bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 45
Genesis 45
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 44
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 46 →
1
Maze Yosefu ntiyaba agishobora kwiyumanganya imbere y’abo bahagararanye bose; aca avuga n’ijwi rirenga, ati Ni mutaramure abantu bose. Nuko ntihagira uwundi muntu n’umwe asigarana na Yosefu, igihe yibarira bene se.
2
Araturikisha ararira, Abanyegiputa baravyumva, no kwa Farawo baravyumva.
3
Yosefu abarira bene se, at’ Erega ni jewe Yosefu! Aho data aracariho? Bene se babura ico bovuga, kuko barandutse imitima kubona bar’ imbere yiwe.
4
Yosefu abarira bene se, at’ Enda ni munyegere. Baramwegera; aravuga, ati Ni jewe Yosefu mwene so, umwe mwaguze ngashōrwa muri Egiputa.
5
None ntimubabare ngo mwirakire kuko mwanguze ngashōrwa ino: kukw Imana ari yo yatumye mbītangira imbere ngo mbe kirokora.
6
Ikigoyi kimaze imyaka ibiri mu gihugu, kandi haracasigaye iyindi myaka itanu batazoruha barimamwo canke ngo bimbure.
7
Imana ni yo yatumye mbītangira imbere kugira ngw ibabogore, mugire ico musiga mw isi, ibarokoze agakiza gakomeye.
8
None rero si mwebge mwandungitse ino, n’Imana: kandi yampinduye nka se wa Farawo, n’umuzezwarugo wiwe wa vyose, no kuba umugaba w’igihugu cose ca Egiputa.
9
Ni mwihute, mudūge kwa data, muze mushike mumubarira, mut’ Umwana wawe Yosefu yadutumye ngw Imana yamugize umugaba w’igihugu cose ca Egiputa: muti Manuka uze iy’ari, ntutebe.
10
Muti Kand’ uzoshika uba mu gihugu c’i Gosheni, ube hafi yiwe, mwe n’abana bawe n’abuzukuru bawe, n’imikuku yawe n’amasho yawe, n’ivy’ ufise vyose.
11
Kandi mut’ Azogutungirayo, kuko hagisigaye imyaka itanu y’ikigoyi, woye kuzohava ufūtāna, mwe n’inzu yawe n’ab’ ufise bose.
12
Kandi muravyibonera n’amaso yanyu, na mwene mama Benyamini aravyibonera, yukw ari jewe ubganje mvyikūriye mu kanwa.
13
Kandi muze mubarire data icubahiro canje cose mfise muri Egiputa, n’ivyo mwiboneye vyose, kandi muze munyarukane data kumushikana ino.
14
Yosefu araheza agwa mw izosi Benyamini mwene nyina, ararira; Benyamini na we aririra kw izosi rya Yosefu.
15
Agūmbīra bene se bose, abaririrako; hanyuma y’ ivyo bene se bararemerana, bayāga na we.
16
Inkuru y’ivyo ishika kwa Farawo, bat’ Ab’i wabo wa Yosefu baje; binezereza Farawo n’abantu biwe cane.
17
Farawo abgira Yosefu, ati Barira ab’i wanyu bagenze bartya: baremēke ibintu vyabo indogoba, bagende, baje mu gihugu c’i Kanani;
18
bazane so n’abo mu ngo zabo, baze i wanje: nanje nzobaha ku vyiza‐vyiza vyo mur’iki gihugu ca Egiputa, bazorya ku biryoshe vyo mu gihugu.
19
Nuko none ndabikugeze: ubabarire, bagenze bartya: bajane imikogote imwe yo mur’ iki gihugu ca Egiputa ikwegwa n’amafarasi, yo kuzana abana babo bato n’abagore babo, bazane na so, baze ino.
20
Kandi ntibababazwe n’ ibintu vyabo: kukw ivyiza‐vyiza vyo mur’ iki gihugu cose ca Egiputa bizoba ivyabo.
21
Nuko bene Isirayeli babigenza bartyo; Yosefu abaha imikogote, nk’uko Farawo yabigeze, abaha n’ impamba.
22
Kand’ uko bangana, aha umuntu wese imyambaro yo gukūranya; arikw aha Benyamini intete z’ifeza amajana atatu, amuha n’imyambaro yo gukūranya itanu.
23
Se na we iganuke yamurungikiye n’iri: indogoba cumi zigiye zīremētse ku vyiza‐vyiza vyo muri Egiputa, n’indogoba zivyara cumi zīremētse imihure y’impeke n’ivyo kurya n’impamba se azorīra mu nzira.
24
Nukw asēzera bene se: bakiriko baragenda, arababgira, ati Mwirinde, ntimutanekw ibirake muri mu nzira!
25
Nuko bava muri Egiputa, badūga mu gihugu c’i Kanani, bashika i muhira kwa se Yakobo.
26
Baramubarira, bati Yosefu aracariho, ni we wa mugaba w’igihugu cose ca Egiputa. Umutima wiwe uca ugwa igihumura, ntiyavyemera.
27
Bamudōndera amajambo yose Yosefu yabatumye; se Yakobo abonye ya mikogote Yosefu yarungitse kumujana, umutima wiwe urarabūka.
28
Isirayeli aravuga, ati Ni vyo bizi, ko Yosefu umwana wanje akiriho! Ndagenda nje kumubona ntarapfa!
← Chapter 44
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 46 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50