bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 7
Genesis 7
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 8 →
1
Maz’ Uhoraho abgira Nowa, ati Ni mwinjire mu bgato, mwe n’abo mu nzu yawe bose; kuko mu runganwe rw’ubu ari wewe wenyene nabonye ugororotse imbere yanje.
2
Mu bitungano vyose bitazira no mu bikōko vyose bitazira, utwaremw’ ibigabo ndwindwi n’ibigore ndwi‐ndwi vyavyo; mu bikōko bizira na ho, utwaremwo bibiri‐bibiri, ikigabo n’ikigore caco;
3
no mu biguruka mu kirere, utwaremw’ ibigabo ndwi‐ndwi n’ ibigore ndwi‐ndwi, kugira ng’uruvyaro rwavyo ruze rurokoke, rubone gusubira kubaho mw isi yose.
4
Kukw imisi ndwi ishize, nzorekurira imvura kw isi imare imisi mirongwine igwa umurango n’ijoro, ibifise ubugingo vyose naremye ndabimare mw isi.
5
Nuko Nowa abigenza nk’uk’ Uhoraho yabimugeze vyose.
6
Igihe umwuzure w’amazi waza kw isi, Nowa yar’ amaze imyaka amajana atandatu.
7
Nowa aca yinjirana mur’ ubgo bgato n’abana biwe n’umugore wiwe n’abakazana biwe, ngw ahunge ayo mazi y’ umwuzure.
8
Mu bitungano bitazira no mu bikōko bitazira, no mu bizira na vyo, no mu biguruka, no mu vyikwega hasi vyose,
9
bibiri‐bibiri vyinjirana na Nowa mur’ ubgo bgato, ikigabo n’ikigore, nk’ ukw Imana yamugeze.
10
Maz’ iyo misi ndwi ishize, amazi y’umwuzure asendanisha kw isi.
11
Mu mwaka ugira amajana atandatu Nowa abayeho, mu kwezi kwa kabiri, ku musi wakwo w’icumi n’indwi, amasōko yose y’i kuzimu arapumuka, ingomero zo mw ijuru zose ziragomororwa.
12
Imvura imara imisi mirongwine igwa kw isi umurango n’ijoro.
13
Kur’ uwo musi nyene Nowa yinjira mur’ubgo bgato, bo na Shemu na Hamu na Yafeti abana biwe, n’umugore wiwe, n’abakazana biwe ukw ari batatu;
14
binjirana n’ibikōko vyose nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibitungano nk’ ukw amoko yavyo ari, n’ivyikwega hasi vyose nk’ukw amoko yavyo ari, n’ibiguruka mu kirere vyose nk’ ukw amoko yavyo ari, ibifise ivyubi vy’uburyo bgose.
15
Vyinjirana na Nowa mu bgato, bibiri‐bibiri mu bifise umubiri vyose, biri n’ubugingo bihumeka.
16
Ivyinjiye vyar’ ikigabo n’ikigore vyo mu bifise umubiri vyose, nk’ukw Imana yamugeze: maz’ Uhoraho amwugaranira imbere.
17
Umwuzure umara kw isi imisi mirongwine, amazi aragāra, aterura bga bgato, buva kw isi burareremba.
18
Amazi arīganza, yiyongeranya cane kugāra kw isi; maz’ ubgo bgato buzengerera hejuru ku mazi.
19
Amazi arushiriza cane kwiganza kw isi, imisozi miremire yose yo musi y’ijuru iyo riva rikagera irarengerwa.
20
Amazi arīganza asumba imisozi, ayirenga amatambge cumi n’atanu y’ukuboko uciriye mu nkokora.
21
Ibifise umubiri vyose bigenda kw isi birapfa, uhereye ku biguruka no ku bitungano no ku bikōko no ku vyikwega hasi vyose, no ku bantu bose.
22
Ibihumeka impwemu z’ubugingo mu mazuru vyose, vyaba i musozi, birapfa.
23
Ibifise ubugingo vyose biri kw isi biraherengetezwa, uhereye ku bantu no ku bitungano no ku vyikwega hasi no ku biguruka mu kirere: biherengetezwa kw isi; Nowa aba ari we asigara wenyene, bo n’ivyari kumwe na we muri bga bgato.
24
Amazi amara imisi ijana na mirongwitanu yīganziye kw isi.
← Chapter 6
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 8 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50