bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 29
Genesis 29
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 28
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 30 →
1
Yakobo araheza akomeza urugendo, ashika mu gihugu c’ababa i burasirazuba.
2
Agize artya, abona iriba ku musozi, ririkw imikuku y’intama iri gutatu, ziryamye; kuko kur’ iryo riba ari ho bāshōra imikuku. Kand’ ikibuye gipfundikiye umunwa w’iriba cari kinini.
3
Aho ni ho imikuku yose yakoranira, bagatembagaza ico kibuye, bakagikūra ku munwa w’iriba, bakavomera intama, bagaheza bakagisubiza ku munwa w’ iriba, aho cahora.
4
Yakobo abaza abungere, ati Bagenzi, mbega mur’ aba hehe? Baramwishura, bati Tur’ Abanyaharani.
5
Arababaza, ati Mbega Labani mwene Nahori muramuzi? Bati Turamuzi.
6
Arababaza, at’ I we n’ amahoro? Baramwishura, bati N’ amahoro; kandi ngurya n’umwigeme wiwe Rakeli azanye intama.
7
Arababgira, at’ Ehe rāba, izuba riracariho, amataha ntaragera ngo mwegeranye intama: ni muzishōre, muje kuba muraziragiye.
8
Baramwishura, bati Ntitubishobora, imikuku yose itarakorana; kukw ikoranye, ni ho batembagaza ikibuye, bakagikūra ku munwa w’ iriba, tukabona kuvomera intama, zigashōka.
9
Akivugana na bo, Rakeli arashika, azanye intama za se, kukw ari we yaziragira.
10
Nuko Yakobo abonye Rakeli mwene Labani inarume, n’intama za inarume nyene Labani, aca yegera iriba, atembagaza ca kibuye agikūra ku munwa w’iriba, avomera umukuku wa Labani inarume, zirashōka.
11
Yakobo agūmbīra Rakeli, araheza araturika ararira.
12
Yakobo yibarira Rakeli kw afitanye akamwe na se, kw ar’ umwana wa Rebeka: na we aca arirukanga, abibgira se.
13
Nuko Labani yumvise inkuru ya Yakobo mwishwa we, arirukanga, aramusanganira, amugwa mu nda aramugūmbīra, amujana i we. Na we adondera Labani ivyabaye vyose.
14
Labani aramubgira, ati N’ukuri ur’ ubura bganje, ur’ amaraso yanje. Bamaranye ukwezi kumwe,
15
Labani abarira Yakobo, ati Mbega kuko dufitaniye akamwe, ico cotuma unkorera ku busa? Enda mbarira: nze nkugerere iki?
16
Kandi Labani yar’ afise abakobga babiri: umukuru yitwa Leya, umutoya yitwa Rakeli.
17
Leya yar’ afise amaso atarābika neza, ariko Rakeli yari mwiza wese w’umunyakaranga.
18
Yakobo agomwa Rakeli; yishura Labani, ati Nzogukorera imyaka ndwi, uz’ umpe umwigeme wawe mutoya Rakeli.
19
Labani aramwishura, ati Kumuha wewe biruta kumuha uwundi muntu wese: igumire ngaho.
20
Nuko Yakobo akora imyaka ndwi kugira ngw ahabge Rakeli; imuhindukira nk’imisi mikeya, kubg’ urukundo amukunda.
21
Maze Yakobo abarira Labani, ati Mpa umugeni wanje, ndamurongore, kukw imisi wanciriye yashitse.
22
Labani atorera ubukwe abantu bose b’aho hantu, atereka amazimano.
23
Ahenga mu kagoroba, azana Leya umwana wiwe aramumuha, aramurongora.
24
Labani atanga Zilupa incoreke yiwe, amuha Leya umwana wiwe ngw amucorekere.
25
Bukeye Yakobo agize artya, asanga ni Leya: abaza Labani, at’ Ivyo wangize n’ ibiki? Sinagukoreye kuri Rakeli? Icatumye umpenda n’iki?
26
Labani aramwishura, at’ I wacu ntibagenza bartyo, gutanga umutoya umukuru akir’ aho.
27
Mara imisi ndwi yo mu nkinga, mwe n’ uyo, duheze tuguhe uwundi na we, nawe uz’unkorere iyindi myaka ndwi.
28
Yakobo abigenza artyo, amara iyo misi ndwi y’inkinga; Labani araheza amushingira Rakeli umwana wiwe wundi.
29
Labani aha uwo mwana wiwe Rakeli incoreke yiwe Biluha, ngw amucorekere.
30
Yakobo arongora Rakeli na we, maz’ aramukundwakaza amurutisha Leya; nuko akorera Labani iyindi myaka ndwi.
31
Maz’ Uhoraho abona yuko Leya yanswe, aca azibūra inda yiwe; ariko Rakeli aragumbaha.
32
Leya asama inda, avyara umuhungu, amwita Reyubeni, ati N’uk’ Uhoraho yabonye umubabaro wanje; noneh’ umugabo wanje azonkunda.
33
Asama inda y’ubuheta, avyara umuhungu, at’ Uhoraho kuko yumvise ko nanswe, ni co gitumye anyongera n’uyu: amwita Simeyoni.
34
Yongera gusama inda, avyara umuhungu; ati Noneh’ umugabo wanje arifatanya nanje, kuko mmuvyariye abahungu batatu: ni co catumye yitwa Lewi.
35
Yongera gusama inda, avyara umuhungu; at’ Ubuho ndashima Uhoraho: ni co catumye amwita Yuda. Nukw aba araretse kuvyara.
← Chapter 28
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 30 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50