bible
ra
🌐 Language
English
Español
Français
Deutsch
Português
Italiano
Nederlands
Русский
中文
日本語
한국어
العربية
Türkçe
Tiếng Việt
ไทย
Indonesia
All Languages
Home
/
Kirundi
/
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
/
Genesis 17
Genesis 17
Kirundi (Bibliya Yera 1951, 1967 (Burundi))
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 18 →
1
Aburamu amaze imyaka mirongwicenda n’icenda, Uhoraho aramubonekera, aramubarira, ati Ni jewe Mana Ishobora vyose; uhore ugendera imbere yanje, kand’ utungane rwose.
2
Nanje ngusezeraniye isezerano, nzokugwiza cane.
3
Aburamu arapfukama, arūnama, Imana iramubgira,
4
iti Rāba jewe ubganje ndagusezeraniye isezerano: uzoba sekuruza w’amahanga menshi.
5
Kandi ntucitwa Aburamu ukundi, arik’ uzokwitwa Aburahamu; kuko nkugize sekuruza w’amahanga menshi.
6
Kandi nzoguha kurondoka cane, nzotuma amahanga agukomōkako, n’abami bazokwandurukako.
7
Kandi nshinze isezerano ryanje ngusezeraniye, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, ribe isezerano ridashira, kugira ngo nkubere Imana, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma.
8
Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.
9
Imana itakw ibarira Aburahamu, iti Nawe uz’ ushitse isezerano ryanje, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.
10
Iri ni ryo sezerano ryanje muzokwama mushitsa, riri hagati yanje namwe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma: izinamuhungu wese muri mwebge az’ akebge.
11
Muze mukebge ku munwa w’ico mwambariye; kizoba ikimenyetso c’ isezerano riri hagati yanje namwe.
12
Ūmaze imisi munani avutse az’ akebge, izinamuhungu wese, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, ar’ ūvukiye mu rugo rwawe, ar’ uwo waguze n’umunyamahanga amahera, atākomōtse mu ruvyaro rwawe.
13
Ūvukiye mu rugo rwawe n’ uwo waguze amahera, bakwiye gukebga; kand’isezerano ryanje rizoba ku mibiri yanyu, ribe isezerano ridashira.
14
Kandi ni hagira izinamuhungu atākebge ku munwa w’ico yambariye, az’ arandurwe mu bgoko bgabo: kukw azoba yishe isezerano ryanje.
15
Imana ibarira Aburahamu, iti Sarayi umugore wawe ntube ukimwita Sarayi ukundi, arik’ uz’ umwite Sara.
16
Nzomuha umugisha, nteko nguhe umwana kuri we: ni koko nzomuha umugisha, kand’azoba inakuruza w’amahanga; abami b’amoko bazokomōka kuri we.
17
Maze Aburahamu arapfukama, arūnama aratwenga, yivuganiriza mu mutima, ati Mbeg’ umwana yovyarwa n’ūmaze imyaka ijana? Na Sara amaze imyaka mirongwicenda yoba akivyara?
18
Aburahamu abgira Imana, at’ Icompa Ishimayeli agakomera, akaba imbere y’inyonga zawe!
19
Imana iramwishura, it’ Oya, ariko kuri Sara umugore wawe ni ho uzovyara umwana. Kand’ uz’ umwite Isaka; nanje nzokomeza isezerano ryanje na we, ngo ribe isezerano ridashira ku ruvyaro rwiwe ruzovuka hanyuma.
20
Kandi no ku vya Ishimayeli ndakwumviye: rāba ndamuhaye umugisha, kandi nzomuha kurondoka, ndamugwize cane; azovyara abatware cumi na babiri, kandi nzomuhindura ubgoko bukomeye.
21
Ariko, isezerano ryanje nzorikomeza na Isaka, uwo muzovyarana na Sara mu gihe nk’iki c’ umwaka utaha.
22
Imana ihejeje kuvugana na we, ica iradūga, iva aho Aburahamu ari.
23
Aburahamu aca ajana Ishimayeli umwana wiwe, bo n’abanyarugo bose bāvukiye i we, n’abo yaguze amahera bose, izinamuhungu wese mu bo mu rugo rwiwe, abakeba kur’ iryo zuba nyene, nk’ukw Imana yamubariye.
24
Aburahamu yar’ amaze imyaka mirongwicenda n’icenda igihe yakebga.
25
Ishimayeli umuhungu wiwe na we yar’ amaze imyaka cumi n’itatu igihe yakebga.
26
Aburahamu akebanwa na Ishimayeli umuhungu wiwe ku zuba rimwe.
27
N’abanyarugo biwe bose, ar’ abavukiyeho, ar’ abo yaguze n’abanyamahanga amahera, bakebanwa na we.
← Chapter 16
Jump to:
Chapter 1
Chapter 2
Chapter 3
Chapter 4
Chapter 5
Chapter 6
Chapter 7
Chapter 8
Chapter 9
Chapter 10
Chapter 11
Chapter 12
Chapter 13
Chapter 14
Chapter 15
Chapter 16
Chapter 17
Chapter 18
Chapter 19
Chapter 20
Chapter 21
Chapter 22
Chapter 23
Chapter 24
Chapter 25
Chapter 26
Chapter 27
Chapter 28
Chapter 29
Chapter 30
Chapter 31
Chapter 32
Chapter 33
Chapter 34
Chapter 35
Chapter 36
Chapter 37
Chapter 38
Chapter 39
Chapter 40
Chapter 41
Chapter 42
Chapter 43
Chapter 44
Chapter 45
Chapter 46
Chapter 47
Chapter 48
Chapter 49
Chapter 50
Chapter 18 →
All chapters:
1
2
3
4
5
6
7
8
9
10
11
12
13
14
15
16
17
18
19
20
21
22
23
24
25
26
27
28
29
30
31
32
33
34
35
36
37
38
39
40
41
42
43
44
45
46
47
48
49
50