ikigore.
20
Mu biguruka, nk’ukw amoko yavyo ari, no mu bitungano, nk’ ukw amoko yavyo ari, no mu vyikwega hasi vyose, nk’ukw amoko yavyo ari, bibiri‐bibiri vy’amoko yose bizoza ah’ uri, ngo birokoke.
21
Kand’ uze wijanire mu biribga vyose, ubiziganye, kuko bizoba ivyo kubatunga, mwe n’ivyo muri kumwe.
22
Nuko Nowa abigenza artyo: ukw Imana yamubariye kwose ni ko yakoze.
← Chapter 5
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 7 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50