bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 48
Genesis 48
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 47
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 49 →
1
Hanyuma y’ivyo babarira Yosefu, bat’ Umuvyeyi wawe ararwaye. Aca ahitana abana biwe bompi, Manase na Efurayimu.
2
Babarira Yakobo, bat’ Ehe umwana wawe Yosefu araje. Isirayeli aca arinanata, yicara ku buriri.
3
Yakobo abarira Yosefu, at’ Imana Ishobora vyose yanyiyerekeye i Luzi ho mu gihugu c’i Kanani, irampezagira;
4
irambarira, it’ Ehe nzokurondora, nkugwize, nguhindure igugu ry’amahanga; kand’ iki gihugu nzogiha uruvyaro rwawe ruzogukurikira, kibe ishamvu yarwo ibihe vyose.
5
Non’ aba bahungu bawe bompi wavyaye n’abanje, abo wavyariye ino mu gihugu ca Egiputa ntaraza iy’ uri: mbere Efurayimu na Manase babaye abanje, babaye kimwe na Reyubeni na Simeyoni.
6
Ni hagira abandi bana uvyara hanyuma bazoba abawe, maze mw iragwa ryabo bazoja mu gishingo ca bakuru babo.
7
Kand’ igihe nava i Padani nabonye amagorwa, Rakeli arapfa, turi mu rugendo mu gihugu c’i Kanani, twari dushigaje akarere tugashika muri Efurata; ndamuhamba ku nzira ija muri Efurata, ari ho Betelehemu.
8
Isirayeli abona bene Yosefu, aramubaza, at’ Aba ni ba nde?
9
Yosefu yishura se, ati N’abana banje, bamwe Imana yampereye ino. Aramubarira, at’ Enda banyegereze, ndabahezagire.
10
Kand’ amaso ya Isirayeli yar’ asigaye abona ivyijiji kubgo gusāza, ntiyar’ acihweza. Arabamwēgereza, na we arabasoma, arabagūmbīra.
11
Isirayeli abarira Yosefu, ati Sinari ncibgira yuko nzosubira kugukubita ijisho; ariko non’ Imana inyeretse n’uruvyaro rwawe.
12
Yosefu abakūra hagati y’ amavi ya se, arunama akubita inkoro hasi.
13
Yosefu arabafata bompi, arabamwēgereza; afatisha Efurayimu ukuboko kwiwe kw’i buryo, amutumbereza ukuboko kw’i bubamfu kwa Isirayeli, afatisha Manase ukuboko kwiwe kw’i bubamfu, amutumbereza ukuboko kwa Isirayeli kw’i buryo.
14
Isirayeli aramvura ukuboko kwiwe kw’i buryo, arambika ikiganza ku mutwe wa Efurayimu, ari we muhererezi, arambika ikiganza ciwe c’i bubamfu ku mutwe wa Manase: anyuranya amaboko yiwe ibigirankana, kuko Manase ari we yar’ imfura.
15
Ahezagira Yosefu, at’ Imana, iyo sogokuru Aburahamu na data Isaka bagendera imbere, Imana yandagiye mu kubaho kwanje kwose igashitsa n’ubu,
16
umumarayika yandokoye mu vyago vyose, ihe aba bahungu umugisha; ni bitirirwe izina ryanje, n’irya sogokuru Aburahamu n’irya data Isaka; barakarondoka, babe benshi cane mw isi.
17
Maze Yosefu abonye yuko se arambitse ikiganza ciwe c’i buryo ku mutwe wa Efurayimu, biramubabaza; aterura ukuboko kwa se, ngw agukūre ku mutwe wa Efurayimu, agushire ku wa Manase.
18
Yosefu abarira se, at’ Oyaye muvyeyi, s’uko: uyu ni we mfura, ba ari we urambika ikiganza c’i buryo ku mutwe.
19
Se aranka, ati Ndabizi mwananje, ndabizi: uwo na we azohinduka ubgoko, bitayekw azoba agakomeye; yamara murumuna we azomurusha, kand’ uruvyaro rwiwe ruzohinduka amahanga menshi.
20
Abahezagira kur’ uwo musi, at’ Abisirayeli iyo bahezagirana, bazovuga kuri mwebge, bat’ Imana irakakugira nka Efurayimu na Manase. Na ho nyene yabanje Efurayimu ataravuga Manase.
21
Isirayeli abarira Yosefu, at’ Ehe ngiye gupfa: arikw Imana izobana namwe, izobasubiza mu gihugu ca ba sogokuruza banyu.
22
Kand’ umusozi w’i Shekemu ndawuguhayek’ ubuheta muri bagenzi bawe, uwo nanyagishije Abamori inkota yanje n’umuheto wanje.
← Chapter 47
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 49 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50