bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 47
Genesis 47
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 46
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 48 →
1
Yosefu araheza aragenda, abgira Farawo, ati Data n’abo tuvukana bashitse ino bavuye mu gihugu c’i Kanani, bo n’imikuku yabo n’amasho yabo n’ivyo bafise vyose; none bari ngaho mu gihugu c’i Gosheni.
2
Maz’ arobanura batanu muri bene se, abashīra Farawo.
3
Farawo abaza bene se ba Yosefu, at’ Umwuga wanyu n’umuki? Bishura Farawo, bat’ Abasavyi bawe tur’ abama baragira, twebge ubgacu uhereye no kuri ba sogokuruza.
4
Kandi baramubarira, bati Tuzanywe no gusuhukira mur’ iki gihugu, kukw abasavyi bawe twabuze ubgatsi bg’ imikuku yacu, kukw ikigoyi ari cinshi cane mu gihugu c’i Kanani; none rero turasavye, wemerere abasavyi bawe, tube mu gihugu c’i Gosheni.
5
Farawo abarira Yosefu, ati So n’abo muvukana ko baje kuri wewe,
6
igihugu ca Egiputa ngico: ubagerēre aharuta ahandi ubgiza, babe mu gihugu c’i Gosheni; kandi namb’ uzi abahanga muri bo, ubagire abatongore b’ inka zanje.
7
Yosefu araheza yinjiza na se Yakobo, amushikana imbere ya Farawo: Yakobo ahezagira Farawo.
8
Farawo abaza Yakobo, at’ Imyaka umaze n’ingahe?
9
Yakobo yishura Farawo, at’ Imyaka y’ukuyerera kwanje kw isi n’ijana na mirongwitatu: iyo myaka mbayeho ibaye mike kandi mibi, ntingana n’imyaka ba sogokuruza bamaze, mu misi y’ukuzenzagira kwabo.
10
Yakobo ahezagira Farawo, araheza ava imbere yiwe.
11
Yosefu agerēra se n’abo bavukana, abaha ishamvu mu gihugu ca Egiputa, aharuta ahandi ubgiza, mu ntāra y’i Ramesesi, nk’uko Farawo yageze.
12
Yosefu aha se n’abo bavukana n’abo mu rugo rwa se bose ivyo kubatunga, uko mu nzu zabo bangana.
13
Nuko mu gihugu cose ntihaba hakiboneka ivyo kurya, kukw ikigoyi cari cinshi cane, bituma abo mu gihugu ca Egiputa n’abo mu gihugu c’i Kanani bagwa isari kubg’ inzara.
14
Yosefu akoranya amahera yose yari mu gihugu ca Egiputa no mu gihugu c’i Kanani bazanye gusumisha, ayajana kwa Farawo.
15
Amahera yose ashize mu gihugu ca Egiputa no mu gihugu c’i Kanani, Abanyegiputa bose baja kuri Yosefu, bati Duhe ivyo kurya, twoye kugwa imbere yawe, kukw amahera yacu ashize.
16
Yosefu arabishura, ati Ni muzane amatungo yanyu, nanje ndabagurira ivyo kurya ku matungo yanyu, asangwa amahera yashize.
17
Bazanira Yosefu amatungo yabo; Yosefu abagurira ivyo kurya ku mafarasi n’imikuku n’amasho n’indogoba: abasumira ivyo kurya uwo mwaka, abibaguriye ku matungo yabo yose.
18
Uwo mwaka ushize, mu mwaka ugira kabiri, baza kuri we, baramubarira, bati Mugenzi, ntitwoguhisha yukw amahera yacu yose yashize, kand’ amasho yacu yose yacitse ayawe, mugenzi. Non’ urabona kw ata co tugisigaranye, mugenzi, atar’ imibiri yacu n’amatongo yacu:
19
none twoye kugwa imbere yawe, amatongo yacu ngw ahinduke imisaka, n’uduhe utwo kurya, ube utuguranye n’amatongo yacu, ducike abagurano ba Farawo, atuganzanye n’amatongo yacu: uduhe n’imbuto, ntidupfe, tubeho, igihugu coye guhinduka imisaka.
20
Nuko Yosefu agurira Farawo amatongo yose yo muri Egiputa, kuk’ Umunyegiputa wese yagura indimiro yiwe, kukw ikigoyi cabateye cane: nukw igihugu cose gicika ishamvu ya Farawo.
21
Abantu na bo abagira abagurano, mu gihugu cose ca Egiputa, iyo kiva kikagera.
22
Amatongo y’ abaherezi ni yo yonyene atāguze: kukw abaherezi bari bafise ivyo kubatunga bagerewe na Farawo, bikaba ari vyo barya: ni co catumye batagura amatongo yabo.
23
Yosefu abarira abantu, at’ Eh’ uyu musi ndabaguze, mubaye aba Farawo, mwe n’amatongo yanyu: none ngizi imbuto zo kuja kubiba.
24
Arik’ uko muzokwimbura kwose, muzokwama muha Farawo igihimba ca gatanu c’ivyo mwimbuye; namwe ibihimba bine bizoba ivyanyu, ngo mubikūrekw imbuto, bibe n’ivyo kurya vyanyu n’abo mu ngo zanyu n’abana banyu.
25
Baramubarira, bat’ Udukijije urupfu! Komeza uduhangaze, mugenzi, natwe tuzoba abagurano ba Farawo.
26
Nuko Yosefu abigira icagezwe, kikiriho na bugingo n’ubu, yukw igihimba ca gatanu c’ivyimburwa vyo mu gihugu ca Egiputa kizoba ica Farawo: amatongo y’abaherezi yonyene ni yo atabaye aya Farawo.
27
Abisirayeli baba mu gihugu ca Egiputa, mu ntāra y’i Gosheni; baronkeray’ ibintu, bararondoka, baragwira cane.
28
Yakobo amara imyaka cumi n’indwi ari mu gihugu ca Egiputa: nukw imyaka Yakobo yamaze n’ ijana na mirongwine n’indwi, iyo ni yo myaka y’ukubaho kwiwe.
29
Nukw igihe co gupfa kwa Isirayeli kiri hafi, ahamagaza umwana wiwe Yosefu, aramubarira, ati Ni waba uzongirira neza, ndakwinginze, n’ushire ukuboko kwawe musi y’ikibero canje, wemere kunyobokera, no kumbera umwizigirwa. Ndakwinginze, ntuz’ umpambe muri Egiputa:
30
ariko ni nagera guhamvya ba sogokuru, uz’ unkūre muri Egiputa, umpambe mw isenga yabo bāhambgemwo. Aramwishura, ati Nzogenza uk’ umbariye.
31
Aramubarira, ati Ndahira: aramurahira. Isirayeli araheza yūnama ku musego wo ku buriri bgiwe.
← Chapter 46
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 48 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50