bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 30
Genesis 30
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 29
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 31 →
1
Rakeli abonye atavyaranye na Yakobo akana, agirira ishari mukuru we; abarira Yakobo, ati Mpa abana; utabampaye, mpfuma mpfa.
2
Maz’ uburake bga Yakobo buziriringira Rakeli, ati Mbega jewe ndi mu gishingo c’ Imana, kw ari yo yakwimye ivyara?
3
Aramwishura, at’ Ehe nguyo incoreke yanje: n’umurārire, kugira ngw amvyarire abana, ndonkere ivyara kuri we.
4
Amuha Biluha incoreke yiwe: nuko Yakobo aramurārira.
5
Biluha asama inda, avyarana na Yakobo umuhungu.
6
Rakeli aravuga, at’ Imana inciriye urubanza, ndatsinda, kandi yumvise ijwi ryanje, impa umuhungu: ni co catumye amwita Dani.
7
Maze Biluha, incoreke ya Rakeli araheta, asama inda, avyarana na Yakobo umuhungu wa kabiri.
8
Rakeli aravuga, ati Nniganye na mwene mama bikomeye, ndamunesha: amwita Nafutali.
9
Leya abonye aretse kuvyara, yābīra Zilupa incoreke yiwe, amuha Yakobo.
10
Zilupa incoreke ya Leya avyarana na Yakobo umuhungu.
11
Leya aravuga, ati Ngize imana! Amwita Gadi.
12
Maze Zilupa incoreke ya Leya avyarana na Yakobo umuhungu wa kabiri.
13
Leya aravuga, ati Ndahiriwe! Kukw abandi bagore bazonyita umuhirwa: amwita Asheri.
14
Maze mw igenya ry’ingano, Reyubeni aragenda, ahūmuka ku madudayimu mu ndimiro, ayazanira nyina Leya. Rakeli asaba Leya, ati Mpa se ku tududayimu umwana wawe azanye.
15
Leya aramwishura, at’ Uvyise ivyoroshe kuntwara umugabo? Non’ ugomba kuntwara amadudayimu umwana wanje azanye? Rakeli aramwishura, ati None rero, iri joro arakurārira, n’umpe utududayimu tw’umwana wawe.
16
Ku mugoroba Yakobo atashe, avuye mu ndimiro, Leya arasohoka aja kumutega, aramubgira, ati Ni jewe ukwiye kurārira, kuko nagutangiye ingero y’amadudayimu y’umwana wanje. Nukw amurārira iryo joro.
17
Imana yumvira Leya, asama inda, avyarana na Yakobo umuhungu agira gatanu.
18
Leya aravuga, at’ Imana irangereye, kuko nahaye umugabo wanje incoreke yanje. Amwita Isakari.
19
Leya asama iyindi nda, avyarana na Yakobo umuhungu agira gatandatu.
20
Leya aravuga, at’ Imana ingabiye ingabire nziza, noneh’ umugabo wanje azobana nanje, kuko mmuvyariye abahungu batandatu. Amwita Zebuloni.
21
Hanyuma avyara umukobga, amwita Dina.
22
Maz’ Imana yibuka Rakeli, iramwumvira, izibūra inda yiwe.
23
Asama inda, avyara umuhungu, at’ Imana irantēturuye:
24
amwita Yosefu, at’ Uhoraho ampetere uwundi muhungu.
25
Nuko Rakeli amaze kuvyara Yosefu, Yakobo abarira Labani, ati Ndekura ngende, nsubire i wacu mu gihugu cacu.
26
Mpa abagore banje n’abana banje, abo nakoreye, nīgīre; kuk’ uzi ukuntu nagukoreye.
27
Labani aramwishura, at’ Icompa ukanezererwa kugumana nanje! Kuko nabonye rwose yuk’ Uhoraho yampaye umugisha kubgawe.
28
Ati Ncira ingero nzokugerera, nanje nzoyitanga.
29
Aramwishura, at’ Urazi ingene nagukoreye, n’ukuntu nagendanye imikuku yawe.
30
Kukw ivyo war’ ufise ntaraza vyari bike, none vyaragwiriye biba ibitayega; kand’ Uhoraho yaguhaye umugisha uhereye aho nashinze ikirenge hose: none jeho nzokwironderera ryari ivy’ urugo rwanje na rwo?
31
Aramubaza, ati None nokugerera iki? Yakobo aramwishura, ati Nta co nkwātse: ndemeye gukomeza kukuragirira umukuku wawe no kuwuzigama, ni wemera kunkorera kino:
32
ko nogendagenda mu mukuku wawe wose uyu musi, ngasobanuramw’ igitungwa cose c’umufumberi n’ic’ amabara y’ibigabo, ar’ intama yose y’ikiyumbu, ar’ impene z’amabara y’ibigabo n’iz’ imifumberi: ben’ izo ni zo zizoba ingero yanje.
33
Uku ni k’ukuri kwanje kuzontsindira mu gihe c’imbere: ni waza kwitegereza ingero zanje zivuye i wawe, hakaramuka habonetsemw’ impene itar’ iy’ umufumberi cank’ iy’ amabara y’ibigabo, cank’ intama itar’ ikiyumbu, mu z’iwanje, uz’ uyite inyibano.
34
Labani aramwishura, ati Ndavyemeye: bize bibe nk’uk’ uvuze.
35
Ariko Labani ahenga uwo musi nyene, arobanura amapfizi y’impene y’ibibaba n’ay’ amabara y’ibigabo, n’izivyara zose z’imifumberi n’iz’ ibigabo, impene yose y’ibara ryera, n’intama zose z’ibiyumbu, aziragiza abahungu biwe.
36
Ashira itandukaniro hagati yabo na Yakobo ry’urugendo rw’imisi itatu. Nuko Yakobo aragira imikuku ya Labani isigaye.
37
Yakobo aca inkoni mbisi zitwa imilebeni n’izitwa shakedi n’ izitwa imyarumoni, azicakw amabara yera asa n’imisengo, agaragaza ahēra h’imbere ku nkoni.
38
Ashira izo nkoni yaciyekw amabara imbere y’imikuku ku migende no ku ngomero ah’imikuku iza kunywera: kand’ iyo zije kunywa zaca zima.
39
Imikuku yimira imbere y’izo nkoni, ikavyara iz’ ibibaba n’iz’ imifumberi n’iz’ amabara y’ibigabo.
40
Izivutse Yakobo yazishira ukwazo, maz’ imikuku akayibangurira iz’ ibibaba n’iz’ ibiyumbu zose mu mukuku wa Labani; agashira imikuku yiwe ukwayo, ntayisukiranye n’iya Labani.
41
Kand’ ukw inziza zo mu mukuku zirinze, Yakobo yashira za nkoni imbere y’umukuku ku migende, kugira ngo zimire hagati y’izo nkoni.
42
Arikw iyo zibaye mbi‐mbi ntazishireho: bituma imbi ziba iza Labani, inziza ziba iza Yakobo.
43
Uwo mugabo agwiza itunga cane, agira imikuku myinshi n’abatungano b’abakobga n’abahungu n’ingamiya n’ indogoba.
← Chapter 29
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 31 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50