bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 46
Genesis 46
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 45
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 47 →
1
Nuko Isirayeli afata urugendo, arajonjora n’utwiwe twose, ashika i Beri‐sheba, aha Imana ibimazi arabikerera, Imana ya se Isaka.
2
Maze mw ijoro Imana ihamagara Isirayeli ari nko mu nzozi, iti Yakobo we! ewe Yakobo! Aritaba, ati Sabge!
3
Iramubarira, iti Nd’Imana, Imana ya so; ntutinye kumanuka muri Egiputa, kukw ari ho nzoguhindurira ihanga rikomeye.
4
Jewe ubganje nzomanukana nawe muri Egiputa, kandi ni jewe nzogukūrayo; kandi Yosefu ni we azohwamikira ingohe ku maso yawe igihe uzopfa.
5
Yakobo arahaguruka, ava i Beri‐sheba: bene Isirayeli bajana se Yakobo n’abana babo bato n’ abagore babo muri ya mikogote ikwegwa n’amafarasi Farawo yarungitse kumwimura.
6
Yakobo bo n’uruvyaro rwiwe rwose baja muri Egiputa, bajanye ibiyevera vyabo n’ibintu vyabo baronkeye mu gihugu c’i Kanani;
7
ashikana muri Egiputa n’abahungu biwe n’abuzukuru biwe b’abahungu, n’ abakobga biwe n’abuzukuru biwe b’abakobga, n’uruvyaro rwiwe rwose.
8
Aya ni yo mazina y’Abisirayeli bagiye muri Egiputa, ni we Yakobo n’abana biwe. Imfura yiwe ni Reyubeni;
9
bene Reyubeni ni Henoki, na Palu, na Hesironi, na Karumi.
10
Bene Simeyoni ni Yemuweli, na Yamini, na Ohadi, na Yakini, na Sohari, bo na Sauli umwana yavyaye ku Munyakananikazi.
11
Bene Lewi ni Gerushoni na Kohati na Merari.
12
Bene Yuda ni Eri, na Onani, na Shela, na Peresi na Zera: ariko Eri na Onani bapfiriye mu gihugu c’i Kanani. Bene Peresi ni Hesironi na Hamuli.
13
Bene Isakari ni Tola, na Puva, na Yobu, na Shimuroni.
14
Bene Zebuloni ni Seredi na Eloni na Yakileli.
15
Abo ni bo bamutse ku bo Leya yavyaranye na Yakobo bakir’ i Padan‐aramu, bavyara n’umukobga yitwa Dina: nukw abana biwe bose b’abahungu n’abakobga ni mirongwitatu na batatu.
16
Bene Gadi ni Sifiyoni, na Hagi, na Shuni, na Esiboni, na Eri, na Arodi, na Areli.
17
Bene Asheri ni Imuna, na Ishiva, na Ishivi, na Beriya, na mushiki wabo Sera; bene Beriya ni Heberi na Malukiyeli.
18
Abo ni bo bamutse ku bo Zilupa yavyaranye na Yakobo, Zilupa ari we Labani yahaye Leya umukobga wiwe kumucorekera: n’ icumi na batandatu.
19
Bene Rakeli muka Yakobo, ni Yosefu na Benyamini.
20
Yosefu yavyaye Manase na Efurayimu, ari mu gihugu ca Egiputa, abavyara kuri Asenati umukobga wa Potifera, umuherezi wo mu gisagara Oni.
21
Bene Benyamini ni Bela, na Bekeri, na Ashibeli, na Gera, na Namani, na Ehi, na Roshi, na Mupimu, na Hupimu, na Arudi.
22
Abo ni bo bamutse ku bo Rakeli yavyaranye na Yakobo: bose n’ icumi na bane.
23
Mwene Dani ni Hushimu.
24
Bene Nafutali ni Yakiseli, na Guni, na Yeseri, na Shilemu.
25
Abo ni bo bamutse ku bo Biluha yavyaranye na Yakobo, Biluha ari we Labani yahaye Rakeli umukobga wiwe kumucorekera: bose n’ indwi.
26
Abantu bose bajanye na Yakobo muri Egiputa, bakomōtse kuri we, udashizemw’ abakazana biwe, bose na bose bari mirongwitandatu na batandatu.
27
Abahungu Yosefu yavyaye ari muri Egiputa ni babiri; nukw abantu bose b’inzu ya Yakobo bagiye muri Egiputa bari mirongwirindwi.
28
Yakobo atuma Yuda ngw amwītangire imbere aje kwa Yosefu, ngw amurangire inzira ija i Gosheni: nuko bashika mu gihugu c’i Gosheni.
29
Yosefu azirikisha umukogote wiwe ku mafarasi, adūga i Gosheni ngw asanganire se Isirayeli; aramwibarira, amugwa mw izosi, aririra kw izosi ryiwe umwanya munini.
30
Isirayeli abarira Yosefu, ati Ni vyo bizi, naho nopfa, ko nkubonye ukiriho!
31
Maze Yosefu abarira bakuru be n’ab’i wabo, ati Ngiye kubgira Farawo yuko bakuru banje n’ab’i wacu bahora mu gihugu c’i Kanani bashitse ino,
32
kandi kw ar’ abama baragira, kukw ar’ abanyenka; kandi ko bazanye imikuku yabo n’amasho yabo, n’ivyo bafise vyose.
33
Nuko Farawo ni yabahamagaza, akababaza,
34
at’ Umwuga wanyu n’umuki? muze mumwishure, mut’ Abasavyi bawe tur’ abanyenka, guhera mu buto bgacu kugeza n’ubu, twebge ubgacu uhereye no kuri ba sogokuruza. Muvuge murtyo kugira ngo mugerērwe mu gihugu c’i Gosheni, kuk’ ūragira wese ar’ umunenwa ku Banyegiputa.
← Chapter 45
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 47 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50