bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 39
Genesis 39
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 38
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 40 →
1
Yosefu bamumanukana muri Egiputa; maze Potifari, Umunyegiputa, umugendanyi wa Farawo, yaganza abamushibamira, amugura n’Abishimayeli bamumanukanyeyo.
2
Uhoraho abana na Yosefu, bituma aroranirwa; aba mu rugo rwa shebuja Umunyegiputa.
3
Shebuja abona yuk’ Uhoraho ari kumwe na we, kandi k’Uhoraho yamuhaye kugira ikiganza ciza ku co akoze cose.
4
Yosefu atona kuri we, aba ingendanyi yiwe; maz’ amuhindura umubgiriza wo mu rugo rwiwe, amuzeza ivy’ afise vyose.
5
Maz’ uhereye igihe yamugize umubgiriza wo mu rugo rwiwe, akamuzeza ivy’ afise vyose, Uhoraho aca aha umugisha urugo rw’uwo Munyegiputa, kubga Yosefu; umugisha w’Uhoraho uba ku vyo yar’ afise vyose, vyo mu rugo n’ivyo mu ndimiro.
6
Yegurira Yosefu ivyo yar’ afise vyose; ntiyagira ikindi yibaza, atar’ ivy’ arya gusa. Kandi Yosefu yari mwiza w’umunyakaranga.
7
Hanyuma y’ivyo, inabuja agomwa Yosefu, aramubgira, ati Ngo turyamane.
8
Maz’ ariyankira, yishura inabuja, at’ Erega databuja nta co yibazako ku vyo ngaba vyo mu rugo, mbere yanjeje ivy’ afise vyose;
9
nta wunduta mur’ uru rugo, kandi nta co yisigarije ngw akinyime atari wewe, kuk’ ur’ umugore wiwe: none noshobora nte gukora icaha kingana girtyo, ngacumura ku Mana?
10
Akama abibgira Yosefu uko bukeye, na we ntamwumvire, ngw aryamane na we, canke ngw agumane na we.
11
Umusi ur’ izina yinjira mu nzu gukora igikorwa ciwe, ata bandi bagabo bo mur’ urwo rugo bari mu nzu.
12
Uwo mugore asūmira impuzu yiwe, aramubgira, ati Ngo turyamane. Amutana impuzu yiwe, arahunga, arasohoka.
13
Maz’ abonye kw amutanye impuzu yiwe agahunga agasohoka,
14
atabaza abagabo b’abanyarugo, arababarira, at’ Ehe rāba yatuzaniye Umuheburayo wo kudukēngēra! Yaje iyo ndi ngw aryamane nanje, ndaheza ntabaza n’ijwi rirenga:
15
maz’ abonye nshize ijwi hejuru ntabaje, antana impuzu yiwe, arahunga, arasohoka.
16
Arekera iyo mpuzu i ruhande yiwe, gushitsa aho shebuja wa Yosefu atahiye.
17
Maz’ amubgira amagambo amwe n’ayo, ati Wa mugurano w’ Umuheburayo watuzanira yazanywe iyo ndi n’agakēngērwe.
18
Maze nanje nshize ijwi hejuru ntabaje, antana impuzu yiwe, arahunga, arasohoka.
19
Maze shebuja yumvise amagambo umugore wiwe amubariye, y’ingen’ uwo mugurano wiwe yamugiriye, uburake bgiwe buraziriringa.
20
Nuko shebuja wa Yosefu aramufata, amushira mw ibohero, aho bārindira abo umwami aboshe: nukw aba ngaho mu nzu y’imbohe.
21
Arik’ Uhoraho aba kumwe na Yosefu, amugirira neza, amuha gutona ku murinzi w’ibohero.
22
Uwo murinzi aha Yosefu kugaba imbohe zose zari mur’ iryo bohero; ivyo bākorayo vyose, ni we yabikoresha.
23
Umurinzi w’ ibohero ntiyagira ikintu yibaza ku vyo yamushikirije, kuk’ Uhoraho yari kumwe na we; kand’ Uhoraho amuha kugira ikiganza ciza ku co akoze cose.
← Chapter 38
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 40 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50