bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 31
Genesis 31
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 32 →
1
Bukeye Yakobo yumva amagambo y’abahungu ba Labani, bat’ Ivyar’ ivya data Yakobo yavyinyagiye vyose, mbere mu vya data ni ho yakūye ubgo butunzi bgose.
2
Yakobo abona yuko Labani atakimurāba ijisho ryiza nka mbere.
3
Maz’ Uhoraho abarira Yakobo, ati Ngo usubire mu gihugu ca ba sogokuruza muri bene wanyu: nanje nzobana nawe.
4
Nuko Yakobo atuma guhamagaza Rakeli na Leya ngo bamusange mu mukuku wiwe iy’ aragiye.
5
Arababgira, ati Nabonye so atakindāba ijisho ryiza nka mbere; arikw Imana ya data yagumanye nanje.
6
Namwe murazi yuko nakoreye so uko nashoboye kwose.
7
Kandi so yagiye angunga, ahindura ingero zanje ibihetangabo cumi; arikw Imana ntiyamukundiye kugira ico ankorako.
8
Iy’ ambariye, at’ Iz’ imifumberi ni zo zizoba ingero yawe, umukuku wose waca uvyara imifumberi; yambarira, ngw Iz’ ibibaba ni zo zizoba ingero yawe, umukuku wose ugaca uvyara iz’ ibibaba.
9
Uko ni kw Imana yanyaze so ibitungwa vyiwe, ikabimpa.
10
Kand’ igihe umukuku war’urinze, nunamuye amaso ndi mu nzozi, ndota mbona impfizi z’impene zūrira umukuku zar’iz’ ibibaba n’iz’ imifumberi n’iz’ ibidorodonzi.
11
Maz’ umumarayika w’ Imana ampamagarira mur’ izo nzozi, ati Yakobo! Nti Sabge!
12
Arambarira, at’ Unamura amaso yawe, urābe: eh’ impfizi z’ impene zose zūriye umukuku n’iz’ ibibaba n’iz’ imifumberi n’iz’ ibidorodonzi: kuko nabonye ivyo Labani akugirira vyose.
13
Ni jewe Mana yakubonekeye i Beteli, hamwe wasiga amavuta ku nkingi y’ibuye, ukahansezeranira isezerano: nuko none va hasi, uve mur’ iki gihugu, usubire mu gihugu wavukiyemwo.
14
Rakeli na Leya baramwishura, bati Mbega mu rugo rwa data har’ umugabane tuhafise, cank’ ivyo tuzoragwa?
15
Ntaduharūra nk’abanyamahanga? Ko yatuguze, akaba yarahejeje inkwano zacu.
16
Ubutunzi bgose Imana yanyaze data n’ubgacu n’abana bacu: nukw ico Imana ikubgiye cose, ugikore.
17
Maze Yakobo ava hasi, ashira abana biwe n’abagore biwe ku ngamiya;
18
ashorera n’ubusho bgiwe bgose n’ubutunzi bgose yaronse, ubusho yaronkeye i Padan‐aramu, kugira ngw aje kwa se Isaka mu gihugu c’i Kanani.
19
Maze Labani yari yagiye gukemuza intama ziwe; nuko Rakeli yiba ibigirwamana vya se.
20
Yakobo yiyiba Labani Umwaramu mu gucika, kukw ata co yarinze kumubarira.
21
Nukw acikana ivyo yar’ afise vyose; arīkora, ajabuka uruzi, agenda atumbereye umusozi w’i Gileyadi.
22
Ku musi ugira gatatu babūrira Labani yuko Yakobo yacitse.
23
Ajana na bene wabo, amara imisi ndwi amwometse inyuma, araruha amuhambiriza ku musozi w’i Gileyadi.
24
Mw ijoro, Imana iza kuri Labani Umwaramu mu nzozi, iramubarira, iti Wirinde, ntugire iryo ubarira Yakobo iry’ ari ryo ryose.
25
Nuko Labani ashikīra Yakobo. Yakobo yar’ashinze amahema ku musozi, Labani na bene wabo na bo bashinga ku musozi w’i Gileyadi.
26
Labani abaza Yakobo, at’ Ico wakoze ico n’iki, catumye unyiyiba, ukajana abana banje nk’inyagano?
27
Wabitewe n’iki gucika mu mpisho, ukanyiyiba, ntumbarire ngo ngusēzeze ikiyāgo c’umunezero no kuririmba no kuvuza agashāko k’ingoma n’inanga,
28
ntunkundire kugūmbīra abuzukuru banje n’abana banje? Wakoze ivy’ ubupfu.
29
Nari kugira ico mbakorako, arikw Imana ya so yambariye mur’ iri joro, iti Wirinde ntugire iryo ubarira Yakobo iry’ ari ryo ryose.
30
None ko war’ ugomvye kugenda ni koko, kuk’ ukumbuye cane i wanyu; ariko n’iki catumye wiba imana zanje?
31
Yakobo yishura Labani, at’ Irya mbere, n’uko natinye ko wonnyaga abakobga bawe;
32
irya kabiri, uwo uribubonane imana zawe, akwiye gupfa: enda n’usake icawe coba mu vyanje, ngaha imbere ya bene wacu, ukijane! Kuko Yakobo atar’ azi ko Rakeli yazivye.
33
Nuko Labani yinjira mw ihema rya Yakobo, no mu rya Leya, no mu rya za ncoreke zompi; arazibura. Ava mw ihema rya Leya, yinjira mu rya Rakeli.
34
Ariko Rakeli yari yabiriye vya bigirwamana, abishira mu matandiko y’ingamiya, avyicarako. Labani asaka mw ihema hose, arabura.
35
Rakeli abgira se, ati Ntungirire umwikomo ko ntaguhagurukiye, nyakwubahwa, n’uke ndi mu mihango y’abagore. Nukw arasaka, ariko ntiyabona vya bigirwamana.
36
Yakobo araraka, atonganya Labani; aramubaza, ati Nagucumuyekw iki, nakoze icaha ki, catumye uzinga bufuri ukanyoma inyuma?
37
None k’usatse mu bintu vyanje vyose, ubonye iki co mu vyo mu rugo rwawe? Kizane hano, ugishire hagati y’izi ncuti zanje n’izawe, badutātūre.
38
Mur’ iyi myaka mirongwibiri twamaranye, intama zawe n’impene zawe ntizaramburuye, amapfizi y’intama yo mu mukuku wawe sinayariye.
39
Iyatabaguwe n’igikōko sinakuzanira ikirangara, yapfira jewe; izibge warazindihisha, ar’izo ku murango canke mw ijoro.
40
Eh’ ayo nabonye: ku murango nicwa n’indugumba, mw ijoro nkicwa n’ imbeho; itiro rikaguruka ku maso.
41
Mur’ iyi myaka ukw ari mirongwibiri naba i wawe, nagukoreye imyaka cumi n’ine nca abakobga bawe bompi, n’iyindi itandatu ngucak’ umukuku w’intungwa: kandi wahinduye ingero zanje ibihetangabo cumi.
42
Iy’ itaba Imana ya data yarabanye nanje, Imana ya Aburahamu, iyo Isaka nyene yubaha, ntiwari kubura kundungika nd’inkokore. Imana yabonye umubabaro wanje n’ubutame bganje, maz’ iri joro yarāye irwahukanije.
43
Maze Labani yishura Yakobo, at’ Ereg’ aba bakobga n’abanje, n’aba bana n’abanje, n’iyi mikuku n’iyanje, n’ivyo ubona ibi vyose n’ivyanje: none noshobora nte kugira ico ngirira aba bakobga banje, cank’ abana bāvyaye?
44
None rero ngo ducane urusāgi twe nawe, habe icabona hagati yanje nawe.
45
Yakobo yābīra ibuye, arishinga nk’inkingi.
46
Yakobo abarira incuti ziwe, ati Ni mukoranye amabuye; nuko barayazana, bayagira ikigūngūzi; basangirira aho nyene kur’ ico kigūngūzi.
47
Labani acita Yegari‐sahaduta: Yakobo na we acita Galedi.
48
Labani aravuga, at’ Iki kigūngūzi kibaye icabona hagati ya twe nawe uyu musi. Ni co catumye citwa Galedi:
49
bo na Mizipa, kuko Labani yavuze, at’ Uhoraho yame ahagaze hagati ya twe nawe tumaze gutandukana.
50
Ni waramuka ugiriye nabi abakobga banje, canke ni wabaharika, umenye yuko, nah’ ata wundi muntu azoba ariho, Imana izoba ari yo cabona hagati ya twe nawe.
51
Kandi Labani abarira Yakobo, ati Ngiki ikigūngūzi n’iyi nkingi nshinze hagati yacu.
52
Iki kigūngūzi ni kibe icabona, n’iyi nkingi na yo nyene n’ibe icabona, yuko ntazorenga iki kigūngūzi nzanywe no kukugirira nabi, nawe k’utazorenga iki kigūngūzi n’iyi nkingi uzanywe no kungirira nabi.
53
Imana ya Aburahamu, Imana ya Nahori, Imana ya se w’abo bompi, n’ibe kamaramagambo hagati yacu. Yakobo arahira Iyo se Isaka yubaha.
54
Yakobo atangira ikimazi kur’ uwo musozi, ahamagara izo ncuti ziwe ngo basangire: nuko bararya, barāra iryo joro kur’ uwo musozi.
55
Labani azinduka kare mu gatondo, agūmbīra abuzukuru biwe n’abakobga biwe, arabahezagira: nuko Labani arataha, asubira i wabo.
← Chapter 30
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 32 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50