bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 43
Genesis 43
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 42
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 44 →
1
Kigoyi kirushiriza kuba cinshi mu gihugu.
2
Bamaze za mpeke bakuye muri Egiputa, se arababgira, at’ Enda ni musubireyo, mudusumire utwo kurya.
3
Yuda aramwishura, ati Wa mugabo yararenzwe, avuga ko tutazomugaruka mu maso tutajanye na murumuna wacu.
4
Ni waturungikana na murumuna wacu turamanukayo, tugusumire;
5
ariko n’utamuturungikana, ntitumanukayo: kuk’ uwo mugabo yatubariye, ati Ntimuzongaruka mu maso mutazananye na murumuna wanyu.
6
Isirayeli arababaza, ati N’iki catumye mungirira nabi murtyo, mukabarira uwo mugabo ko mufise uwundi muvukana?
7
Baramwishura, bat’ Uwo mugabo yaratubazaguje ku vyacu, no ku vya bene wacu, ati Mbega so aracariho? Har’ uwundi muvukana? Tumwishura nk’uko yatubajije: twari gushobora dute kumenya kw atubarira kumanukana murumuna wacu?
8
Yuda abarira se Isirayeli, ati Rekura uwo muhungu ajane nanje, duheze tuve hasi, tugende; tubone kubaho, twoye gupfa, twe nawe n’abana bacu.
9
Jewe ndamwishinze, abe ari jewe uzomubaza: ni ntamukugarukanira, ngo mmugushikirize, nzoba ngukoreye icaha kitazomvako gushitsa ibihe bidashira.
10
Ereg’ iyo tudateba, none tuba tugarutse ubga kabiri.
11
Se Isirayeli arababgira, at’ Enda ko bimeze birtyo, ni mugenze murtya: mujane mu magunira yanyu ibiba mur’ iki gihugu birusha ibindi kuba vyiza, mubishīre uwo mugabo kw ingemurano: umuti wo gusomōra ugeze, n’ ubūki bugeze, n’imibavu, n’isenga, n’ibiyoba, na shakedi;
12
kandi ku mahera ya mbere mugerekekw ayandi angana cabugerwe, kugira ngo musubiraney’ amwe yagaruka mu magunira yanyu: kumbure babaye kubiyoberwa;
13
muheze mujane murumuna wanyu, muhaguruke, musubire kuri wa mugabo;
14
Imana Ishobora vyose ibahe guhāngazwa na we, ngw abarekurire mwene nyoko wundi, arekure na Benyamini. Nanje namba nzoba nyakamara, mbe ko!
15
Abo bagabo bābīra za ngemurano, bajana ya mahera n’ayandi angana na yo cabugerwe, bajana na Benyamini; barahaguruka, baramanuka, bashika muri Egiputa, bahagarara imbere ya Yosefu.
16
Yosefu abonye Benyamini ari kumwe na bo, abarira umubgiriza wiwe, ati Jana aba bantu i wanje, utek’ ubabāgire, urondeze, kuko turiburīre hamwe ku murango.
17
Uwo mugabo agenza nk’uko Yosefu amubariye; ajana abo bantu mu nzu ya Yosefu.
18
Baratinya kukw abinjije mu nzu ya Yosefu: baravugana, bati Ya mahera yagaruka mu magunira yacu, hamwe twaza mbere, ni yo atumye twinjizwa, ngw atwidandagazeko, adusūmire, atugire abaja, anyage n’indogoba zacu.
19
Begera uwo mubgiriza wa Yosefu, bavuganira na we ku muryango w’inzu,
20
bat’ Udutunge mugenzi, mbere twaramanutse tuje gusuma;
21
hanyuma rero dutāhūtse, dushitse ku ndāro, dutekurura amagunira yacu, maz’ umuntu wese asanga amahera yiwe ari mu munwa w’ igunira ryiwe, amahera yacu uko yakanganye kwose: none turayagarukanye.
22
Kandi twazanye n’ayandi mahera yo gusumisha. Ariko ntituzi uwashubije ayo mahera yacu mu magunira.
23
Arabishura, ati Ni musubize imitima mu nda, mureke gutinya: Imana yanyu, Imana ya so, ivyo n’ivyo yabihēreye mu magunira yanyu: jeho amahera yanyu narayahawe. Asohora Simeyoni, aramubazanira.
24
Nuko wa mugabo yinjiza abo bantu mu nzu ya Yosefu, abaha amazi, boga ibirenge, agaburira n’ indogoba zabo.
25
Batunganya za ngemurano, kugira ngo bazishikirize Yosefu ah’ azira ku murango, kuko bari bumvise yuko bariburīre aho.
26
Yosefu atashe, binjirana za ngemurano bazanye, barazimushikiriza, bakubita inkoro hasi imbere yiwe.
27
Na we arabagumisha, arababaza, ati Mbega so aragumye, wa mutāma mwavuga? Aracariho?
28
Baramwishura, bat’ Ego me, umusavyi wawe aracariho, aragumye. Bicisha bugufi, baramwunamira.
29
Maze Yosefu, ashikije amaso kuri Benyamini murumuna we, uwo basangiye nyina, arababaza, at’ Uwo ni we muhererezi wanyu mwambariye? Maz’ aramubarira, at’ Imana ikugirire neza, mwana wanje.
30
Nuko Yosefu arinyusha, kuko mu mutima yari n’ikigumbagumba ca mwene nyina, arondera ah’ aririra, yikebereza haruguru, aririrayo.
31
Araheza yiyuhagira mu maso, aragaruka, ariyumanganya, aravuga, ati Ni muzane ivyo kurya.
32
Bamuha ukwiwe, abo bandi ukwabo, n’Abanyegiputa bārīra hamwe na we ukwabo, kukw Abanyegiputa batāsangira n’Abaheburayo, kuko car’ umuziro ku Banyegiputa.
33
Babicarika imbere yiwe uko bakurikirana, uhereye ku mfura ugashitsa ku muhererezi; abo bagabo bararābana, baratangara.
34
Yosefu avuga ko babakamatira no ku bindi biryoshe bir’ imbere yiwe; ariko kw ivya Benyamini bisumba ivyabo gatanu. Nuko baranywa, barahimba, banezeranwa na we.
← Chapter 42
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 44 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50