bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 22
Genesis 22
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 23 →
1
Hanyuma y’ivyo, Imana igeza Aburahamu; iramuhamagara, iti Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.
2
Iramubgira, it’ Enda jana umwana wawe, umwana wawe w’ikinege ukunda, Isaka nyene, uje mu gihugu c’i Moriya; umutangireyo kw ikimazi co kwoswa, ku musozi nzokubarira.
3
Aburahamu azinduka kare mu gatondo, ashira amatandiko ku ndogoba yiwe, ajana na babiri bo mu mikangara yiwe, na Isaka umwana wiwe; nukw asatuje inkwi zo kwosa ikimazi, ava hasi, aja ha hantu Imana yamubariye.
4
Ku musi ugira gatatu, Aburahamu atuma amaso, abona aho hantu hakiri kure.
5
Nuko Aburahamu abgira iyo mikangara yiwe, ati Ni musigarane iyi ndogoba hano, twe n’ uyu mwana tugiye hariya gusenga, turaheza tugaruke.
6
Aburahamu yābīra za nkwi zo kwosa ikimazi, azikorera Isaka umwana wiwe; na we yitwarira umuriro n’imbugita; nuko bompi barajana.
7
Isaka abaza se Aburahamu, ati Mbega da? Aramwitaba, ati N’iki ga mwana wanje? Ati Mbeg’ umuriro n’inkwi kw ari ngibi, non’ umwagazi w’intama uri hehe, wo gutanga kw ikimazi co kwoswa?
8
Aburahamu aramwishura, at’ Erega mwananje, Imana ni yo iribgironkere umwagazi w’ikimazi co kwoswa. Nuko bompi barajana.
9
Bashika ahantu Imana yamubariye; Aburahamu ahubaka igicaniro, akinyuranyako za nkwi, aboha Isaka umwana wiwe, amurambika kur’ ico gicaniro hejuru y’inkwi.
10
Aburahamu atuma ukuboko, yābīra ya mbugita, ngw akerere umwana wiwe.
11
Maz’ umumarayika w’Uhoraho amuhamagara ari mw ijuru, at’ Ewe Aburahamu, Aburahamu! Aritaba, ati Sabge.
12
Aramubarira, ati Ntukoze ukuboko kur’ uwo muhungu, ntugire ico umugira: kuko noneho mmenye ko wubaha Imana, kuk’ utanyimye umwana wawe, kand’ ar’ ikinege.
13
Maze Aburahamu yunamuye amaso, areraguza, inyuma yiwe ahabona impfizi y’intama ifashwe mu mahembe mu gisaka c’inzitane. Aburahamu aragenda, afata ino ntama, ayitanga kw ikimazi co kwoswa mu gishingo c’umwana wiwe.
14
Aburahamu yita aho hantu Yehova‐yire, nk’uko bavuga na bugingo n’ubu, bati Ku musozi w’Uhoraho ni ho bironkeka.
15
Maz’ umumarayika w’Uhoraho ari mw ijuru arongera ahamagara Aburahamu,
16
ati Ndirahiye, ni k’Uhoraho agize, k’ukoze ivyo, ntunyime umwana wawe, kand’ ar’ ikinege,
17
eka mbere no kuguha umugisha nzowuguha, kandi no kugwiza nzogwiza uruvyaro rwawe, rungane n’inyenyeri zo kw ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga; kandi ruzokwegukira amarembo y’abansi barwo;
18
kandi mu ruvyaro rwawe ni ho amahanga yose yo mw isi azohērwa umugisha, kuko wanyumviye.
19
Aburahamu asubira aho ya mikangara yiwe iri, barikora, basubirana na we i Beri‐sheba; kuko Aburahamu ari ho yaba nyene.
20
Hanyuma y’ivyo babarira Aburahamu, bat’ Erega Miluka na we yavyaranye abana na murumunawe Nahori.
21
Imfura yiwe ni Usi, murumuna we ni Buzi, na we akurikirwa na Kemuweli, ari we se wa Aramu;
22
na bo bakurikirwa na Kesedi na Hazo na Piludashi na Yidilafu na Betuweli.
23
Kandi Betuweli yavyaye Rebeka: abo ukw ar’ umunani Miluka yabavyaranye na Nahori murumuna wa Aburahamu.
24
Kand’ incoreke yiwe yitwa Reyuma, na yo yavyaranye na we Teba na Gahamu na Tahashi na Mayaka.
← Chapter 21
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 23 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50