bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 24
Genesis 24
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 25 →
1
Aburahamu yar’ ashaje, ageze mu zabukuru: kand’ Uhoraho yari yarahaye Aburahamu umugisha muri vyose.
2
Aburahamu abarira umubgiriza wiwe, umukuru wo mu rugo rwiwe, yabgiriza ivyo yar’ afise vyose, at’ Enda n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje,
3
ndakurahize Uhoraho, ni we Mana Nyen’ ijuru, ni we Mana Nyen’ isi, yuk’ utazosabira umwana wanje umugeni wo mu Banyakananikazi, abo mbamwo;
4
ariko k’uzoja mu gihugu cacu, muri bene wacu, kuba ari ho usabira umwana wanje Isaka umugeni.
5
Uwo mubgiriza aramwishura, ati Kumbure uwo mwigeme ntazokwemera ko tuzanana mur’ iki gihugu: none bibaye birtyo, noba nkwiye gusubiza umwana wawe mu gihugu wavuyemwo?
6
Aburahamu aramwishura, at’ Uz’ uzire akaziri, ntuz’ usubizey’ umwana wanje!
7
Uhoraho, Imana Nyen’ ijuru, umwe yankūra mu nzu ya data no mu gihugu navukiyemwo, akambarira, akandahira, at’ Uruvyaro rwawe nzoruha iki gihugu; uyo ni we ubgiwe azotuma umumarayika wiwe akuje imbere, nawe az’ abe ari ho usabira umwana wanje umugeni.
8
Kand’ uwo mukobga ni yaramuka yanse kuzanana nawe, ntuzoba ugifatwa n’iyo ndahiro nkurahije; mugabo ntuz’ usubizey’ umwana wanje.
9
Nuk’ uwo mubgiriza ashira ukuboko musi y’ ikibero ca shebuja Aburahamu, amurahira nk’ukw ivyo biri.
10
Uwo mubgiriza yābīra ingamiya cumi zo mu ngamiya za shebuja, aragenda; ajana ibintu vyiza‐vyiza vy’uburyo bgose shebuja amurungikanye; nukw arīkora, aja muri Aramu‐Naharayimu, ashika ku gisagara Nahori yabamwo.
11
Abarira izo ngamiya zipfukama inyuma y’igisagara kw iriba, hāri ku mugoroba, mu gihe c’amavoma.
12
Arasenga, at’ Ewe Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ndakwinginze, mpa kugira amahirwe uyu musi, ugirire neza databuja Aburahamu.
13
Ehe mpagaze kw iriba, kand’ abakobga b’ abo mu gisagara bahava basokoroka baze kuvoma;
14
enda se bibe birtya: umwigeme ndibubgire, nti Ndakwinginze, ururutsa umubindi wawe, nnyweko; akanyishura, ati Nywako, n’ingamiya zawe ndaziha zinywe: uyo abe ari we watoranirije Isaka umusavyi wawe; ivyo ni vyo bimmenyesha yuk’ ugiriye neza databuja.
15
Nukw akirikw aravuga, Rebeka arasokoroka, afise umubindi ku rutugu; yari mwene Betuweli, uwo Miluka yavyaranye na Nahori umugabo wiwe, murumuna wa Aburahamu.
16
Kand’ uwo mwigeme yari mwiza cane w’umunyakaranga, yar’ inkumi, atigeze kumenyana n’icitwa umugabo: aramanuka, aja kw iriba, yuzuza umubindi wiwe, aradūga.
17
Uwo mubgiriza arīkānya, aramusanganira, aramubgira, ati Ntabaza se utuzi two kunywa kur’ uwo mubindi wawe.
18
Aramwishura, ati Nywako, mutungwa. Anyarutsa kwururukiriza umubindi wiwe ku kiganza, aramuha, aranywa.
19
Ahejeje kumuha, aramubgira, ati Hinge mvomere n’ingamiya zawe, zihodoke.
20
Aranyaruka, asuka umubindi wiwe mu bgato, ariruka, asubira kw iriba kuvoma, avomera ingamiya ziwe zose.
21
Uwo mugabo amushinga ijisho anumye, kugira ngw amenye yuk’ Uhoraho yahaye urugendo rwiwe umugisha, cank’ ata wo.
22
Nukw izo ngamiya zimaze guhodoka, uwo mugabo yābīra impeta y’izahabu, kuriba kwayo kwar’ igihimba ca shekeli, n’ivyo kumwambika ku maboko bibiri vy’ izahabu, kuriba kwavyo kwari shekeli cumi;
23
aramubaza, at’ Uri mwene nde? Ndakwinginze, nyibarira. Kandi mbeg’ i wanyu har’ indāro tworonka?
24
Aramwishura, ati Ndi mwene Betuweli, uwo Miluka yavyaranye na Nahori.
25
Yungamwo, aramubarira, ati Turi n’ivyarire n’ivyo kurya bizihāgije, dufise n’aho kurāra.
26
Uwo mugabo yunamika amaso, ahimbaza Uhoraho,
27
aravuga, at’ Uhoraho ashemagizwe, Imana ya databuja Aburahamu, itāretse kugirira imbabazi databuja, no kumubera umwizigirwa! nanje nyene, Uhoraho yandōngōye inzira ija kwa bene wabo wa databuja.
28
Maz’ uwo mwigeme arirukanga, abarira abo mu nzu kwa nyina ayo majambo.
29
Kandi Rebeka yar’ afise musaza we yitwa Labani: Labani uwo arasohoka, abandanya ah’uwo mugabo ari, kw iriba.
30
Yari yitegereje impeta na vya bindi vyo ku maboko, ivyo mushiki we yari yambaye, yumvise n’amajambo Rebeka mushiki we amudōndeye, at’ Ivyo ni vyo uwo mugabo ambariye; ni kwo guca aja ah’uwo mugabo ari. Asanga agihagaze i ruhande ya za ngamiya, kw iriba.
31
Aramubgira, ati Ngwino, nyaguhabga n’ Uhoraho! n’iki kikugumije ku gahinga? ko nteguye inzu, bo n’ah’ ingamiya.
32
Nuk’ uwo mugabo ashika mu rugo; Labani akūra ibintu ku ngamiya, atanga icarire n’ ivyo kurya vy’ingamiya, n’amazi y’uwo yo kwoga ibirenge, bo n’abo bari kumwe.
33
Bamuzanira izimano ngw arye: maz’ aravuga, ati Sindya, ntaravuga ivyo natumwe. Uwundi ati Vuga.
34
Ati Jewe nd’ umuntu wa Aburahamu.
35
Kand’ Uhoraho yahaye databuja umugisha mwinshi, ahinduka ūhambaye; kandi yamuhaye imikuku n’amasho n’amafeza n’amazahabu n’abatungano b’abahungu n’abakobga n’ingamiya n’indogoba.
36
Kandi na Sara muka databuja yavyaye umuhungu ashaje, ni we databuja yaraze ivyiwe vyose.
37
Kandi databuja yarandahije ngo sinze nsabire umwana wiwe umugeni mu Banyakananikazi, ben’ igihugu abamwo:
38
ariko ngo nze nje mu b’inzu ya se no muri bene wabo, ngw abe ari ho nsabira umwana wiwe umugeni.
39
Maze nishura databuja, nti Kumbure uwo mwigeme ntazokunda ko tuzanana.
40
Aranyishura, at’ Uhoraho, nama ngendera imbere, azotuma umumarayika wiwe ajane nawe, azoha urugendo rwawe umugisha; maze nawe uz’ usabire umwana wanje umugeni muri bene wacu, mu b’ inzu ya data.
41
Nuko ni washika muri bene wacu, ni ho iyo ndahiro nkurahije itazogufata: na bo baramutse bamukwimye, ntuzoba ugifatwa n’iyo ndahiro.
42
Maz’ uyu musi nshitse kw iriba, ndasenga, nt’ Ewe Uhoraho, Mana ya databuja Aburahamu, ni waba uhaye urugendo rwanje nagenze umugisha,
43
ehe mpagaze kw iriba: nt’ Enda se ni bibe birtya: umwigeme asokoroka kuvoma, nkamubgira, nti Ntabaza se utuzi two kunywa kur’ uwo mubindi wawe,
44
akanyishura, ati Nywako, nteko mvomere n’ingamiya zawe: uyo abe ari we, wewe Uhoraho utoranirije mwene databuja.
45
Maze ngisengera mu mutima wanje, ngize ntya mbona Rebeka arasokorotse, afise umubindi ku rutugu; amanuka kw iriba, aravoma; ndamubarira, nti Ntabaza utwo kunywa.
46
Anyarutsa kwururutsa umubindi wiwe ku rutugu, at’ Enda nywa, n’ingamiya zawe ndaziha zinywe. Nuko ndanywa, aha n’ingamiya na zo.
47
Nca ndamubaza, nt’ Uri mwene nde? ati Ndi mwene Betuweli, uwo Nahori yavyaranye na Miluka. Nca ndamwambika impeta ku zuru, n’ ivyambarwa ku maboko.
48
Nca nunamika amaso, mpimbaza Uhoraho, nshemagiza Uhoraho Imana ya databuja Aburahamu, yandōngōye inzira ikwiye, ngo nsabire umwana wiwe umugeni ku muhungwabo wa databuja.
49
Nuko ni mwemera kugirira databuja ivyiza mu buryo bukwiye, ni mumbarire; mutavyemeye, na ho nyene mumbarire, ngo mmenye ico nkora.
50
Labani na Betuweli baca baramwishura, bat’ Ivyo bivuye k’Uhoraho: nta kindi twoshobora kukubarira ic’ ari co cose.
51
Ehe rāba Rebeka nguyo, n’umujane wīgīre, abe umugore w’umwana wa shobuja, nk’uk’ Uhoraho abigize.
52
Nuk’ uwo muntu wa Aburahamu yumvise ayo majambo, akubita inkoro hasi imbere y’Uhoraho.
53
Uwo muntu asokorora utugenegene tw’ifeza n’utw’ izahabu, n’impuzu, abiha Rebeka: kand’ aha na musaza we na nyina ibintu vy’igiciro.
54
Baraheza bararya, baranywa, bo n’abo bāzananye, barāra ngaho buraca: bavyuka mu gatondo, aravuga, ati Ni munsezere, nsubire kwa databuja.
55
Musaza wa Rebeka na nyina baramwishura, bati Hinge uyu mwigeme tumarane iyindi misi nk’ icumi cank’ isaga, muheze mubone kugenda.
56
Arabishura, ati Nta co muntebereza, kuk’ Uhoraho yahaye urugendo rwanje umugisha: ni munsezere, nsubire kwa databuja.
57
Baramwishura, bati Hinge duhamagare uwo mwigeme, twumve irimuva mu kanwa.
58
Bahamagara Rebeka, baramubaza, bat’ Uremera kujana n’uyu mugabo? arabishura, ati Ndemeye.
59
Basezera Rebeka mushiki wabo, bamurungikana n’umurezi wiwe, basezera na wa muntu wa Aburahamu n’abantu biwe.
60
Bahezagira Rebeka, baramubgira, bat’ Ewe mushiki wacu, uz’ uvyare usasagare, ugire ibihumbi n’ibihumbi, kand’ uruvyaro rwawe ruze rwegukire amarembo y’abansi barwo.
61
Nuko Rebeka arīkora, bo n’incoreke ziwe, bagendera kuri za ngamiya, bajana n’uwo mugabo. Uko ni k’uwo muntu yajanye Rebeka, aragenda.
62
Kandi Isaka yari yaravuye kw Iriba ry’i Lahayi‐royi, yaba mu gihugu c’i Negebu.
63
Bukeye Isaka arasohoka, aja mu gahinga kwiherēra, hāri ku kagoroba: yunamura amaso, agize artya abona ingamiya zije.
64
Maze Rebeka yunamura amaso; abonye Isaka, ava ku ngamiya,
65
abaza wa muntu, at’ Uriya muntu ni nde, agiye guhūra natwe, aza mu gahinga? Uwo muntu aramwishura, ati Ni databuja. Rebeka aca yābīra umwitwikiro wiwe, yitwikira mu maso.
66
Uwo muntu yīgānira Isaka ivyo yakoze vyose.
67
Isaka ajana Rebeka mw ihema risiga nyina wiwe Sara, aramurongora, aba umugore wiwe, aramukunda. Isaka ivyo bimwirura umubabaro wa nyina.
← Chapter 23
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 25 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50