bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 42
Genesis 42
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 41
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 43 →
1
Maze Yakobo yumva ko muri Egiputa har’ amasumo; abaza abana biwe, ati N’iki gituma murābana?
2
Kand’ ati Numvise yuko muri Egiputa har’ amasumo: enda ni mumanuke mujeyo, mudusumire, kugira ngo tubeho, twoye gupfa.
3
Bene se ba Yosefu ukw ari cumi baramanuka, baja gusuma imihure y’impeke muri Egiputa.
4
Ariko Benyamini, mwene nyina wa Yosefu, Yakobo ntiyamutumana na bakuru be, kuko yiyumvira, ati Kumbure yogira ic’ aba.
5
Nuko bene Isirayeli bajana n’ abandi gusuma, kuko kigoyi cāteye mu gihugu c’i Kanani.
6
Kandi Yosefu yari yagizwe segaba w’igihugu ca Egiputa; ni we yasumira abo mur’ ico gihugu bose; nuko bene se ba Yosefu baraza, bakubita inkoro hasi, baramwunamira.
7
Maze Yosefu abonye bene se arabamenya, yihindura nka murundi kuri bo, abatera imirarwe, ati Muva hehe? Baramwishura, bati Tuva mu gihugu c’i Kanani tuje gusuma.
8
Yosefu amenya bene se, ariko bo ntibamumenya.
9
Maze Yosefu yibuka za nzozi yarose kuri bo, arababarira, ati Mur’ abatasi! Muje kurāba ah’ igihugu coroshe!
10
Baramwishura, bati Haba na mba, mugenzi: abasavyi bawe twangajwe no gusuma.
11
Twese tuvuka kur’ umwe; tur’ abanyakuri, abasavyi bawe ntitur’ abatasi na gatoya.
12
Arabishura, ati Na mba! Kurāba ah’ igihugu coroshe ni co kibazanye.
13
Baramwishura, bati Twebge abasavyi bawe twavukana tur’ icumi na babiri, tur’ ab’umuntu umwe wo mu gihugu c’i Kanani; umuhererezi yasigaranye na data, uwundi na we ntakiriho.
14
Yosefu arabishura, at’ Aho rero, sinavuze ko mur’ abatasi?
15
Iki ni co kizobeza: ndabarahiye Farawo mukazova ino umuhererezi wanyu adashitse aha!
16
Ni mutume umwe muri mwebge, agende azane murumuna wanyu, namwe musigare mur’ imbohe, kugira ngw amagambo yanyu aseruke kw ar’ay’ ukuri: biramutse bitabaye birtyo, muzoba mur’ abatasi, ndabarahiye Farawo!
17
Bose abamaza gatatu mw ibohero.
18
Ku musi ugira gatatu, Yosefu arababarira, at’ Enda genza murtya, mwoye gupfa, kuko ntinya Imana:
19
namba mur’ abanyakuri, umwe muri mwebge asigare hano mw ibohero; abandi mugende, mujane imihure y’impeke yo kubamara inzara mu ngo zanyu:
20
muheze munzanire umuhererezi wanyu; ni ho amagambo yanyu azomenyekana kw ar’ay’ ukuri, bikabakiza ntimupfe. Baca bagenza bartyo.
21
Maze baravugana, bati Turikw inkurikizi ya murumuna wacu, s’ikindi, kuko twabonye intuntu yar’ afise mu mutima, hamwe yatwinginga, tukanka kumwumviriza; ni vyo bituzaniye ibi vyago.
22
Maze Reyubeni arababgira, ati Sinababariye, nti Ntimugire ico mugira uwo mwana, mukanka kunyumvira? ni co gitumye amaraso yiwe aturondererwako.
23
Ariko ntibamenya ko Yosefu abumva, kuko yasobanurirwa n’uwundi.
24
Arora irya, ararira; araheza agaruka kuri bo, arabasigurira, abakūramwo Simeyoni, amubohera mu maso yabo.
25
Maze Yosefu agera ko babuzuriza impeke amagunira yabo, kandi ngo basubize amahera y’umuntu wese mw igunira ryiwe, kandi ngo babahe n’impamba: babagirira bartyo.
26
Baremēka indogoba zabo izo mpeke, bavayo baragenda.
27
Maz’ aho barāye, umwe muri bo ahamburuye igunira ryiwe ngw agaburire indogoba yiwe, abona ya mahera yiwe, ari mu munwa w’igunira.
28
Abarira bagenzi biwe, at’ Amahera yanje aragarutse! Eh’ ari mw igunira ryanje! Baranduka imitima, barābana bahinda agashitsi, bat’ Ibi n’ibiki, Imana itugiriye?
29
Bashitse i muhira kwa se Yakobo, mu gihugu c’i Kanani, bamudōndera ivyababayeko vyose,
30
bat’ Umugabo aganza ico gihugu yatubariye adutera imirarwe, atugirira nk’aho tur’ abatasi batata igihugu.
31
Turamubarira, tuti Tur’ abanyakuri, ntitugira gutata na gatoya.
32
Tuti Twavukana tur’icumi na babiri, dusangiye data umwe; tut’ Umwe ntakiriho, umuhererezi na we yasigaranye na data, mu gihugu c’i Kanani.
33
Uwo mugabo aganza ico gihugu, aratubarira, at’ Iki ni co kizommenyesha ko mur’ abanyakuri: ati Ni munsigarane umwe mu bo muvukana, mujane ivyo kubamara inzara mu ngo zanyu, mugende.
34
Ati Muheze munzanire umuhererezi wanyu; ati Ni ho nzomenya ko mutar’ abatasi, ariko ko mur’ abanyakuri; mpeze mbasubize mugenzi wanyu, mubone kugenda uburarame mur’ iki gihugu.
35
Maze bacuranuye ibiri mu magunira yabo, basanga itu ry’amahera ry’umuntu wese riri mw igunira ryiwe: abo bose bo na se babonye ayo matu yabo y’ amahera, baratinya.
36
Se Yakobo arababarira, ati Muntōtōyekw abana: ehe Yosefu ntakiriho, na Simeyoni ntakiriho, none mugomba kunyaka na Benyamini: ivyo vyose ni jewe vyeguriweko!
37
Reyubeni abarira se, ati Ni ntamukugarukanira, uze wice abahungu banje bompi; n’ umumpe, nzomukugarukanira.
38
Aramwishura, at’ Umwana wanje ntazomanukana namwe; kuko mukuru we yapfuye, akaba asigaye ar’ ikinege: yogira ic’ aba mu nzira, mugatuma imvi zanje zimanukana umubabaro i kuzimu.
← Chapter 41
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 43 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50