bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 19
Genesis 19
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 20 →
1
Ba bamarayika bompi bashika i Sodomu ku kagoroba: kandi Loti yari yicaye kw irembo ry’igisagara c’i Sodomu. Loti ababonye, ava hasi kubasanganira, akubita inkoro hasi,
2
arababarira, ati Batungwa, ndabinginze ni muze i wanje ku musavyi wanyu, muharāre iri joro, mwoge ibirenge, buce mwizindukira, mufate inzira, mugende. Baramwishura, bat’ Oya, turarāra mw ibarabara buce.
3
Arabagōbēra cane, barakevya, binjira mu nzu i we, abarondereza amazimano, abacumbishiriza imitsima itambiwe, bararya.
4
Maze batararyama, abagabo bose bo mur’ ico gisagara c’i Sodomu bakikiza iyo nzu, uhereye ku bakuru n’abato, abantu bose bavuye impande zose.
5
Bahamagara Loti, baramubaza, bat’ Abagabo binjiye i wawe mur’ iri joro bari hehe? basohore, tubonone.
6
Loti arasohoka aja aho bari ku muryango, akinga urugi inyuma yiwe.
7
Arababgira, ati Bene data, ndabinginze, ntimukore icaha kingana girtyo.
8
Ehe rāba, mfise abigeme babiri, batazi icitwa umugabo; reka ndabasohore aho muri, namwe mubagenze uko mugomba kwose. Arikw abo bagabo mwoye kugira ico mubakorako, kuko bashitse mu nzu yanje.
9
Baramubgira, bati Va ngaho! Bat’ Uru rugabo rw’inyakamwe, rwaje ar’ inyambukira, none rwīgize umucamanza! None rero turakugirira nabi birenze uko twari kugirira abo. Basunika Loti cane, begera urugi ngo barusāvye.
10
Maze ba bagabo batuma amaboko, bashīngira Loti bamwinjiza mu nzu, bugara urugi.
11
Basuka uruhumyi kur’ abo bagabo bo ku rugi, uhereye ku bakuru n’abato; bacumukura barondera urwo rugi.
12
Abo bagabo babaza Loti, bati Har’ abandi bantu ufise hano? abakwe bawe n’abahungu bawe n’abakobga bawe n’ab’ufise bose mur’ iki gisagara, bakūre aha hantu.
13
Kuko tugira tuhahonnye, kukw induru zihavugirizwa zibaye nyinshi cane imbere y’Uhoraho, kand’ akaba adutumye kuharandura.
14
Nuko Loti arasohoka, abarira abakwe biwe basavye abakobga biwe, ati Vyuka, muve aha hantu, kuk’ Uhoraho agira arandure iki gisagara. Ariko ku bakwe biwe yar’ ameze nk’uwizāgira.
15
Umutwenzi utambitse, ba bamarayika bahutagiza Loti, bati Va hasi, ujane umugore wawe n’aba bakobga bawe bompi bari hano, kugira ngo woye kurandukira mu guhanwa kw’iki gisagara.
16
Maze akijujura, abo bagabo bamufata ukuboko, n’ukw’ umugore wiwe n’abakobga biwe bompi. Uhoraho amugiriye ikigongwe, bamukūrayo, bamuterera inyuma y’igisagara.
17
Bamaze kubakūrayo, umwe muri bo aravuga, ati Hunga ntupfe! Ntukebēre inyuma, kandi nturuhe uhagarara utararangiza iki kiyaya cose; hungira kur’ iriya misozi, woye kuranduka.
18
Loti arabishura, at’ Oyaye mugenzi, s’ uko!
19
Rāba umusavyi wawe ko ngiriwe akagongwe imbere yawe, kand’ ukaba ungwijijekw imbabazi zawe, izo ungiriye ng’ ukize ubugingo bganje: erega sinoba ngihunga ngo nshike kur’ iriya misozi, ico cago kitanshitseko, kikanyica:
20
rāba, kariya gasagara ni ko kari hafi ko guhungirako, kandi ni na gato, nyemerera se mpungireyo, — mbega si gato nyene? — mbone gukiza ubugingo.
21
Aramwishura, ati Nuko ndakwemereye no ku co uvuze ico, kutarandura igisagara uvuze;
22
arikw ihute, uhungireyo; kukw ata co nshobora gukora utarashikayo. Ni co catumye ico gisagara citwa Sowari.
23
Loti ashika i Sowari izuba rirashe.
24
Uhoraho atiburira kuri Sodomu na Gomora umuriro n’ amazuku, bivuye kuri we mw ijuru;
25
akomvomvora ivyo bisagara n’ ico kiyaya cose, n’ababa mur’ ivyo bisagara bose, n’ivyari vyarahameze vyose.
26
Ariko muka Loti amukurikiye, akebuka inyuma, aca ahinduka inkingi y’umunyu.
27
Aburahamu ahenga mu gatondo arazinduka, aja ha handi aho yar’ ahagaze imbere y’Uhoraho:
28
yerekeza amaso ahahera i Sodomu n’i Gomora n’igihugu cose ca ca kiyaya, aritegereza, abona imyotsi y’ico gihugu ipfūndūka nk’ imyotsi y’itanure.
29
Igihe Imana yarandura ibisagara vyo mur’ ico kiyaya, yibutse Aburahamu, irungika Loti ngw ave mur’ ako gatikizo, igihe yakomvomvora ibisagara Loti yabamwo.
30
Maze Loti ava i Sowari, adūga ku musozi, abayo, bo n’abigeme biwe bompi; kuko yatinya kuba i Sowari: nukw abana mw isenga n’abo bigeme biwe bompi.
31
Maz’ umukuru abgira murumuna we, ati Data arashaje, kandi nta muntu agisigaye kw isi wo kuturongora, nk’uk’ umugenzo wo mw isi yose uri.
32
Enda dutereke data vino, turyamane na we, kugira ngo duhonore data.
33
Batereka se vino mur’ iryo joro, umukuru aragenda, aryamana na se; se ntiyamenya ingen’ uwo mukobga yaje kuryama n’ingene yavyutse.
34
Bukeye bg’aho, umukuru abgira murumuna we, at’ Iri joro ryakeye naryamanye na data: twongere tumutereke n’iri joro, nawe ugende uryamane na we, duhonore data.
35
Iryo joro na ryo bongera gutereka se, umutoya ava hasi, aryamana na we; maze ntiyamenya ingen’ uyo na we yaje kuryama n’ingene yavyutse.
36
Uko ni kw abakobga ba Loti bompi batwaye inda bakūye kuri se.
37
Umukuru avyara umuhungu, amwita Mowabu: uwo ni we yandurutsweko n’Abanyamowabu na bugingo n’ubu.
38
Umutoya na we avyara umuhungu nyene, amwita Benami: uwo ni we yandurutsweko n’Abamoni na bugingo n’ubu.
← Chapter 18
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 20 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50