bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 9
Genesis 9
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 10 →
1
Maz’ Imana ihezagira Nowa n’ abana biwe, irababarira, iti Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi.
2
Ibikōko vyose vyo mw isi n’ibiguruka mu kirere vyose muzobitera ubgoba, bizobatinya; murabihawe, bo n’ibinyagara kw isi vyose, n’amafi yose yo mu kiyaga.
3
Kand’ ibigenda vyose bifise ubugingo bizoba ivyo kurya vyanyu, mbibahaye vyose, nk’uko nabahaye ibimera bitotahaye.
4
Ariko ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo, ni bgo maraso yazo.
5
Kand’ amaraso yanyu, ari bgo bugingo bganyu, sinzobura kuyahōra: ar’ igikōko cose, ar’ umuntu, nzoyabihōra: ubugingo bg’umuntu nzobuhōra mugenzi we wese yabikoze.
6
Ūzovisha amaraso y’ umuntu, n’ayiwe azovishwa n’abandi: kuk’ umuntu namuremye mw ishusho yanje, jewe Imana.
7
Nuko namwe, ni murondoke, mugwire, muvyarire cane kw isi, muyigwiriremwo.
8
Imana ibarira Nowa n’abana biwe,
9
iti Rāba jewe ubganje nshinze isezerano mbasezeraniye, mwe n’uruvyaro rwanyu ruzobakomōkako,
10
n’ibifise ubugingo vyose biri kumwe namwe, ibiguruka n’ibitungano n’ibikōko vyo kw isi muri kumwe: ek’ ibisohotse mu bgato vyose, ibikōko vyose vyo kw isi.
11
Nuko nshinze isezerano mbasezeraniye: ibifise umubiri vyose ntibizosubira kurandurwa n’amazi y’umwuzure ukundi, kandi ntihazobah’ umwuzure wo gutikiza isi ukundi.
12
Imana iravuga, it’ Iki ni co kimenyamenya c’isezerano mbasezeraniye, mwe n’ibifise ubugingo vyose muri kumwe, uk’ urunganwe rwanyu ruzogenda rukurikirana gushitsa ibihe vyose.
13
Nshize umuheto wanje ku gicu, ni wo munywamazi, uzoba ikimenyamenya c’isezerano nsezeraniye isi.
14
Nuk’ uko nzozana igicu hejuru y’isi, uwo muheto w’umunywamazi uzobonekera kuri co,
15
nanje nzokwibuka iryo sezerano ryanje nshize hagati yanje namwe bo n’ibiri n’ ubugingo vyose bifise umubiri: kand’ amazi ntazokwongera ukundi kuba umwuzure wo guhonnya ibifise umubiri vyose.
16
Nuk’ uwo munywamazi ubaye ku gicu, nanje nzowitegereza nibuke iryo sezerano ry’intahava riri hagati yanje n’ibiri n’ubugingo bifise umubiri vyose biri kw isi.
17
Imana ibarira Nowa, it’ Ico ni co kimenyamenya c’isezerano nashinze hagati yanje n’ibiri n’umubiri vyose biri kw isi.
18
Bene Nowa bāsohotse mu bgato ni Shemu na Hamu na Yafeti: Hamu ni we se wa Kanani.
19
Abo, ukw ari batatu, ni bo Nowa yavyāye: ni bo bākomōtsweko n’ abakwiye isi yose.
20
Nowa atangura kurima, atera uruzabibu:
21
anywa vino y’izo nzabibu, araborerwa; impuzu zimuvako ari mw ihema ryiwe.
22
Hamu, se wa Kanani, abona ubgambure bga se, abibarira bene nyina bompi bari hanze.
23
Shemu na Yafeti bābīra umwambaro, bawukika ku bitugu vyabo bompi, bagenza imigongo, bapfuka ubgambure bga se: kand’ amaso yabo, kuko yar’ aroye irya, ntibabona ubgambure bga se.
24
Nowa vino imuvuyeko, amenya ivyo umuhungu wiwe muto yamukoreye.
25
Aravuga, ati Kanani abaye ikivume! Azoba umuja w’abaja kuri bene nyina.
26
Kand’ at’ Uhoraho aragahezagirwa, ni yo Mana ya Shemu; Kanani we n’abe umuja wiwe.
27
Imana yāgurire Yafeti, Abe mu mahema ya Shemu; Kanani we n’abe umuja wiwe.
28
Wa mwuzure uhise, Nowa amara imyaka amajana atatu na mirongwitanu.
29
Imisi yose Nowa yamaze yabaye imyaka amajana cenda na mirongwitanu: araheza arapfa.
← Chapter 8
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 10 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50