bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 14
Genesis 14
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 15 →
1
Mu gihe ca Amurafeli umwami w’i Shinari, na Ariyoki umwami w’i Elasari, na Kedolawoma umwami w’i Elamu, na Tidali umwami w’i Goyimu,
2
abo bami bāteye Bera umwami w’i Sodomu na Birusha umwami w’i Gomora, na Shinabu umwami w’i Adima, na Shemeberi umwami w’i Seboyimu, n’umwami w’i Bela (ari ho Sowari).
3
Abo bose bakoranira hamwe mu kiyaya c’i Sidimu (ni ho habaye Ikiyaga c’ Umunyu).
4
Bari bamaze imyaka cumi n’ibiri baganzwa na Kedolawoma, maze mu mwaka ugira icumi na gatatu baragarariza.
5
Nuko mu mwaka ugira icumi na kane Kedolawoma n’abami bīfatanije na we ni kwo kuza, bazingazingira Abarefa muri Ashiteroti‐karunayimu, n’Abasuzi i Hamu, n’Abemi i Shave‐kiriyatayimu,
6
n’Abahori babazingazingira i wabo mu mugamba i Seyiri, barabakinagiza babashitsa Eliparani hahereranye n’ubugaragwa.
7
Barakevya, bashika Eni‐mishipati (ari h’i Kadeshi), bazingazinga igihugu cose c’Abamaleki, bo n’ Abamori baba i Hasasoni‐tamari.
8
Maz’ umwami w’i Sodomu arashikuka, bo n’uw’i Gomora n’uw’i Adima n’uw’i Seboyimu n’uw’i Bela (ari ho Sowari); batondera urugamba mu kiyaya c’i Sidimu;
9
barwanya Kedolawoma umwami w’i Elamu, na Tidali umwami w’i Goyimu, na Amurafeli umwami w’i Shinari, na Ariyoki umwami w’i Elasari; abo bami ukw ari bane barwanya batanu.
10
Kand’ ico kiyaya c’i Sidimu cari cuzuye ivyobo vyimbgemwo kaburimbi, maz’ ingabo z’abami b’i Sodomu n’i Gomora zirahunga, zimwe zibikorokeramwo, izisigaye zihungira ku musozi muremure.
11
Basahura ibintu vyose vy’i Sodomu n’i Gomora, n’ivyo bāzigak’ uburamuko vyose, barīgīra.
12
Bahitana na Loti umuhungwabo wa Aburamu, yaba i Sodomu, hamwe n’ibintu vyiwe, baraheza barīgīra.
13
Haza umwe mu bahunze, abibarira Aburamu Umuheburayo: yaba i ruhande y’ibiti vy’imyeloni vy’Umwamori yitwa Mamure, mwene wabo wa Eshikoli na Aneri; kand’ abo bari bifatanije na Aburamu.
14
Aburamu yumvise yuk’ uw’ i wabo yafashwe mpiri, ajana abanyarugo biwe bize kurwana, bāvukiye i we, amajana atatu n’icumi n’umunani, barabakurikira, babahambiriza i Dani.
15
Aburamu ahenga mw ijoro, abantu biwe abacamw’ ibico, barabatera barabanesha, barabakinagiza gushitsa i Hoba, ahahera i bumoso bg’i Damasiko.
16
Agarura ibintu vyose, agarura n’uw’i wabo Loti, n’ibintu vyiwe, n’abagore n’abakobga na bo, n’abandi bantu.
17
Atabarutse, avuye kunesha Kedolawoma n’abandi bami bāri kumwe, umwami w’i Sodomu amusanganirira mu kiyaya c’i Shave, (ni co kiyaya c’umwami).
18
Kandi Melekisedeki umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana Isumba vyose, azana imitsima na vino.
19
Ahezagira Aburamu, at’ Uragahabga umugisha n’Imana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi:
20
kand’ Imana Isumba vyose iragahezagirwa, yagushize abansi mu maboko! Nuko Aburamu amuha ikigiracumi muri vyose.
21
Umwami w’i Sodomu abarira Aburamu, ati Ndekerana abantu, ibintu ubitware.
22
Aburamu yishura umwami w’i Sodomu, ati Narahiye Uhoraho mmanitse ukuboko, ni we Mana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi,
23
yuko ntazogira ikintu na kimwe co mu vyawe ntwara, naho koba akanyuzi cank’ akagozi k’inkweto, kugira ngo ntuz’ uvuge, uti Ni jewe natungishije Aburamu.
24
Jeho nta co ngomba, atar’ impamba abantu banje bariye, n’abo twatabaranye ubagabanganye imigabane yabo, ni bo Aneri na Eshikoli na Mamure, bo ni bajane imigabane yabo.
← Chapter 13
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 15 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50