bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 26
Genesis 26
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 25
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 27 →
1
Hatera iyindi nzara ya kabiri mur’ ico gihugu, itar’ imwe ya mbere yo mu gihe ca Aburahamu. Isaka aja i Gerari kwa Abimeleki umwami w’Abafilisitiya.
2
Uhoraho aramwiyereka, ati Ntumanuke ng’uje muri Egiputa: uz’ ube mu gihugu nzokubarira.
3
Ba urasuhukiye mur’ iki gihugu, nanje nzobana nawe, nguhe umugisha; kuko wewe n’ uruvyaro rwawe nzobaha ibi bihugu vyose; kandi nzokomeza indahiro narahiye Aburahamu so;
4
nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, kand’ uruvyaro rwawe nzoruha ibi bihugu vyose; kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha;
5
kuko Aburahamu yanyumviye, agashitsa ivyo namwihanikirije n’ amabgirizwa yanje n’ivyo nashinze n’ivyagezwe vyanje.
6
Nuko Isaka aba i Gerari:
7
abantu baho bamubaza ivy’ umugore wiwe; arabishura, ati Ni mushikanje; kuko yatinye kuvuga kw ar’umugore wiwe, ngw abantu baho bomwica kubga Rebeka, kuko yari mwiza w’umunyakaranga.
8
Amazey’ igihe kirekire, Abimeleki umwami w’Abafilisitiya arungurukira mw idirisha, abona Isaka akinisha Rebeka umugore wiwe.
9
Abimeleki ahamagaza Isaka, aramubarira, at’ Erega biraboneka kw ar’ umugore wawe! None n’iki cakuvugishije kw ari mushikawe? Isaka aramwishura, ati N’uko natinye ko bonyica kubgiwe.
10
Abimeleki aramwishura, at’ Ico wadukoreye ico n’ iki? Ereg’ umwe mu bantu banje yari kuryamana n’umugore wawe ata co yicura, ukaba uturemētse icaha.
11
Abimeleki yihanikiriza abantu biwe bose, at’ Ūzokora kur’ uyu mugabo canke ku mugore wiwe, ntibizobura kumucisha umutwe.
12
Maze Isaka abiba mur’ ico gihugu, mur’ uwo mwaka nyene yimbura ibirenze ivyo yabivye ingero ijana. Uhoraho amuha umugisha.
13
Uwo mugabo aba umutunzi, agenda arushiriza, gushitsa aho yabereye umutunzi bihebuje.
14
Kandi yar’ afise ibitayega vy’imikuku n’amasho, n’abantu bahinda: atera Abafilisitiya ishari,
15
bituma basivya amariba yose, bayuzuza ivu, ayo abantu ba se bari barimvye, mu gihe ca se nyene Aburahamu.
16
Maze Abimeleki abarira Isaka, ati Genda utuvemwo, kuk’ uturuta.
17
Nuko Isaka avayo, ashinga amahema yiwe mu kibande c’i Gerari, abayo.
18
Isaka asibūza ya mariba, amwe bāri bārimvye mu gihe ca se Aburahamu, kukw Abafilisitiya bari bayashibije, Aburahamu amaze gupfa. Ayita amazina nyene se yari yarayise.
19
Bukeye abantu ba Isaka bimba mur’ ico kibande, babonamw’ iriba ry’amazi adudubiza.
20
Abungere b’i Gerari batonganira ayo mazi n’ abungere ba Isaka, bat’ Aya mazi n’ayacu! Isaka yita iryo riba Eseki, kuko bāritātiye.
21
Bongera kwimba irindi riba, na ryo bararitonganira: aca aryita Sitina.
22
Avayo arunguruza, yimbisha irindi riba, ryo ntibaritonganira: aca aryita Rehoboti; aravuga, ati Noneh’ Uhoraho adushize ahiyaguye, tuzogasāra mu gihugu.
23
Avayo aradūga, aja i Beri‐sheba.
24
Uhoraho amwiyereka iryo joro, aramubgira, ati Nd’ Imana ya so Aburahamu: ntutinye, kuko ndi kumwe nawe, kandi nzoguha umugisha, ngwize uruvyaro rwawe, kubg’ umusavyi wanje Aburahamu.
25
Yubakay’ igicaniro, yambaza izina ry’ Uhoraho, ashingayo amahema yiwe; na ho nyene abantu ba Isaka bahimba iriba.
26
Maze Abimeleki ava i Gerari, aja iy’ari, ari kumwe na Ahuzati umumenyekana wiwe na Fikoli umugabisha w’ingabo ziwe.
27
Isaka arababaza, ati N’iki kibazanye iyo ndi, kandi munyanka, mwaranyirukanye i wanyu?
28
Baramwishura, bati Twabonye rwose yuk’ Uhoraho ari kumwe nawe; tuti Hinge tuje gushira indahiro hagati yacu na we, dusezerane isezerano na we;
29
kugira ngo nawe ntuz’ utugirire nabi, nk’uko natwe tutakuriye n’urwara, ata co twakugize atar’ ivyiza gusa, kandi tukaba twagusēzeye amahoro. Tubonye k’Uhoraho yaguhaye.
30
Nuko Isaka abarondereza amazimano, bararya, baranywa.
31
Bakoroka kare, bashirah’ indahiro. Maze Isaka arabasēzera, bavayo bagenda amahoro.
32
Kur’ uwo musi abantu ba Isaka baraza, bamubarira ivya rya riba bimvye, bati Turabonye amazi.
33
Aryita Shiba: ni co gituma ico gisagara citwa Beri‐sheba na bugingo n’ubu.
34
Esau amaze imyaka mirongwine arongora Yuditi mwene Beyeri Umuheti, na Basemati mwene Eloni Umuheti:
35
batuntuza imitima ya Isaka na Rebeka.
← Chapter 25
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 27 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50